Loading...
Larger font
Smaller font
Copy
Print
Contents
Ivyakozwe N'intumwa - Contents
  • Results
  • Related
  • Featured
No results found for: "".
  • Weighted Relevancy
  • Content Sequence
  • Relevancy
  • Earliest First
  • Latest First
    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents

    Ikigabane ca 51: Umwungere W'umwizigirwa

    Iki Kigabane Gishimikiye kw'Ikete rya Mbere rya Petero

    Ni bike bivugwa mu gitabo c'Ivyakozwe n'Intumwa ku vyerekeye igikorwa intumwa Petero yakoze mu nyuma. Mu myaka y'ibikorwa vy'urutavanako yakurikiye isukwa rya Mpwemu Yera ku musi wa Pentekote, yari muri muri ba bandi bakoze batiziganije ngo bashikire Abayuda baje i Yerusalemu gusenga rhu gihe c'amasabukuru y'umwaka. Ubwo igitigiri c'abizera ciyongera i Yerusalemu no mu bindi bibanza vyagendewe n'intumwa z'umusaraba, italanto za Petero zagaragaje agaciro kadasanzwe kw'ishengero rya mbere rya Kristo. Igikorwa ciwe co gushingira intahe Yesu Umunyanazareti cageze kure kandi kiba kinini. Yari yashinzwe amabanga abiri. Yashingira intahe Mesiya imbere y'abati2era, akora atiziganya ngo abemeze ubutumwa bwiza; kandi hamwe n'ivyo yakoreye igikorwa gitangaje abizera, abakomeza mu kwizera Kristo.IN 268.3

    N'igihe Petero yari amaze gushika ku kwiyanka n'ukwisunga ubushobozi» bw'Imana, yahamagariwe gukora nk'igisongerezi c'umwungere. Kristo yari yabwiye Petero, imbere y'uko amwihakana, ati «Nawe niwamara guhinduka, Uz'uremeshe bagenzi bawe.» Aya majambo yasobanura igikorwa kinini kandi gihambaye iyi ntumwa izokora muri kazoza ku bwo abantu bazokwizera. Ku bwo iki gikorwa, ubuzinia bwa Petero bw'icaha n'umubabaro no kwihana vyari vyamuteguye. Ntiyashobora gutahura ko abizera bakeneye kwisunga Kristo, ataratahura intege nke ziwe. Mu mikuba y'ikigeragezo, yashoboye gutahura ko umuntu ashobora kugira uniutekano mu gihe yirinze ukwiyemera, kandi akishimikiza rwose ku Mukiza. Mw'ikoraniro rya nyuma rya Kristo n'abigishwa biwe ku kiyaga, Petero, amaze gusuzumwa n'iki kibazo incuro zitatu, «Urankunda ?» (Yohana 21:15-17), yari yasubijwe mu kibanza ciwe muri bamwe cumi na babiri. Igikorwa ciw'e yari yaceretswe; yategerezwa kugaburira ubusho bw'Umwami. Ubu rero amaze guhinduka n'ukwemerwa, ntiyasabwa gusa gukiza iziri hanze y'umukuku, ahubwo yasabwa n'ukuba umwungere w'intama.IN 269.1

    Kristo yabajije Petero ikintu kimwe gusa ngo yemererwe gukora- «Urankunda?» Iki nico kintu nyamukuru gisabwa. Naho Petero yoba akwije ibindi, adakunda Kristo ntiyashobora kuba umwungere w'umwizigirwa wo kuragira umukuku w'lmana. Ubumenyi, ukwitanga, kumenya kuvuga, umwete-ivyo vyose birahambaye mu gikorwa ciza; ariko ata rukundo rwa Kristo mu mutima, igikorwa c'umukozi wa Kristo ntikirama. Urukundo rwa Kristo si ikintu wiyumvamwo gusa, ahubwo ni itegeko ngenderwako ry'ubuzima ritegerezwa kwigaragaza nk'ubushobozi buri mu mutima. lyo kamere n'inyifato y'umwungere bibaho bigaragaza ukuri ahagarariye, Umwami Imana azoshirako igikumu yemere ico gikorwa. Umwungere n'umukuku bazoba unnve, bafatanijwe n'ivyizigiro biniwe muri Kristo. Uburyo Umukiza yifashe mu migenderanire yiwe na Pelero bwari bugendereye kumwigisha no kwigisha bene Se. Naho Petero yari yihakanye Umwami wiwe, urukundo Yesu yari amufitiye ntigwigeze rutituka. Kandi ubwo iyo ntumwa yategeiezwa kubandanya igikorwa co kwigisha abandi, imbere y'abanyavyaha yasabwa kugaragaza ukwihangana, impuhwe, n'urukuncio rubabarira. Yibutse intege nke n'ikosa ryiwe ubwiwe, yategerezwa gufata intama ajejwe n'urukundo nk'urwo Kristo yari yamugiriye.IN 269.2

    Abana b'abantu, nabo ubwabo bahengamiye gukora ivyaha, kenshi na kenshi ntibereka ubugwaneza abari mu bigeragezo no mu vyaha. Ntibashobora gusoma mu mutima; ntibazi intambara n'imibabaro yabo. Bategerezwa kwiga gukankamira mu rukundo, gukubita ikoni ikomeretsa ariko igakiza, kugabisha rnu majambo y'ivyizigiro. Mu gikorwa ciwe, Petero yaragiye umukuku yabikijwe, kandi gutyo yerekanye ko abereye igikorwa n'ibanga yahawe n'Umukiza. Yamye na ntaryo ashira hejuru Yesu Umunyanazareti nk'ivyizigiro vya Isirayeli, Umukiza w'abantu. Ubuzima bwiwe yabutegetse kwisunga Shebuja. Mu buryo bwose bushoboka yagerageje kwigisha abizera gukora. Akarorero kiwe ko kwubaha Imana n'ugukora adahumeka kafashije abasore benshi kwihebera igikorwa co kuvuga ubutumwa. Ubwo imisi yahera, niko ububasha bw'iyo ntumwa nk'umwigisha n'umurongozi bwiyongera; kandi naho atibagira umutwaro wiwe wo gukorera Abayuda, yashinze intahe mu bihugu vyinshi kandi akomeza ukwizera kwa benshi mu butumwa bwiza.IN 270.1

    Mu myaka ya nyuma y'igikorwa ciwe, Petero yahumekewe kwandikira abizera «basanzariye i Ponto n'i Galatiya n'i Kapadokiya no muri Asiya n'i Bituniya.» Amakete yiwe yari agendereye kuremesha no gukomeza ukwizera kw'abari mu mageragezwa n'imibabaro, no gukangurira gukora ibikorwa vyiza vy'abo, kubwo ibigeragezo bari mu kaga ko kwibagira kwumira ku Mana. Ayo makete yerekana ko yanditswe n'umuntu imibabaro ya Kristo n'uguhoza kwiwe vyari vyaragwiriye muri we ; umuntu ubuzima bwiwe bwose bwari barahinduwe n'ubuntu, kandi yari afise ivyizigiro bidahungabana vy'ubugingo budashira. Mu ntango y'ikete ryiwe rya mbere uwo musuku w'Imana ageze mu zabukuru arahayagiza kandi agashima Umwami Imana: «Imana y'Umwami wacu Yesu Kristo, ari yo SE, iragahezagirwa,» niko avuga, «yatuvyaye ubwa kabiri nk'uko imbabazi zayo nyinshi ziri, kugira ngo tugire ivyizigiro bizima, ituvyaza ukuzuka mu bapfuye kwa Yesu Kristo, ngo tuze twegukire umwandu utazobora, utanduye, udakabirana, mwabikiwe mw'ijuru, mwebwe abazigamwa n'ubushobozi bw'Imana kubw'ukwizera, muzigamirwa agakiza kateguwe kuzohishurwa mu gihe c'iherezo.»IN 270.2

    Ku bwo ibi vyizigiro bizima vyo kuzoragwa isi yagizwe nsha, Abakristo ba mbere baranezerwa, mbere no mu bihe bigoye kandi vy'akababaro. «Ivyo mubinezererwe cane,» ni ko Petero yanditse, «naho ubu ari igihe gito mubabazwa n'ibibagerageza vyinshi, kuko bitobur?. kuza: kugira ngo kurama kw'ukwizera kwanyu, kurusha igiciro izahabu ishira, nah'ivugutirwa mu muriro, kuze kuboneke kuri n'ishimwe n'ubwiza n'icubahiro mu guhishurwa kwa Yesu Kristo: uwo muramukunda naho mutigeze kumubona, . . . bibatera kunezerwa akanyamuneza k'ubwiza katovugwa, muhabwa ikizanwa nukwizera kwanyu, ni co gakiza k'ubugingo bwanyu.»IN 270.3

    Amajambo y'iyo ntumwa yandikiwe kwigisha abizera bo mu bihe vyose, kandi afise agaciro kadasanzwe ku bariho mu gihe «iherezo ry'ibintu vyose ryashitse.» Impanuro no kugabisha vyiwe, n'amajambo yiwe y'ukwizera - no kuremesha; akenewe n'umuntu wesa azozigama ukwizera kwiwe «gushitsa kw'iherezo,» Abaheburayo 3:14.IN 271.1

    Iyo ntumwa yashaka icwigisha abizera ingene ari ikintu gihambaye kurinda ivyiyumviro kuzimirira mu bintu vyabuzanijwe canke gutakaza inkomezi zabo mu bintu bitagira ikimazi. Abatifuza kuba inyagano z'ubuhendanyi bwa Satani, bategerezwa kurinda neza inzira z'umutima wabo; bategerezwa kwirinda gusoma, kuraba canke kwumva ibintu vyobosha ivyiyumviro vyanduye. Ubwenge butegerezwa kwirinda ikintu cose umurwanizi yobukwegakwegesha. Umutima utegerezwa kurindwa neza, bitabaye bityo ibibi vyo hanze bizovyutsa ivyo imbere, maze umuntu adobere mu mwiza. «Nuko rero mukenyere mu mitima yanyu, mwirinde ibiboreza, mwizigire rwose ubuntu muzozanirwa mu kuzohishurwa kwa Yesu Kristo;...ntimwishushanye n'ukwifuza kwanyu kwa kera kwo mu gihe c'ukutamenya kwanyu: ariko, nk'uko iyabahamagaye ari iyera, namwe abe ariko muba abera mu ngeso zanyu zose; kuko vyanditswe, ngo Mube abera; nk'uko nanje ndi uwera.» «Mumare igihe co kubaIN 271.2

    inyambukira mutinya: muzi yuko ivyo mwacungujwe ngo muve mu ngeso zanyu z'imburakimazi mwatojwe na ba sogokuruza atari ibishira, nk'ifeza, izahabu, ariko mwacungujwe amaraso y'igiciro kinini, nk'ay'umwagazi w'intama utagira agasembwa canke ibara, ni yo ya Kristo: uwo yamenywe n'Imana kera, itanguriro ry'isi ritarashirwaho, ariko yerekanywe kw'iherezo ry'ibihe ku bwanyu, mwebwe abo yahaye kwizera Imana, ni yo yamuzuye mu bapfuye ikamuha ubwiza; ni co gituma ukwizera kwanyu n'ivyizigiro vyanyu biba mu Mana.»IN 271.3

    Iyaba ifeza n'izahabu vyari bihagije kugura agakiza, ibaze ingene vyari kworohera uwuvuga ati, «Amafeza ni ayanje, n'amazaliabu ni ayanje.» Hagayi 2:8. Ariko amaraso y'agaciro y'Umwana w'Imana yonyene ni yo yashobora gucungura umunyavyaha. Umugambi w'agakiza washinzwe mu kwitanga. Intumwa Paulo yanditse iti, «Kuko muzi ubuntu bw'Umwami wacu Yesu Kristo, yuko naho yari umutunzi, yahindutse umworo ku bwanyu, kugira ngo ubworo bwiwe bubatungishe.» 2 aAb'i Korinto 8:9. Kristo yitanze ku bwacu ngo adukize ikigabitanyo cose. Kandi nk'umuhezagiro ntangere w'agakiza, «ingabire y'Imana ni ubugingo budashira, bubonerwa muri Kristo Yesu Umwami wacu.» Abaroma 6:23. Petero arakomeza avuga ati, «Nuko rero, ko mwejesheje imitima kwumvira ukuri, kugira ngo mukunde bene Data bitari uruheyiheyi, mukovye mu gukundana bivuye mu mitima.» Ijambo ry'Imana-ukuri-ni umuringoti Umwami Imana agaragarizamwo Mpwemu wiwe w'ubushobozi. Kwumvira iryo jambo bizana ivyamwa» bikenewe- urukundo rwa bene Data rutagira uburyarya.» Urukundo nk'urwo ruva mw'ijuru, kandi rutuma umuntu yiyumwira ivyo hejuru kandi agakora ibikorwa bitarimwo ukwikunda. Iyo urukundo rugizwe itegeko ngenderwako ry'ubuzima, umuntu «aba avutse ubwa kabiri, atavyawe n'imbuto ibora, ahubwo avyawe n'imbuto itabora, abiheshejwe n'ijambo ry'Imana ririho rigahoraho.» Uku kuvyarwa ubwa kabiri kuva ku kwakira Kristo nk'Ijambo ry'Imana. Iyo ku bwa Mpwemu Yera ukuri kw'Imana kwanditswe mu mutima, ivyiyumviro bisha biravyuka, kandi inkomezi zari zarasinziriye zirikangura zigakorana n'Imana.IN 271.4

    Uku ni ko vyagendeye Petero n'abigishwa bagenziwe. Kristo ni we yahishurira ukuri abari mw'isi. Ni we yabivye imbuto itabora-ijambo ry'Imana-mu mitima y'abantu. Ariko inyigisho z'agaciro kanini z'uwo Mwigisha w'Agakura zabwiwe abantu batazitahuye. Igihe yari amaze kuduga mw'ijuru, Mpwemu Yera yibukije abigishwa inyigisho ziwe, ubwenge bwabo bwari mw'itiro buca burikangura. Ubusobanuro bw'aya majambo bwinjiye mu bwenge bwabo nk'ihishurirwa risha, maze ukuri, gutyoroye kandi kutanduye, kwironkera ikibanza. Nuko rero ibitangaza vyabaye mu buzima bwiwe bihinduka ivyabo. Ijambo ryashingira intahe muri bo, abantu yari yaritoranirije, kandi bamamaje ukuri guhambaye bati, «Uwo Jambo yihaye umubiri, abana na twe, . . . yuzuye ubuntu n'ukuri.» «Kandi ibibogaboga muri we ni vyo twahaweko twese, n'ubuntu bugerekeranye n'ubundi.» Yohana 1:14,16.IN 272.1

    Iyo ntumwa yingize abizera kwiga Ivyanditswe Vyera, mu gutahura neza ivyo bategerezwa kugira ijambo ryamaho ibihe bidashira. Petero yatahuye ko mu buzima bw'umuntu wese azotsinda kw'iherezo hazoba ingorane n'amageragezwa; ariko yari azi kandi ko gutahura Ivyanditswe Vyera bizoshoboza uwuri mu bigeragezo kwibuka amasezerano azohumuriza umutima kandi agakomeza ukwizera Iyishobora vyose. Yavuze ati, «Abafise umubiri bose basa n'ivyatsi, kandi ubwiza bwabo bumeze nk'amashurwe y'ivyatsi. Ivyatsi biruma, amashurwe arahunguruka: ariko ijambo ry'Uhoraho ryamaho ibihe bidashira. Kandi iryo niryo jambo ry'ubutumwa bwiza twabwiwe. Nuko rero mwiyambure inzigo yose n'ubwenge bwose n'uburyarya n'ishari no kuvuga abandi nabi kwose, mumere nk'inzoya zivutse vuba, mwifuze amata y'umutima adafunguye, kugira ngo abakuze: abashitse ku gakiza, asangwa mwarayumvirije mukumva yuko Umwami wacu agira neza.»IN 272.2

    Benshi mu bizera Petero yandikiye amakete yiwe, harimwo ababa hagati y'abapagani, kandi vyose vyari bihagaze ku kuntu bazoguma ari abizigirwa ku muhamagaro w'ukwizera kwabo. Iyo ntumwa yabasiguriye imigisha bafise yo kuba abigishwa ba Kristo Yesu. «Ariko mweho muri ubwoko bwatoranijwe,» niko yanditse avuga, «abami n'abaherezi, muri ihanga ryera, abantu bashiriweho kuba inyegu yiharije, kugira ngo mukwize ishimwe ry'Iyabahamagaye, ikabakura mu mwiza, ikabashitsa mu muco wayo utangaje: kera nta bantu mwarimwo, ariko noneho muri abantu b'Imana. Kera ntimwaribwagirirwe imbabazi, ariko noneho mwarazigiriwe.«Abo nkunda, ndabinginga, ko muri inyambukira n'ingenzi mwirinde ivyifuzo vy'umubiri birwanya ubugingo; mugire ingeso nziza mu mahanga, kugira ngo, no ku vyo babavuga nabi nk'inkozi z'ibibi, ibikorwa vyanyu vyiza babona bize bitume bahimbaza Imana ku musi ibagendeye.»IN 272.3

    Iyo ntumwa yerekanye neza inyifato abizera bategerezwa kugira imbere y'abategetsi b'igihugu: «Kubwo Umwami wacu, ubukuru bwose bwashizweho n'abantu mubugamburukire: ari umwami, kuko ari we gaheta; canke abakuru, kuko ari bo atuma guhana inkozi z'ibibi no gushima inkozi z'ivyiza. Ku ko ivyo Imana igomba ari uko ugukora neza kwanyu kuba agahomerabunwa ku bantu b'imburabwenge batagira ico bazi: ngo mube nk'abidegemvya, ariko atari ukugira umwidegemvyo wanyu igitwikirizo c'inzigo, ariko mube abagurano b'Imana. Mwubahe abantu bose; mukunde bene Data; mutinye Imana; mwubahe umwami.»IN 273.1

    Abari abagurano bahanuwe kuguma ari abizigirwa kuri ba shebuja «mububashe rwose, atari ababagirira neza n'ababihanganira gusa, ariko n'abadadika. «Kuko igishimwa,» iyo ntumwa irasobanura, «umuntu namba ahanuwe n'ijwi ryo mu mutima gukora ivyo Imana igomba, yokwihanganira imibabaro ahowe ubusa. Mwokwihanganira gukubitwa ibipfunsi muhowe icaha, mwokwihaya iki? Ariko mwokwihanganira kubabazwa muhowe gukora neza, ivyo ni vyo mwahamagariwe, kuko na Kristo yabababarijwe, akabasigarana icitegererezo, kugira ngo mugere ikirenge mu ciwe: We ata caha yakoze, kandi nta bugunge bwabonetse mu kanwa kiwe: yaratutswe, ariko ntiyabasubiza; yarababajwe, ntiyabahigira; ariko yiha Iyidaca urwa nkunzi: Ubwiwe yikoreye ivyaha vyacu mu mubiri wiwe, abambwe ku giti, kugira ngo dupfuye ku vyaha tubeho ku kugororoka: inguma ziwe ni zo zabakijije. Kuko mwari mwarazimiye, nk'intama, ariko noneho mugarutse ku Mwungere w'ubugingo bwanyu, ari we nyene abujejwe.» Iyo ntumwa yahknuye abagore b'abizera kugira imvugo ityoroye n'ukwigerera mu kwambara no mu gushaza. Yabahanuye ati, «Ugushaza kwanyu ntikube ukwo ku rukoba kwo gutsiba umushatsi, canke ukwo kwambara izahabu canke ukwo kwambara impuzu nziza; ariko kube uko umuntu ahishijwe mu mutima, ugushaza kudashira, ni kwo mutima w'ubugwaneza utekereje, ni kwo kw'igiciro kinini imbere y'Imana.»IN 273.2

    Iki cigwa kiraba abantu bo mu binjana vyose. «Muzobamenyera ku vyo bama.» Matayo 7:20. Ugushaza kwo mu mutima kw'ubugwaneza n'ugutekereza, gufise agaciro k'indenzarugero. Mu buzima bw'Umukristo w'ukuri ugushaza kwo hanze kwama na ntaryo kujanye n'umutima utekanye kandi wejejwe. «Umuntu ni yagomba kunkurikira,» ni ko Kristo yavuze, «ni yiyanke, yikorere umusaraba wiwe, ankurikire.» Matayo 16:24. Kwiyanka n'ukwitanga bizogaragaza Ubuzima Rukristo. Icemezo ko ivyifuzo vyahindutse bizobonekera mu nyambaro z'abagendera mu nzira yaciriwe uwaguzwe n'Umwami. Ni vyiza gukunda ibiteye igomwe kandi ni vyiza; ariko kandi Imana yifuza ko twokunda kuruta vyose ubwiza buruta ubundi, bwa bwiza butabora. Nta bwiza bwo ku mubiri bwonganya agaciro n'ubutore «n'umutima w'ubugwaneza kandi utekanye,» «impuzu nziza zera derere kandi zitanduye»IN 274.1

    (Ivyahishuwel9:14), aberanda bo mw'isi yose bazokwambara. Uwo mwambaro uzobagira beza kandi bakundwa hano, kandi kw'iherezo uzobabera ikimenyetso kibaha uburenganzira bwo kwinjira mu kirimba c'Umwami. Isezerano ryiwe ni iri, «Bazogendana nanje bambaye impuzu zera: kuko bibabereye.» Ivyahishuwe 3:4.IN 274.2

    Aravye imbere n'amaso y'abavugishwa akabona ibihe vy'akaga ishengero rya Kristo rizokwinjiramwo, iyo ntumwa yahanuye abizera gushikama mu mageragezwa n'imibabaro. Yanditse ati, «Abo nkunda, umuriro uri hagati yanyu wo kubagerageza ntubatangaze, nk'uko mubonye akatabonetse.»Amageragezwa ari nju bigize indero itangwa mw'ishure rya Kristo, ngo bityorore abana b'Imana bibakureko imyanda y'isi. Amageragezwa ashikira abana bayo kubera Imana iriko irabayobora. Amageragezwa n'intambamyi ni uburyo bwiwe yatoranije yo kubatoza indero, n'inzira yatoranije zo kubashikana ku ntsinzi. Uwusoma mu mitima y'abantu arazi intege nke zabo kuruta uko biyizi. Abona ko bamwe bafise ubushobozi, buyobowe neza, bwoshobora gukoreshwa mu guteza imbere igikorwa cayo. Mu burongozi bwayo izana abo bantu mu bibanza n'ibihe bitandukanye, ngo batahure utugeso tubi batazi. Ibaha akaryo ko gutsinda utwo tugeso, ikabafasha kuba ababereye igikorwa cayo. Kenshi Irareka imiriro y'imibabaro ikaka,kugira ngo batyororwe.IN 274.3

    Imana yama na ntaryo izigama iragi ryayo. Ntiyemera ko imibabaro ishikira abana bayo, kiretse iyikenewe ku bwo ineza yabo yo muri iki gihe n'iyo mu bihe bidashira. Izotyorora ishengero ryayo, nk'uko Kristo yahumanuye urusengero igihe yakorera kw'isi. Ivyo yemera vyose ko bishikira abantu bayo mu buryo bw'ikigeragezo canke amakuba bigendereye kubafasha gushika ku kwubaha Imana kwimbitse kandi gukomeye ngo bashobire kujana imbere intsinzi z'umusaraba. Hari igihe mu buzima bwiwe Petero yigeze kwanka kubona umusaraba mu gikorwa ca Kristo. Igihe Umukiza yamenyesha abigishwa imibabaro yiwe n'urupfu vyari vyegereje, Petero yamiye kure ati «Ntibikaze, Mwami: ntibize bikubeko na gato.» Matayo 16:22. Kubona inzira ya Kristo yategerezwa guca mu gahinda n'agakengerwe - vyatwaye umwanya muremure uwo mwigishwa kugirango amwemere. Ariko hagati muri iryo tanure yategerezwa kwiga ico cigwa. Noneho, bwa bwira bwiwe bwo gukora bumaze gucinyizwa n'ubusaza n'ibikorwa, yashoboye kwandika, ati «Abo nkunda, umuriro uri hagati yanyu wo kdbagerageza ntukabatangaze, nk'aho mubonye akatabonetse: ariko munezerezwe n'uko mufatanije n'imibabaro ya Kristo; kugira ngo no mu gihe co guhishurirwa kw'ubwiza bwiwe muze munezerwe muhimbarwe.»IN 274.4

    Igihe yavugana n'abakuru b'amashengero ivyerekeye amabanga bajejwe nk'abungere b'ibisongerezi b'umukuku wa Kristo,iyo ntumwa yanditse iti, «Muragire ubusho bw'Imana bwo muri mwebwe, mutaburagira nk'abagoberewe, ariko mubikunze; ntimuburagirishwe no kurondera inyungu mbi, ariko muburagire mushize igikonyo; ntimuragire nk'abatwaza amanyama amasho mwagabanganirijwe, ariko mube ivyitegererezo vy'ubusho. Nuko umwungere Mukuru ni yerekanwa, muzokwambikwa mu mitwe igitsibo c'ubwiza kitazoshira.»IN 275.1

    Abahawe kuba abungere b'ibisongerezi basabwa kuyobora neza ubusho bw'Umwami. Ibi ntibisobanura gutwaza igitugu, ahubwo ni ukubatera intege no kubakomeza no kubaremesha. Igikorwa c'Imana kirengeye amajambo y'insiguro; bisobanura igikorwa c'ubwizigirwa ku mu ntu bwite. Ishengero kw'isi rigizwe n'abagabo n'abagore bakora amakosa, bakeneye ukwihangana, akigoro mu mibabaro kugira ngo bigishwe kandi batozwe indero yo gukora bemewe muri ubu buzima, no mu buzima buzoza bakazoronka urugori rw'ubwiza n'ukudapfa. Abapasitori barakenewe-abungere b'intungane-batazokuyakuya abana b'Imana, batabaturubika, ariko bazobagaburira umutsima w'ubugingo-abantu mu buzima bwabo bumva buri musi ubushobozi bwa Mpwemu Yera kandi bafitiye urukundo rukomeye, rutikunda, abo bakorera.IN 275.2

    Hari igikorwa gikeneye ubwenge ku mwungere, co gukora nk'uko yahamagariwe, kwemera agakengerwe, urwanko, ukwifuza n'ishari mw'ishengero, kandi azokenera gukora nka Kristo ngo atunganye ibintu vyose. Kugabisha ata guca iruhande birakenewe, ivyaha bitegerezwa gukankamirwa, amakosa agakosorwa, atari ku bwo igikorwa c'umuvugabutumwa ku ruhimbi, ahubwo ni igikorwa ca buri muntu wese. Umutima ukomantaye ushobora gufata ubu butumwa uko butari, maze umusuku w'Imana agatahurwa nabi canke akavugwa nabi. Ni yibul.e ko «ubwenge buva mw'ijuru, irya mbere buratunganye, kandi ni ubwo amahoro, burengenga, bukunda kugirwa inama, bwuzuye imbabazi n'imbuto nziza, ntibukekeranya, ntibugira uburyarya. Kandi imbuto zo kugororoka nzibibwa mu mahoro n'ababanguranya.» Yakobo 3:17,18.IN 275.3

    Igikorwa c'ubutumwa bwiza ni «guserurira bose ububwiriza bw'ibanga ubwo ari bwo, ryari rihishijwe, uhereye kera hose, mu Mana.» Abanyefeso 3:9. Umuntu ni yinjira muri iki gikorwa agahitamwo akigoro ko kwitanga gato, akishinga gusigura gusa, hanyuma igikorwa co kugendera abantu akakiremeka uwundi muntu, Imana ntizokwemera ibikorwa vyiwe. Imitima Kristo yapfiriye iriko irahona ku bwo kubura abantu bakora igikorwa co gusanga abantu; kandi yafashe minenegwe umuhamagaro wiwe, mu kwinjira mu gikorwa c'ivugabutumwa, akanka gukora igikorwa ubusho bukeneye co kubasanga iyo bari.IN 276.1

    Umutima w'umwungere w'ukuri ni uwo kwiyibagira. Ariyibagira kugira ngo akore ibikorwa vyTmana. Mu kuvuga ijambo ry'Imana no gukorera mu ngo z'abantu, atahura ivyo bakeneye, agahinda kabo, amageragezwa yabo; kandi, afatanije na wa wundi Mukuru mu kwikorera imitwaro, asangira nabo imibabaro yabo, akabaremesha mu kaga kabo, akamara inzara, maze akazana imitima yabo ku Mana. Muri iki gikorwa, umuvugabutumwa afashwa n'abamarayika bo mw'ijuru, kandi nawe nyene amurikirwa mu gutahura ukuri ngo aronke ubwenge bushikana ku gakiza. Mu vyo yahanuye abashinzwe igikorwa co kubungabunga ishengerc, iyo ntumwa yatanze ingingo ngenderwako zategerezwa gukurikizwa n'abantu bose bagize umuryango w'ishengero. Abakiri bato bo mu busho bategerezwa gukurikiza akarorero k'abakurambere babo mu kwicisha bugufi nka Kristo: «Namwe bukungu, mugamburukireIN 276.2

    abashingantahe. Mwese mukenyere ukwicisha bugufi kugira ngo mukorerane: kuko Imana irwanya abibona, ariko abicisha bugufi ikabaha ubuntu. Nuko mwicishe bugufi muri musi y'ukuboko kw'ubushobozi, kugira ngo ize ibashire hejuru mu gihe gikwiye: muyikorere amaganya yanyu yose, kuko ibababara. Mwirinde ibiboreza, mwame mugavye: umurezi wanyu, ari we wa Murwanizi, agendagenda nk'intambwe yivuga, arondera uwo arotsa: mumurwanye mufise ukwizera gushikamye.»IN 276.3

    Gutyo rero Petero yandikiye abizera mu gihe c'amageragezwa adasanzwe kw'ishengero. Benshi bari bamaze gusangira imibabaro ya Kristo, kandi bidatevye ishengero ryari rigiye guca mu gihe c'agahamo gateye ubwoba. Mu myaka mike yari imbere benshi mu bari bahagaze nk'abigisha n'abarongozi mw'ishengero bategerezwa gutanga ubuzima bwabo ku bwo ubutumwa bwiza. Bidatevye amabingira y'inkazi atababarira umukuku yari yiteguye kwinjira. Ariko nta na kimwe muri ivyo vyategerezwa guca intege abashize ivyizigiro vyabo muri Kristo. Mu majambo yo kuremesha guhumuriza, Petero yayoboye ivyiyumviro vy'abizera abivana ku marushwa n'imibabaro izoza, abijana «kw'iragi ritabora, kandi ritanduye, kandi ridashira.» «Kandi Imana igira ubuntu bwose,» ni ko yasenze ashimitse, «yabahamagariye ubwiza bwayo budashira muri muri ICristo, ni nwaheza kubabazwa akanya galo, izobahisha, ibahe inkomezi. Ububasha bube ubwayo ibihe bitazoshira. Amen.»IN 276.4

    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents