Loading...
Larger font
Smaller font
Copy
Print
Contents
Ivyakozwe N'intumwa - Contents
  • Results
  • Related
  • Featured
No results found for: "".
  • Weighted Relevancy
  • Content Sequence
  • Relevancy
  • Earliest First
  • Latest First
    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents

    Ikigabane ca 20: Gushira Hejuru Umusaraba

    Iki kigabane gishimikiye kti Vyakozuie n'Intumwa 15:36-41; 16:1-6.

    Hashize imisi bakorera i Antiyokiya, Paulo asaba mugenziwe ko bofata urundi rugendo bakaja kuvuga ubutumwa. Abwira Barunaba ati, «ingo dusubire ha handi tugendere bene Data mu gisagara cose aho twavuze ijambo ry'Umwami Yesu, tumenye uko bameze.»Paulo na Barunaba bompi baritwararika n'umutima w'urukundo abari baherutse kwakira ubutumwa bwiza ku bwo igikorwa cabo, kandi barifuza kwongera kubabona. Paulo ntiyigera atakaza uwo mwitwarariko. N'igihe yaba ari kure mu murima w'Imana kure y'aho yahoze akorera, yakomeza kugumya mu mutima uwo mutwaro wo guhimiriza abo bizera kuguma ari abizigirwa, «kuba abera tugushikishe kwubaha Imana.» 2 Ab'i Korinto 7:1. Buri gihe yagerageza kubafasha kuba Abakristo batazera inze, bakomeye mu kwizera, bafise umwete mwinshi, kandi b'abanyakuri mu kwihebera Imana n'igikorwa co guteza imbere ubwami bwayo. Barunaba yari yiteguye kujana na Paulo, ariko kandi yifuza ko bojana na Mariko, yari yongeye gufata ingingo yo kwihebera kuvuga ubutumwa bwiza. Ivyo Paulo ntiyavyemeye. «Yiyumviriye ko bitabereye kujana» n'uwabataye mu rugendo baja kuvuga ubutumwa, mu gihe bari bamukeye. Ntiyari yiteguye gutahura intege nke Mariko yagize mu kubaheba mu gikorwa ku bwo kwikingira no kwinezerererwa i muhira. Yavuze ko umuntu nk'uwo atarinda imiruho atabereye igikorwa gisaba kwihangana, kwiyanka, kuba intwari, kwitanga, kugira utwigoro, igihe bikenewe, mbere n'ubuzima bukaba bwonahasigara. Havyutse imitongano gushika aho Paulo na Barunaba batandukanye, Barunaba ntiyava ku rizima, maze ajana na Mariko. «Nuko Barunaba ajana na Mariko, avudukayo ari mu bwato, afata i Kupuro; Paulo na we atoranya Sila, avayo, bene Data bamaze kumuragiza ubuntu bw'Imana.»IN 105.1

    Nuko Paulo na Sila baca i Siriya n'i Kilikiya baremesha ishengero, bashika i Derube n'i Lusitira mu ntara y'i Lukawoniya. Aho i Lusitira ni ho Paulo yari yaratewe amabuye, ariko raba, n'ubu, asubiye aho hantu yahatswe gusiga agatwe. Yifuza cane kubona ingene abari barakiriye ubutumwa bwiza ku bwo ibikorwa vyiwe bihanganiye ikigeragezo c'agahamo. Ntiyacitse intege, kuko ya^anze abizera b'i Lusitira bagumye bashikamye hagati y'agahamo gakomeye cane.Paulo yongeye guhura na Timoteyo, wa wundi yari yiboneye imibabaro yiwe mu mpera z'urugendo rwiwe i Lusitira kandi bikamukora ku mutima ku buryo mu nyuma yahavuye atahura ko vyari ngombwa ngo yitangire igikorwa c'ubutumwa bwiza. Umutima wiwe wahuye n'uwa Paulo, kandi yifuza gusabikanya ibikorwa n'iyo ntumwa mu kumufasha igihe cose akaryo kazoboneka.IN 105.2

    Sila, uwari afatanije igikorwa na Paulo, yari umukozi abimenyereye, afise ingabire ya mpwemu y'ubuhanuzi; ariko igikorwa cari gikeneye kumenyereza abandi bakozi. Paulo yabonye muri Tunoteyo umuntu yishimiye ubweranda bw'igikorwa c'umuvugabutumwa; adadnya imibabaro n'agahamo; kandi yemera kwigishwa. Ariko iyo ntumwa ntiyigerejeko ngo yishireko umutwaro wo kwigisha Timoteyo, umusore ataramenyera, igikorwa c'ivugabutumwa atabanje kugenzura no kunyurwa n'ingeso ziwe na kahise kiwe. Se wa Timoteyo yari Umugiriki, nyina na we akaba Umuyudakazi. Uhereye akiri muto yari azi Ivyanditswe Vyera. Mu rugo i wabo yahabonye ukwubaha Imana gukomeye, kandi kurimwo ubwenge. Ukwizera kwa nyina na inakuru mu Vyanditswe Vyera vyaguma bimwibutsa imihezagiro itangwa n'ugukora ubugombe bw'Imana. Ijambo ry'Imana ryari inyobozo abo bagore beranda bari bareresheje Timoteyo. Ubushobozi bwa Mpwemu bw'ivyigwa yari yakuye kuri abo bagore bwari bwaramuzigamye aguma atagira agasembwa mu mvugo, kandi atandujwe n'ibibi vyari bimuzungurutse. Abo bigisha rero b'i muhira bari bafatanije n'Imana mu kumutegura kwikorera imitwaro.IN 106.1

    Paulo yabonye ko Timoteyo yari intungane, umwizigirwa n'umunyakuri, maze amutora ngo bafashanye mu bikorwa no mu ngendo. Abari bigishije Timoteyo mu bwana bwiwe barashimishijwe no kubona umwana bareze yifatanije n'iyo ntumwa rurangiranwa. Timoteyo yari akiri muto igihe Imana yamutorera kuba umwigisha, ariko ingingo yagenderako zari zishimangiwe n'indero yari yaratojwe imbere y'aho, ku buryo yari abereye ikibanza co kuba umufasha wa Paulo. Kandi naho yari muto, yaranguye amabanga yiwe n'ubwitonzi rukristo. Ku bwo kwikingira, Paulo yagize ubwenge, ahanura Timoteyo ko yokebwa.-atari uko Imana yabisaba, ahubwo kugira bakure mu mutwe w'Abayuda icitwazo cari kubuza Timoteyo kurangura igikorwa ciwe co kuvuga ubutumwa. Mu gikorwa ciwe, Paulo vyamusaba kugendagenda ava mu gisagara aja mu kindi, mu turere twinshi, kandi kenshi yararonka akaryo ko kwamamaza Kristo mu masinagogi y'Abayuda, mbere no mu bindi bibanza abantu bakoraniramwo. Iyo bimenyekana ko uwo bafatanije igikorwa atakebwe, igikorwa ciwe cari kwankirizwa ku bwo ivyiyumviro vyo kurobanura n'amacakubiri vy'Abayuda. Ahantu hose iyo ntumwa yahura n'abansi n'agahamo gakomeye. Yifuza kuzanira bene se b'Abayuda co kimwe n'Abapagani ubumenyi bw'ubutumwa bwiza, ni co gituma rero, aho bidateye kubiri n'ukwizera, yagerageza gukuraho icitwazo co kumurwanya. Ariko, n'ubwo yemera ivyo kubera amacakubiri y'Abayuda, yizera kandi akigisha ko gukebwa canke kudakebwa ata co bimaze, ariko ko inkuru nziza ya Kristo ari yo iruta vyose.IN 106.2

    Paulo yarakunda Timoteyo, «umwana wiwe nyakuri mu kwizera.» 1 Timoteyo 1:2. Iyo ntumwa karuhariwe yarasohokana uwo mwigisha w'umuyabaga, akamubaza ku bijanye n'inkuru z'Ivyanditswe Vyera, kandi uko bagendagenda mu bibanza bitandukanye, ni ko yamwigisha yitonze uburyo bwo gukora igikorwa kiroranye. Bompi, Paulo na Sila, mu migenderanire yabo na Timoteyo, bagerageza gushimangira iciyumviro cari mu bwenge bwiwe, ko kuvuga ubutumwa ari igikorwa ceranda. Mu gikorwa ciwe, Timoteyo yama asaba Paulo impanuro n'inama. Ntiyahababuka, ahubwo yaritonda, akiyumvira, yibaza kuri buri ntambwe yatera ati, Iyi koko ni inzira y'Umwami? Mpwemu Yera yabonye muri we umuntu yashobora kunonosorwa akaba inyubakwa Imana yiberamwo. Uko ivyigwa vya Bibiliya vyigwa mu buzima bwa buri musi, bigira ku ngeso ihinduka rikomeye rizoramba ibihe vyose. Ibi vyigwa, Timoteyo yaravyiga kandi akabigendera. Nta mpano zihambaye zidasanzwe yari afise, ariko igikorwa iwe cabaye ngirakamaro kuko yakoresha mu gikorwa c'Umwami ubushobozi butangwa n'Imana. Ubumenyi bwiwe bw'idini yaronkeye mu gikorwa bwamushize hejuru y'abandi bizera kandi bituma bamwubaha.IN 107.1

    Abakora igikorwa co gukiza imitima bategerezwa gushika ku kumenya Imana ku buryo bwimbitse, bwuzuye, butomoye cane, burengeye ubwo umuntu yoshikako ku bwo utwigoro twiwe. Bategerezwa gushira inkomezi zabo zose mu gikorwa c'Umwami wabo. Biyemeza umuhamagaro uhambaye kandi wera, kandi niba bungutse imitima mu gikorwa cabo, bategerezwa kwumira ku Mana, buri musi bakakira ubuntu n'ubushobozi bwo kw'isoko y'imihezagiro. «Kuko ubuntu bw'Imana bwaserutse, buzanira abantu bose agakiza, butwigisha kwikunkumura ukutubaha Imana n'ukwifuza ivy'isi, bukatwigisha kwama tudahugumba, tugororoka, twubaha Imana, mu gihe ca none, twitega ivyizigiro vy'amahirwe no kuzoseruka kw'ubwiza bwa Yesu Kristo, ni we Mana yacu ihambaye n'Umukiza, yatwiguze kugira ngo aducungure, adukureko ivyo twagabitanije, vyose, kandi yihumanurire ubwoko ngo babe icibare ciwe, barwane ishaka ry'ibikorwa vyiza.» Tito 2:11-14.IN 107.2

    Imbere yo kwunguruza mu karere gashasha, Paulo na bagenziwe, bagendeye amashengero bari barashinze i Pisidiya no mu micungararo yaho. «Bariko baraca mu bisagara, bagenda bababwira ivyo intumwa n'abakuru b'i Yerusalemu bashinze, ngo bavyitondere. Nuko amashengero akomerezwa mu kwizera, agenda yunguka ibitigiri yose.»IN 107.3

    Intumwa Paulo yumva ifise umutwaro ku bwo abantu bahindukiriye Imana bivuye ku bikorwa vyiwe. Ikiruta vyose, yifuza ko baba abizigirwa, «kugira ngo mbone ico nzokwirata ku musi wa Kristo,» ati «yuko ntirukiye ubusa kandi ntaruhijwe n'ubusa.» Ab'i Fihpi 2:16. Yarahinda umushitsi ku bwo ingaruka y'igikorwa ciwe. Yumva ko n'agakiza kiwe kogeramirwa igihe atoshitsa igikorwa ciwe, n'ishengero ntirifatanye nawe mu gikorwa co gukiza imitima. Yari azi ko kuvuga ijambo ry'Imana bidahagije kugira ngo abizera baronke inyigisho zobafasha gushikama mw'ijambo ry'ubugingo. Yari azi ko ari ibwirizwa ku rindi, ibwirizwa ku rindi, n'umurongo ku wundi, umurongo ku wundi, hamwe tumwe, ahandi utundi, ariho bashobora gutera imbere mu gikorwa ca Kristo.IN 108.1

    Ni itegeko riraba abantu bose ko igihe umuntu yanse gukoresha inkomezi Imana yamuhaye, izo nkomezi zihonobera, zigahona. Ukuri umuntu atagendeye, kudahawe abandi, guca gutakaza inkomezi ntangabugingo, ububasha bwakwo bwo gukiza. Aha ni ho hari ubwoba bw'iyo ntumwa, ko kumbure itoshikanira Kristo umuntu wese atagira agasembwa. Ivyizigiro vya Paulo vyo kuja mw'ijuru vyaragabanuka yihweje ikosa ryiwe iryo ari ryo ryose ryovana no guha ishengero akarorero k'abantu aho kubaha akarorero k'Imana. Ubumenyi bwiwe, kuba imvuzi kwiwe, ibitangaza vyiwe, ivyo yeretswe vy'ibihe bidashira igihe yajanwa mw'ijuru rya gatatu-ivyo vyose vyoba impfagusa, igihe kubwo kutaba umwizigirwa mu gikorwa ciwe, abo yashikirije ubutumwa bobura ubuntu bw'Imana. Ku bwo ivyo rero, mu majambo no munyandiko, yinginga abakiriye Kristo kugira ubuzima buzobashoboza kuba «abatagira umugayo canke akarohe, babe abana batagira agasembwa, hagati y'abo iki gihe bagoramye b'ibidambidambi,... nk'amatara mw'isi, berekana ijambo ry'ubugingo.» Ab’ i Filipi 2:15,16. Umuvugabutumwa w'ukuri wese yumva umutwaro uremereye ku bwo iterambere mu vya Mpwemu ry'abizera ajejwe, icifuzo c'uko bazoba abakozi hamwe n'Imana. Atahura ko amahirwe y'ishengero ahagaze ku gukorana ubwizigirwa igikorwa yahawe n'Imana. Yitwararika adahumeka gusaba abizera kwifuza kuzanira imitima Kristo, bibuka ko umuntu wese yiyongereye kw'ishengero ari umukozi musha wo gushira abandi umugambi w'agakiza.IN 108.2

    Bamaze kugendera amashengero muri Pisidiya no mu turere twaho, Paulo na Sila, hamwe na Timoteyo, bafashe «i Furugiya no mu karere ka Galatiya,» aho bamamaje n'ubushobozi bwinshi ubutumwa bwiza bw'agakiza. Abagalatiya basenga ibigirwamana; ariko, intumwa zimaze kubabwira ubutumwa bwiza, baranezerewe ubutumwa bubasezeranira kubohorwa icaha. Paulo na bagenziwe batangaje inyigisho y'ubugororotsi butangwa no kwizera ikimazi c'impongano ca Kristo. Berekanye Kristo nk'uwabonye ko ikiremwa muntu kitagira ivyizigiro, aza gucungura abagabo n'abagore mu kubaho ubuzima bwo kugamburukira ivyagezwe vy'Imana, no gutanga indishi y'ubugarariji. Kandi, benshi batari bazi Imana y'ukuri, ku bwo umusaraba batanguye gutahura urukundo rwa Data rutagira urugero. Nuko rero Abagalatiya bigishijwe ukuri kwerekeye «Imana Data» n’ «Umwami Yesu Kristo, yitangiye ivyaha vyacu, ngo aturokore muri iki gihe kibi ca none, nk'uko Imana yacu yagomvye, ni yo Data wa twese.» «Ku bwo kwumva gufatanije n'ukwizera» baronse Mpwemu w'Imana, maze bacika «abana b'Imana ku bwo kwizera Kristo.» Ab'i Galatiya 1:3,4; 3:2, 26.IN 108.3

    Uburyo Paulo yifashe ari mu Banyagalatiya bwatumye ashobora kuvuga mu nyuma ati, «Ndabinginze, mumere nkanje.» Ab'i Galatiya 4:12. Iminwa yiwe yari yarakozweko n'ikara rizima rivuye ku gicaniro, kandi yarashoboye kurengera ubumuga bw'umubiri no kwerekana ko Yesu wenyene ari we vyizigiro vy'Umunyavyaha. Abamwumva batahuye ko yari yarabanye na Yesu. Kuko yari yuzuye inkomezi zo mw'ijuru, yashobora kugereranya ibintu vya Mpwemu n'ibindi, kandi agasenyura ububasha bwa Satani. Imitima yarameneka igihe yerekana urukundo rw'Imana, nk'uko ruhishurirwa mu kimazi c'Umwana wayo w'ikinege, kandi yatumye benshi babaza bati, Nokora iki ngo ndonke ubugingo budashira? Ubu buryo bwo kwamamaza ubutumwa bwaranga ibikorwa vy'iyo ntumwa igihe yakorera mu Bapagani. Na ntaryo yaguma abereka umusaraba w'i Kaluvari. Mu myaka ya nyuma y'ubuzima bwiwe, yavuze ati, «Ntitwigisha abantu ivyacu,» «ariko tubigisha ivya Kristo Yesu ari we Mwami, natwe yuko turi abasuku banyu ku bwa Yesu. Imana, imwe yavuze ngo umuco wake, uvuye mu mwiza, ni yo yakiye mu mitima yacu, kwerekana umuco, ni wo kumenya ubwiza bw'Imana buri mu nyonga ha Yesu Kristo.» 2 Ab'i Korinto 4:5, 6. Izo ntumwa zatoranijwe zashiriye isi iriko irahona inkuru nziza y'agakiza mu misi ya mbere y'ishengero rya Kristo, ntizigeze zemerera iciyumviro co kwishira hejuru kwonona igikorwa cazo co kwerekana Kristo, kandi Kristo yabambwe. Nti zifuje ubutegetsi canke icubahiro. Banyegeje inarije mu Mukiza, bashira hejuru umugambi w'agakiza. Kristo, umwe ari wa wundi ejo, uyu musi, n'ibihe bidashira, ni we yari umwitwarariko w'inyigisho yabo.IN 109.1

    Iyaba uyu musi abigisha ijambo ry'Imana boshize hejuru umusaraba, mbere hejuru cane, igikorwa cabo coteye imbere cane kuruta uko kiri. Abanyavyaha bashoboye gushikanwa ku rugero rwo kwihatira kurangamiza na rimwe ku musaraba, ni bashobora kubona neza Umukiza yabambwe, bazotahura uburebure bw'impuhwe z'Imana n'ububi bw'icaha. Urupfu rwa Kristo rugaragaza urukundo rutangaje Imana ikunda umuntu. Ni isezerano ry'agakiza kacu. Gukura umusaraba ku Mukristo, vyosa n'uguhanagura izuba mw'ijuru. Umusaraba utuzana hafi y'Imana, ukatunywanisha na Yo. Mu mpuhwe z'urukundo rw'umuvyeyi, Yehova yitegereza ububabare Umwana wiwe yikoreye ngo akize abantu urupfu rw'ibihe vyose, maze akatwakira mu wo akunda cane.IN 109.2

    Hatabayeho umusaraba, umuntu ntiyogiranye ubumwe na Data. Kuri wo ni ho hari ivyizigiro vyacu vyose. Kuri wo ni ho umuco w'Umukiza ukayanganiuiira, kandi iyo umunyavyaha arangamije ku wamupfiriye, ashobora kugira umunezero wuzuye, kuko ivyaha vyiwe vyahariwe. Apfukamye ku musaraba mu kwizera, ashika mu kibanza cirengeye cane hejuru umuntu yoshobora gushika. Biciye ku musaraba dutahura ko Data wo mw'ijuru adukunda urukundo rutagira akagero. Twotangazwa n'uko Paulo yashize hejuru avuga ngo «Imana ntikavyumve, ko nokwirata ikindi, atari umusaraba w'Umwami wacu Yesu Kristo.» Ab'i Galatiya 6:14. Ni amahirwa yacu kandi kwirata umusaraba, amahirwe yacu kwitangira burundu uwitanze ku bwacu. Maze rero, dufise umuco usesekara uvuye i Kaluvari ukayanganira mu maso hacu, dushobora kugenda guhishurira uwo muco abari mu mwiza.IN 110.1

    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents