Loading...
Larger font
Smaller font
Copy
Print
Contents
Ivyakozwe N'intumwa - Contents
  • Results
  • Related
  • Featured
No results found for: "".
  • Weighted Relevancy
  • Content Sequence
  • Relevancy
  • Earliest First
  • Latest First
    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents

    Ikigabane ca 7: Kugabisha Indyadya

    Iki kigabane gishimikiye ku Vyakozwe n'Intumwa 4:32gtishika 5:11.

    Ubwo abigishwa bamamaza ukuri muri Yersalemu, Imana yashingiye intahe ijambo ryabo, maze abantu isinzi barizera. Benshi muri abo bizera bambere baciye bacibwa bomorwa mu miryango no mu bagenzi, ku bw'Abayuda b'intagondwa, hanyuma biba ngombwa ko baronswa ico barya n'aho bakika umusaya. Ivyanditwe bivuga ngo «Nta mukene yari muri bo.» Birongera bikavuga n'ingene bamaze ubwo bukene. Abo mu bizera bari bafise amahera n'amatungo babitanga n'umutima ubikunze, ngo bakize ingorane zihutirwa. Baragurisha amazu n'amatongo yabo, bakazana ikiguzi imbere y'ibirenge vy'intumwa, «hanyuma bakabigabanganya abantu, umuntu wese uko akenye.» Uyu mutima wo gutanga w'abizera, yari ingaruka yo gusukwa kwa Mpwemu Yera. Abahindukiriye ubutumwa bwiza «bari bahuje umutima n'inama.» Intumbero imwe gusa niyo yabategeka-kuroranirwa kw'igikorwa bashinzwe; kandi nta kwifuza kwarangwa mu buzima bwabo. Ibikorwa vyabo vyagaragaza ko imitima y'abantu bayiha agaciro kuruta ubutunzi bw'isi. Uko niko bizomera, igihe Mpwemu w'Imana azokwizizira ubuzima. Aho imitima yujujwe n'urukundo rwa Kristo, bazokurikira akarorero kiwe, We yigize umworo ku bwacu, ngo mu bworo bwiwe tube abatunzi. Amahera, umwanya, ijunja,-ingabire zose bahawe n'Imana, bazoziharura nk'uburyo bwo guteza imbere igikorwa c'ubutumwa bwiza. Uku niko vyari bimeze mw'ishengero rya mbere; kandi iyo bibonetse mw'ishengero rya none ko mu bushobozi bwa Mpwemu abizera bakuye ivyifuzo vyabo ku bintu vy'iyi si, kandi bakemera kwitanga ngo bagenzi babo bumve ubutumwa bwiza, ukuri kuvugwa kuzogira inkomezi zikwegakwega abakwumviriza.IN 36.3

    Akarorero abizera berekanye mu gutanga, gatandukanye cane n'inyifato ya Aniya na Safira, abo Ivyanditswe Vyera bivuga, basize umugani mubi kuri kahise k'ishengero rya mbere. Hamwe n'abandi, abo bantu bivuga ko ari abigishwa, bari basangiye n'abandi amahirwe yo kwumva ubutumwa bwiza bwigishijwe n'intumwa. Bari hamwe n'abandi bizera igihe, intumwa zimaze gusenga, «Aho bakoraniye hatigita, bose buzuzwa Mpwemu Yera.» Ivyakozwe n'Intumwa 4:31. Abantu bose bari aho bari banyuzwe, kandi ku bw'igikorwa ca Mpwemu w'Imana, Ananiya na Safira bari biyemeje gushikanira Umwami ikiguzi c'itongo runaka. Inyuma y'aho, Ananiya na Safira barababaje Mpwemu Yera mu kwemera kuganzwa n'ukwifuza. Batangura kwicuza isezerano ryabo, kandi bidatevye batakaza umunezero w'umuhezagiro wari wujuje imitima yabo icifuzo co gukora ibihambaye ku bw'igikorwa ca Kristo. Biyumviriye ko bari bafashe ingingo ihutihuti, ko vyari ngombwa ngo bongere kwihweza ingingo yabo. Barabiganira, hanyuma bahitamwo kudashitsa isezerano ryabo. Ariko kandi, babonye ko abatanze ivyabo ngo bagoboke abavandimwe b'abakene, bahabwa icubahiro kinini mu bizera; kandi kubera batinya ko bomaramara bagenzi babo bamenye ko imitima yabo yo kwikunda yicujije gutanga ico bari basezeraniye Imana ku mugaragaro, bahitamwo kugurisha itongo ryabo, n'ukubesha ngo ikiguzi cose cashizwe mu bubiko rusangi, ariko bigumirije uruhara runini. Gutyo rero bakagumya igice kimwe kizokomeza kubatunga, bakagumana n'icubahiro hagati y'abandi bizera.IN 37.1

    Ariko Imana iranka uburyarya n'ububeshi. Ananiya na Safira bakoresheje ubugunge mu vy'Imana; bahenze Mpwemu Yera, kandi icaha cabo cahanywe vy'akarorero. Ananiya azanye ishikanwa ryiwe, Petero yavuze ati: «Ananiya, ni iki gitumye Satani yuzuza umutima wawe guhenda Mpwemu Yera, ukisigariza ku biguzi vy'itongo? Ukirifise ntiryari iryawe ? Kandi umaze kurigurisha, ibiguzi vyaryo nt'uba warabikoze uko ugomba ? Ni iki catumye wigira ingingo mu mutima wawe gukora utyo ? Si abantu uhenze, Imana ni yo uhenze.» «Ananiya yumvise ayo majambo agwa bukumbi: abavyumvise bose baterwa n'ubwoba bwinshi.»IN 37.2

    Petero yabajije ati «ukirifise ntiryari iryawe?» Nta kintu na kimwe cari cahatiye Ananiya gutanga ivyiwe ku bw'ineza ya bose. Yari yabihisemwo ata gahato; ariko mu kugerageza guhenda abigishwa, yari yahenze Inshoboravyose. «Haheze nk'isaha zitatu, umugore wiwe arinjira, atazi ivyabaye; Petero aramubaza ati Mbarira: mbega itongoIN 38.1

    mwarigurishije ayo yonyene? Aramwishura, ati Egome, ni ayo. Petero aramubaza, ati ni iki gitumye muhuza inama kugerageza Mpwemu w'Umwami Imana? Ehe ibirenge vy'abahejeje guhamba umugabo wawe biri ku rugi, nawe birakujana. Uwo mwanya agwa imbere y'ibirenge vyiwe bukumbi. Ya misore yinjiye isanga amaze guhwera, iramujana, imuhamba i ruhande y'umugabo wiwe. Ishengero ryose n'abavyumvise bose baterwa n'ubwoba bwinshi.»IN 38.2

    Ubwenge Buhebuje bwabonye ko iki kimenyetso c'uburake bw'Imana cari gikenewe kugira ngo iryo shengero ry'umuyabaga rikingirwe gucika intege. Igitigiri cabo ciyongera vuba vuba. Ishengero ryari kuja mu kaga, iyo abizera biyongera vuba vuba, ryiyongerako abagabo n'abagore, bavuga ko bakorera Imana, kandi bariko barasenga mamoni. Uru rubanza rwagaragaje ko ata muntu ashobora guhenda Imana, ko ivumbura icaha gihishijwe mu mutima, kandi ko itazocokorwa. Ivyo vyabaye nko kugabisha ishengero, ngo birinde kwiyoberanya n'uburyarya, no kwirinda kugunga Imana.IN 38.3

    Si kw'ishengero rya mbere gusa, ahubwo no ku mashengero yo mu ruvyaro rwose ruzoza, aka ni akarorero kererekana ko Imana yanka ukwifuza, ubugunge, n'ubudyadya, katanzwe nk'ikimenyetso c'irinde ry'urupfu. Ukwifuza ni ko Ananiya na Safira bakuyakuye. Icifuzo co kugumya umugabane ku vyo basezeraniye Umwami, cabasutse mu bugunge n'uburyarya. Imana yageze ko ubutumwa bwiza buzotungwa n'ibikorwa hamwe n'amashikanwa y'abantu bayo. Amashikanwa n'ibigiracumi bitanzwe bivuye ku mutima ubikunze, ni vyo bigize umutahe w'igikorwa c'Umwami. Ku buryo umuntu yahawe, Imana isabako uruhara runaka-ikigiracumi. Imana irekera abantu bose uburengazira bwo guhitamwo gutanga ibirenze ivyo. Ariko iyo umutima ukozweko na Mpwemu Yera, umuntu agasezerana gutanga ikintu runaka, uwo yatanze isezerano ntaba agifise uburenganzira bwo gukora kuri ico kintu yasezeraniye Imana. Iyo ayo masezerano agirirwa abantu yobaye ntabanduka; mbega ayagiriwe Imana Amasezerano agiriwe muri sentare y'umutimanama, yoba arutwa n'amasezerano yanditswe abantu bumvikanyeko?IN 38.4

    Iyo umuco w'Imana ukayanganiye mu mutima, ukagaragara mu buryo budasanzwe n'ubushobozi, ukwikunda kwari kuhasanzwe kurahunga, umuntu akemera gutanga ku bw'igikorwa c'Imana. Ariko ntihagire umuntu azokwiyumvira ko azokwemererwa gushitsa amasezerano yagize, Satani atabanje kumurwanya. Ntanezerwa no kubona ubwami bw'Umucunguzi kw'isi buroranirwa. Arahendahenda abantu ngo basezeranye vyinshi cane, ngo bizotuma bagira ingorane mu twigoro twabo two kuronka ubutunzi, canke mu kumara ubukene imiryango yabo. Imana ni yo ihezagira abantu mu kubaha ubutunzi, kandi ibikora ngo ibabashishe guteza imbere igikorwa cayo. Irungika izuba n'imvura. Ituma imirima itotahara. Itanga amagara meza, ikabashoboza kuronka uburyo. Imihezagiro yose iva mu kiganza cayo gitanga kititangiriye itama. Hanyuma rero, nayo igasaba ko abagabo n'abagore berekana ugushima kwabo mu kuyigarurira ibigiracumi n'amashikanwa-mu buryo bw'amashikanwa yo gushima, amashikanwa y'ubushake, amashikanwa y'ivyaha. Iyo aba amashikanwa yisuka mu kigega muri ubu buryo Imana yabitegetse,-ikigiracumi c'inyungu zose, n'amashikanwa atubutse,-hobaye umurengera woteza imbere igikorwa c'Umwami.IN 39.1

    Ariko imitima y'abantu ikomantazwa n'ukwikunda, kandi, nk'uko vyabaye kuri Ananiya na Safira, bageramirwa no kugumya umugabane w'ikiguzi, kandi bakomeza kwihenda ngo bariko barashitsa ivyo Imana ibasaba. Benshi bakoresha amahera mu buryo bwo kwinezereza. Abagabo n'abagore barondera kwiryoherererwa, bagashikanira Imana inticantikize bijiriwe. Bibagira ko umusi uri izina Imana Izobasaba kusigura ingene bakoresheje ubutunzi yabahaye, kandi ko Itazongera kwakira ubusa bazana mu bubiko bwayo, nk'uko Itakiriye ishikanwa rya Ananiya na Safira. Kuri iki gihano ruhasha cahawe abantu barahira iz'ibinyoma, Imana yashaka ko dutahura ingene yanka urunuka uburyarya n'ububeshi bwose. Mu kwiyorobeka ngo batanze vyose, Ananiya na Safira bahenze Mpwemu Yera, kandi inkurikizi yavyo, batakaje ubu bugingo, n'ubugingo buzoza. Iyo Mana yabahanye, n'uyu musi icira urubanza ububeshi bwose. Iminwa ibesha ni igisesema kuri Yo. Ivuga yemanga ko mu Gisagara Cera«hatazogera...gihumanya, cank'uwukora ibizira akabesha.» Ivyahishuriwe Yohana 21:27. Ni mureke ukuri gushirwe imbere. Ni mureke kube kimwe mu bigize ubuzima. Kugira ububeshi igikinisho, ugahisha imigambi y'ukwikunda ushaka gushikako, ibi bisa no guta ukwizera. «Nuko rero mushikame, mukenyeje ukuri, mwambaye ukugororoka nk'icuma gikingira igikiriza.» Abanyefeso 6:14. Uwuvuga ibinyoma agurisha umutima wiwe ku ntica ntikize. Ikinyoma ciwe gishobora gusa n'ikimugobotse mu gihe c'akaga; ashobora gusa n'uwushitse ku nyungu atari gushikako igihe yari kuvuga ukuri; ariko amaherezo azoshika ku rwego aho adashobora kwizera umuntu n'umwe. Kuko we ubwiwe ari umubeshi, ntiyizera abandi.IN 39.2

    Kuri Ananiya na Safira, icaha co kugunga Imana cahanywe buno nyene. Ico caha congeye gukorwa no mu misi yakurikiye muri kahise k'ishengero, kandi gikorwa n'abantu beshi mu gihe cacu. Ariko n'aho umujinya w'Imana utoca wigaragaza muri ako kanya nyene, ntabwo mu maso yayo kibura kuba kibi nk'uko cari mu gihe c'intumwa. Twaragabishijwe; Imana yarerekanye ko izinukwa iki caha ; kandi abantu bose bihebeye uburyarya n'ukwifuza, ni bamenye ko bariko bararimbura imitima yabo.IN 40.1

    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents