Loading...
Larger font
Smaller font
Copy
Print
Contents
Ivyakozwe N'intumwa - Contents
  • Results
  • Related
  • Featured
No results found for: "".
  • Weighted Relevancy
  • Content Sequence
  • Relevancy
  • Earliest First
  • Latest First
    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents

    Ikigabane ca 8: Imbere Ya Sentare Nkuru Y'abayuda

    Iki kigabane gishimikiye ku Vyakozwe n ‘lnlumwa 5:12-42

    Ni umusaraba, iki gikoresho c'isoni n'ihohotera, wazanye ivyizigiro n'agakiza mw'isi. Abigishwa bari abantu biyoroheje, batagira ubutunzi, batagira ikirwanisho kiretse ijambo ry'Imana ; ariko mu nkomezi za Kristo bagiye kuvuga inkuru itangaje y'ubwato bw'inka n'umusaraba, batsinda ababarwanya bose. Naho batari bafise icubahiro c'isi canke ngo bemerwe, bari abahizi b'ukwizera. Mu kanwa kabo havuye amajambo atangaje y'Imana yahindishije isi agashitsi. Muri Yerusalemu, ahari intagondwa kuruta ahandi, aho kandi ivyiyumviro bigoramye ku vyerekeye Kristo yabambwe nk'umunyakibi vyari vyaratse indaro, abigishwa bakomeje kuvuga bashize amanga amajambo y'ubuzima, bereka Abayuda igikorwa n'ibango rya Kristo, ukubambwa kwiwe, izuka ryiwe n'iduga ryiwe mw'ijuru. Abaherezi b'abategetsi baratangaye bumvise intumwa zishinga intahe n'ubushizi bw'amanga, ubushobozi bw'Umukiza yazutse bwari bwamanutse ku bigishwa koko; kandi igikorwa cabo caherekezwa n'ibimenyetso n’ ibitangaza vyongereza buri igitigiri c’ abizera. Mu mayira aho intumwa zategerezwa guca, abantu bazana abarwayi babo «mu nderuzo no ku birago, kugira ngo Petero ni yahaca, naho hoba igitutu ciwe gishike kuri bamwe.» Barahazana n'abasinzikajwe n'impwemu zihumanye. Abantu isinzi barabahundara ko, maze abakize indwara zabo bagashira amajwi hejuru bashima Imana kandi baninahaza izina ry'Umucunguzi.IN 40.2

    Abaherezi n'abategetsi babona ko Yesu ahawe icubahiro kiruta icabo. Abasadukayo, abatemera izuka, bumvise ko Petero avuze ko Kristo yazutse, ishavu riraziriringa, babonye ko ni bareka intumwa kwigisha Umukiza yazutse, n'ugukora ibitangaza mw'izina ryiwe, inyigisho ivuga ko ata zuka rizobaho yoca yiyamirizwa na bose, kandi ko n'idini ry'Absadukayo ryoca rizimangana. Abafarisayo bashavujwe n'ukubona ko inyigisho z'intumwa zigendereye gutitura imihango y'idini ry'Abayuda, n'ugukuraho ibimazi vy'impongano. Gushika ubu utwigoro twose bakoze ngo batuze izo nyigisho nsha twari twabaye impfagusa; ariko noneho Abasadukayo n'Abayuda bafata ingingo ko igikorwa c'abigishwa gitegerezwa guhagarara, kuko cabagiriza urupfu rwa Yesu. Abaherezi buzura ishari, bashorera amaboko ku ntumwa, bazishira mu nzu y'ibohero rya bose.IN 40.3

    Abategetsi b'Abayuda bari barananiwe gushira mu ngiro umugambi Imana yari yarabatoreye nk'ihanga yitoranirije. Abo Uhoraho yari yabikije ukuri berekanye ko batabaye abizigirwa, maze Imana itora abandi ngo bakore igikorwa ciwe. Mu buhumyi bwabo, abo barongozi noneho basutse ico bobo bita ishavu ryera, kuri abo bantu bariko bariyamiriza inyigisho zabo barutisha vyose. Nti bashobora n'ukwemera ko batatahura neza iryo jambo, canke ko basobanuye nabi bongera bakoresha nabi Ivyanditswe. Bifashe nk'abantu bataye umutwe. Bavuga bati, aba bigisha ni ubuhe burenganzira bafise, bamwe muri bo bari abarovyi, bwo guserura inyigisho zitandukanye n'izo bigishije abanyagihugu? Bigira inama yo kurandura ivyo vyiyumviro, mu gufunga abo bariko baravyigisha. Abigishwa nti batewe ubwoba canke ngo bacike intege ku bw'ako gahahazo. Mpwemu Yera yabibukije amajambo Kristo yavuze: Umushumba ntaruta shebuja; namba barampamye, namwe bazobahama ; namba baritondeye ijambo ryanje, n'iryanyu bazoryitondera. Ariko ivyo vyose bazobibagirira babahora izina ryanje, kuko batazi Uwantumye.» «Bazobaca mu masinagogi: kandi igihe kigiye kuza;’ uwuzobica azogira ngo agiriye Imana ikimazi.» «Ivyo ndabibabariye kugira ngo igihe ni cashika, muze muvyibuke ko nanje nabibabwiye.» Yohana 15:20,21; 16:2,4.IN 41.1

    Imana yo mw'ijuru, Nyene inkomezi Segaba w'amahanga, ico kibazo c'ifungwa ry'abigishwa igifata mu minwe, kuko abantu bariko barwanya igikorwa cayo. Maze umumarayika w'Umwami Imana ahengera mw'ijoro yugurura inzugi z'ibohero, abakurayo, abwira abigishwa ati: «Ni mugende, muhagarare mu rusengero, mubarire abantu amajambo yose ya bwa bugingo.» Iri tegeko ryari riteye kubiri n'iryo bari bahawe n'iry'abategetsi b’ Abayuda; ariko intumwa zivuga ziti Ntidushobora kubikora tutarabaza abacamanza ngo baduhe uburenganzira. Imana ibabwira iti Oya, «Ni mugende,» baherako baragftmburuka. «Binjira mu rusengero nko mu mutwenzi, barigisha.» Petero na Yohana bashitse mu bizera bakababwira ingene umumarayika yabacishije hagati y'abasirikare barinda ibohero, abasaba kubandanya igikorwa bari bahagaritse, baratangaye buzura akanyamuneza. Ico gihe umuherezi n'abari kumwe nawe, bobo bari «bahamagaje inama, n'abakuru b'Abisirayeli bose.» Abaherezi n'abategetsi bari bigiriye inama yo kurega abigishwa ngo bagumuye abanyagihugu, no kubagiriza ko bishe Ananiya na Safira, kandi ko biyunze ngo barwanye ububasha bwabo. Bibwira ko abanyagihugu baca bavyemera, bagahohotera abigishwa nk'uko bari bakoreye Yesu. Bari bazi ko benshi mu batakiriye inyigisho za Kristo bari bababajwe n'intwaro y'agahotoro y'Abayuda, kandi barindirana igishika ihinduka. Abaherezi batinya ko abo bantu batanezerewe, ni bemera ukuri intumwa zigisha, bakemera Yesu nka Mesiya, abantu bose bazoca bashavurira abarongozi b'idini, bagaca babagiriza urupfu rwa Kristo. Bafata ingingo zikomeye zo kubuza ko ivyo bintu bishika.IN 41.2

    Igihe batumako za mbohe ngo zirenguke imbere yabo, barumiwe kwumva ko inzugi basanze zugaye neza, abarinzi bahagaze imbere yazo, ariko imbohe ata na hamwe zibarizwa. Bidatevye haza inkuru itangaje ngo: «Erega ba bagabo mwashira mw'ibohero bari mu rusengero bahagaze bigisha abantu. Maz'umukuru w'abarinzi b'urusengero ajana n'abagendanyi, babazana ku neza, kuko batinya abantu ngo ntibabatere amabuye.» Naho intumwa zari zabohowe mu buryo bw'igitangaza, ntibari bakingiwe intahe n'igihano. Kristo yari yarababariye akiri kumwe nabo, «Ariko mwiyubare: kuko bazobashengerana mu manza,IN 42.1

    muzoshishagurirwa mu masinagogi, kandi muzohagarara imbere y'abaganza n'abami babampora.» Mariko 13:9. Mu kurvmgika umumarayika ngo ababohore, Imana yari yabahaye ikimenyetso c'urukundo rwayo, n'ikimenyamenya ko iri kumwe nabo. Hari hageze aho nabo bababazwa ku bw'Uwo bariko barigisha ubutumwa bwiza.IN 42.2

    Muri kahise k'abavugishwa n'Imana n'intumwa, hari uturorero twiza tw'abantu babereye Imana abizigirwa. Ivyabona vya Kristo vyarihanganiye umunyororo, agatotezo, mbere n'urupfu, aho guhonyanga ivyagezwe vy'Imana. Ibivugwa kuri Petero na Yohana, biranga ubutwari mu bindi vyose vyanditswe mu nkuru nziza. Ubwo bongera guhagarara imbere y'abo bagabo bari biteguye kubarandura, nta bwoba canke gukekeranya vyababonetseko haba mu majambo canke mu nyifato. Kandi igihe umuherezi mukuru yavuga, «Mbega ntitwabihanije cane kutigisha muri rya zina? None raba mwujuje Yerusalemu inyigisho zanyu; ico murondera n'ukudushirako amaraso ya wa muntu,» Petero yishuye, «Igikwiriye n’ ukwumvira Imana kuyirutisha abantu.» Umumarayika avuye mw'ijuru niwe yababohoye kandi abategeka kwigisha mu rusengero. Kwuvira amategeko yiwe, kwari kwumvira itegeko ry'Imana, kandi bategerezwa kubibandanya vyanka bikunda. Maze Mpwemu Ahumekera aza ku bigishwa; abaregwa noneho bahinduka abarega, bagiriza urupfu rwa Kristo abagize sentare. Petero avuga ati, «Imana ya ba sogokuruza yazuye Yesu, «Uwo mwebwe mwishe mumumanitse ku giti. Uyo Imana yaramushize hejuru n'ukuboko kwayo kw'i buryo, ngo abe Umukuru n'Umukiza, ngo ahe Abisirayeli kwihana no guharirwa ivyaha. Natwe turi ivyabona vyo kubashingira intahe ivyo, na Mpwemu Yera na we n'uko, uwo Imana yahaye abayumvira.»IN 42.3

    Abayuda bavyumvise riraniga, bafata ingingo yo kubiheraheza batarinze no guca urubanza, canke batabajije ubutegetsi bw'Abarongozi b'Abaroma, kwica izo mbohe. Bamaze kwagirwa n'amaraso ya Kristo, ubu naho bagira banduze intoke zabo n'amaraso y'abigishwa biwe. Maze hahaguruka umwe muri sentare, yatahuye ijwi ry'Imana mu majambo yavuzwe n'abigishwa. Uyu yari Gamaliyeli, Umufarisayo w'intungane, umwigisha w'ivyagezwe yubahwa n'abantu bose. Ubwenge bwiwe bubona kure bwabonye ko intambwe y'agahotoro abaherezi biteguye gushikako yari kuzana ingaruka ziteye ubwoba. Imbere yo kuvugana n'abari aho, asaba ko izo mbohe zitaramuka. Yari azi neza ko bitoroshe; yari azi ko abo bantu bishe Kristo ata nakimwe cobabuza gushika ku mugambi wabo. Maze abwira ikoraniro ryose, yitonze, ati: Yemwe bagabo b'Abisirayeli, ni mwirinde mumenye uko mugirira aba bantu: Kuko mu misi ishize, Teyuda yadutse yiyita agakomeye, igitigiri c'abantu gishika nk'amajana ane gikondorera inyuma yiwe: maze aricwa, abamwumvira bose barasabagira, bacika ubusa. Hanyuma yiwe haduka Yuda Umugalilaya, mu misi yo kwandikwa, yikwegera abantu inyuma; nawe apfa rubi, n'abamwumvira bose uko bangana barasabagira. Kandi none ndababwire, ni muzibukire aba bantu, mubarekure: kuko iyi nama n'ibi bikorwa ni vyaba biturutse ku Mana, ntimuzoshobora kubatsinda, mwoye kuzosanga murwanya Imana.»IN 43.1

    Abaherezi babona ko ibi vyiyumviro bitomoye, bumva ko ata kundi bobigira, bemeranya na Gamaliyeli. Ariko ubugome bwabo n'urwanko rwabo ntivyabemereye kwihangana. Bapfa kuvyihoza, maze bamaze gutonagura intumwa no kuzihanikiriza ngo ntizize zigishe mw'izina rya Yesu, barazirekura. «Nuko bava imbere ya sentare, banezerejwe n'uko bemerewe gutetererezwa iryo zina. Kandi imisi yose mu rusengero no mu mihana ntibahorereza kwigisha no kuvuga ubutumwa bwiza bwa Yesu, Ko ari we Kristo.»IN 43.2

    Imbere gato yo kubambwa kwiwe, Kristo yasigiye abigishwa biwe iragi ry'amahoro. Avuga ati,«Amahoro ndayabasigaranye, amahoro yanje ndayabagabiye: Jeho sindabagabira nk'uko ab'isi bayagaba. Imitima yanyu ntihagarare, kandi ntitinye.» Yohana 14:27. Aya mahoro si amahoro atangwa n'ukwishushanya n'isi. Kristo ntiyigeze aronderera amahoro mu kwifatanya n'ikibi. Amahoro Kristo yasigiye abigishwa ni ayo mu mutima, si ayo hanze, kandi yategerezwa kubana nabo mu kaga no mu ntambara.IN 43.3

    Kristo yavuze yishirako ati, «Mwoye kwiyumvira ko naje gutera amahoro mw'isi: sinaje gutera amahoro, atari inkota.» Matayo 10:34. Naho yari Umwami w'Amahoro, yatumye abantu basubiranamwo. Uwari yazanywe n'ugutangaza inkuru nziza, n'ukuzana ivyizigiro n'umunezero mu mitima y'abana b'abantu, yuguruye inzira y'urugamba rushushe cane n'imitima y'intagondwa. Niko kugabisha abigishwa biwe, ati «Mw'isi muri n'amarushwa.» «Bazobashorerako amaboko, babahame, babashengerane mu masinagogi, babashirishe mu mabohero, babashengeze ku bami no ku baganza, babahora izina ryanje.» Muzoshengezwa n'abavyeyi banyu na bo, na bene nyoko n'incuti n'abakunzi, bamwe muri mwebwe bazobica.» Yohana 16:33; Luka 21:12, 16.IN 43.4

    Iyi mburi yashitse neza cane. Igikorwa cose c'agatituro, c'agashinyaguro, n'ubunyamaswa Satani yashoboye kuryosharyosha ngo imitima y'abantu ivyiyumvire, vyarakorewe abigishwa ba Yesu. Kandi bizongera bishike neza cane; kuko umutima uganzwa na kameremere urwanya ivyagezwe vy'Imana, kandi ntuzemera gutegekwa navyo. Isi ntiyitayeho amategeko ya Kristo uyu musi, nk'uko nyene itayitayeho mu misi y'intumwa. Rwa rwanko rwasunitse ka kamo ngo«Nabambwe! Nabambwe!» rumwe rwatumye abigishwa bahamwa,n'ubu ruracakorera mu bana b'umugararizo. Ya mpwemu yaterera mw'ibohero abagabo n'abagore mu Bihe vy'Umwiza, mu buhungiro, no mu rupfu, yiyumviriye itotezwa rya Sentare y'Idini yacira imanza abatavuga rumwe n'Ishengero tya Roma, yateguye kandi igashira mu ngiro ubwicanyi bwo mu rusengero rwa Mweranda Barutolomeyo, kandi ikatsa imiriro y'i Simitifilidi, n'ubu iracakora n'inkomezi z'ubugesera mu mitima y'intakebwa. Kahise k'ukuri kamye na ntaryo karangwa n'intambara iri hagati y'ukuri n'ikinyoma. Ubutumwa bwiza bwamye bwamamazwa muri iyi si hagati y'intambamyi, irinde, gutakaza, no kubabazwa.IN 44.1

    Ni iki catera inkomezi abo muri kahise bahamwe ku bwa Kristo ? Bwari ubumwe n'Imana, ubumwe na Mpwemu Yera, ubumwe na Kristo. Agahahazo n'agahamo vyatandukanije benshi n'abagenzi babo bo kw'isi, ariko ntivyigeze bibatandukanya n'urukundo rwa Kristo. Umuntu asagirijwe n'imipfunda y'amageragezwa, ntiyigera akundwa n'Umukiza wiwe nk'igihe ari mu gahahazo ku bw'ukuri. «Nzomukunda,» niko Kristo yavuze, «kandi nzomwihishurira.» Yohana 14:21. Iyo kubara ukuri umwizera arengukijwe mu manza z'isi, Kristo ahagarara i ruhande yiwe. Iyo yugaraniwe mu mpome z'ibohero, Kristo aramwihishurira, agahumuriza umutima wiwe n'urukundo rwiwe. Igihe yishwe azira Kristo, Umukiza amubwira ati, Bahubora kwica umubiri, ariko ntibashobora kubabaza umutima. «Ni muhumure; Jewe naranesheje isi.» «Ntutinye, kuko ndi kumwe nawe, nzogutabara, mbere nzokuramira n'ukuboko kw'i buryo kw'ukugororoka kwanje.» Yohana 16:33; Yesaya 41:10. «Abizigiye Uhoraho bameze nk'umusozi Siyoni udashobora kunyiganyizwa, ariko wama ushimangiye gushitsa ibihe bidashira.IN 44.2

    Nkuko imisozi ikikije Verusalemu, niko Uhoraho akikije abantu biwe, uhereye none, ugashitsa ibihe vyose.» «Azobacungura, abakize agahahazo, n'umuryano; Kandi amaraso yabo azoba ay'agaciro mu maso ziwe.» Zaburi 125:1-3; 72:14. Uhoraho Nyene ingabo azobakiranira;... Uhoraho Imana yabo azobakiza nk'umukuku, niwo bantu biwe; kuko bazoba nk'utubuyenge two ku gitsibo, dukayanganira hejuru y'igihugu ciwe.» Zekariya 9 :15,16.IN 45.1

    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents