Loading...
Larger font
Smaller font
Copy
Print
Contents
Ivyakozwe N'intumwa - Contents
  • Results
  • Related
  • Featured
No results found for: "".
  • Weighted Relevancy
  • Content Sequence
  • Relevancy
  • Earliest First
  • Latest First
    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents

    Ikigabane ca 31: Ubutumwa Bwaritwararitswe

    Iki Kigabane Gishimikye kw ‘Ikete rya Kabiri ku Bakorinto

    Avuye muri Efeso, Paulo yateguye urundi rugendo rwo kuja kuvuga ubutumwa, yizigiye ko azosubira kuraba aho yakoreye mu Burayi. Atebera gato i Tirowa, «avuga ubutumwa bwiza bwa Kristo, asanga abantu bamwe bari biteze kwumviriza ubutumwa bwiwe. Mu nyuma yavuze ku bwo ibikorwa vyiwe muri ico kibanza ngo «Umwami yanyugururiye urugi.» Naho utwigoro twiwe twari twatahukanye intsinzi i Tirowa, ntiyashobora kuhateba cane. «Umwitwarariko w'amashengero yose,» na cane cane ishengero ry'i Korinto, waramuremera cane mu mutima. Yari yipfuje guhurira na Tito i Tirowa ngo amucire agace ingene amajambo yiwe yo guhanura n'ukwihanikiza Abakorinto yakiriwe, ariko ntivyashobotse. Yanditse kuri ivyo, ati «nta gahengwe nagize mu mutima wanje kubera ntabonanye na mwene Data Tito.» Nuko yanduruka i Tirowa maze ajabuka Makedoniya, aho yahwaniye na Timoteyo i Fihpi. Muri ico gihe c'umwitwarariko ku bwo ishengero i Korinto, Paulo yiyumvira ko kumbure agiye kugira agahengwe; ariko vyarashika akumva akababaro kamwuzuye umutima, ati kumbure impanuro n'ukugabisha vyiwe vyohava bitahurwa nabi. Mu nyuma yanditse, ati «umubiri wacu ntiwaribwatenzukirwe na gatoya, kuko twababajwe uburyo bwose; inyuma intambara, imbere hari ubwoba. Ariko Imana ihumuriza abicisha bugufi yaduhumurishije ukuza kwa Tito.»IN 168.1

    Iyo ntumwa y'intungane yazanye inkuru zinezereje, yuko ihinduka ritangaje ryari ryabaye mu bizera b'i Korinto. Benshi bakiriye inyigisho zo mw'ikete rya Paulo, kandi bihanye ivyaha vyabo. Ubuzima bwabo ntibwari bugitukisha Ubukristo, ahubwo bwazanye ubushobozi bwafashije abantu kwubaha Imana. N'akanyamuneza kenshi, iyo ntumwa yarungikiye abizera b'i Korinto ikete rya kabiri ryerekeye akamwemwe k'umutima ku bwo igikorwa ciza cakorewe muri bo: Naho nabateje umubabaro rya kete ryanje, sinicuza, naho nari naricujije.» Igihe yatekerwa n'ubwoba ko amajambo yiwe yokengerwa, vyarashika akicuza yuko yanditse amajambo akaze cane. Arakomeza, ati «Noneho ndanezerewe; sinezerejwe n'uko mwagize umubabaro, ariko ni uko uwo mubabaro wabateye kwihana: kuko mwagize umubabaro mu buryo bw'Imana, kugira ngo ntihagire ico mubura ku bwacu. Umubabaro wo mu buryo bw'Imana utera kwihana kuticuzwa, kuzana agakiza: ariko umubabaro wo mu buryo bw'isi utera urupfu.» Uko kwihana guterwa n'ubuntu bw'Imana ku mutima kuzoyobora umuntu ku kwatura n'uguheba icaha. Ivyo ni vyo vyamwa iyo ntumwa ivuga ko yabonye mu buzima bw'abizera b'i Korinto. «Ntimubona uwo mubabaro wo mu buryo bw'Imana, ukuntu wabateye umwete mwinshi utyo? Kandi ko wabateye no kwiregura, no guhigimanga, no gutinya, n'inkumbu, n'ishaka, no guhana?IN 168.2

    Paulo yari amaze igihe yikoreye umutwaro w'imitima ku bwo amashengero- Umutwaro uremereye cane ku buryo atashobora kuwihanganira. Abigisha b'ibinyoma, bari bagerageje gusenyura igikorwa Paulo yari yarakoze mu bizera, kandi babategeka gukurikiza inyigisho zabo mu kibanza c'ubutumwa bwiza bw'ukuri. Ibizazane no gucika intege vyari bizigirije Paulo bihishuwe muri aya majambo, «Twaremerewe cane, biruta uko dushobora, bigatuma twihebura ko tutagikiza amagara yacu.»Ariko noneho kimwe mu vyabatera akababaro cari kivuyeho. Yumvise inkuru nziza ko Abakorinto bakiriye ikete ryiwe, Paulo yaranezerewe avuga, ati: «Imana y'Umwami wacu Yesu Kristo, ari yo Se, iragahezagirwa, Data wa twese w'imbabazi, kandi Imana yirura imibabaro yose, itwirura mu marushwa yacu yose, kugira ngo natwe tubone uko twirura imibabaro abari mu marushwa yose, tuyibiruza uko natwe twiruwe n'Imana. Nk'uko ivyo Kristo yababajwe vyarushirije kutuzako, niko n'ukwirurwa kwacu kwarushirije kugwizwa na kristo. Iyo tubabazwa, kuba ari ukugira ngo bibazanire ukwirurwa, bo n'agakiza: kandi iyo twirurwa kuba ari ukugira ngo bibazanire ukwirurwa nyene, guserukira mu kwihanganira imibabaro imwe n'iyo natwe tubabazwa. Kandi ivyo tubazigako birashikamye, kuko tuzi yuko, ko musangiye natwe iyo mibabaro, dusangiye n'ukuyirurwa.»IN 169.1

    Mu kwerekana umunezero wiwe ku bwo ukwihana ukundi gusha n'ugukurira mu buntu, Paulo aha Imana amashimwe yose ku bwo iri hinduka ry'umudma n'umubiri. Yavuze anezererwe ati «Imana ishimwe, yama iduha gutsinda muri kristo, idutera kwerekana ubumote bwo kumumenyekanisha ahantu hose. Kuko turi ubumote bwiza bwa Kristo ku Mana, hagati y'abariko barakira n'abariko barahona.» Wari umugenzo ku muntu yatsinze mu ntambara kuzana kuri uwo musi abantu b'abanyororo. Ico gihe abantu batwara imibavu baratorwa, maze uko abasirikare bajandajanda batahanye intsinzi, akamoto k'imibavu kasobanura ko izo nyagano zegereje urupfu, kakaba akanovera k'urupfu, kerekana ko begereje igihe cabo co kwicwa; ariko ku banyororo bagiriwe impuhwe n'ababacakiye mu rugamba, ubuzima bwabo bukaba bwaziganijwe, kari akanovera k'ubuzima, kuko vyerekana ko umwidegemvyo wabo wegereje.IN 169.2

    Paulo noneho yari yuzuye ukwizera n'ivyizigiro. Yumva ko Satani adategerezwa gutsinda igikorwa c'Imana i Korinto, maze aninahaza Imana agaragaza ishimwe ry'umutima wiwe. We n'abakozi bagenziwe, bazokwigina intsinzi yabo ku bansi ba kristo n'ukuri, mu kuja imbere n'umwete musha wo kwagura igikorwa co kumenyekanisha Umukiza. Ubumote bw'ubutumwa bwiza bwari bugiye gukwira isi yose nk'imibavu. Kuri abo bazokwakira Kristo, ubutumwa buzobabera akanovera k'ubuzima gatanga ubuzima; ariko ku bazobandanya banka kwizera, buzobabera akanovera k'urupfu kazana urupfu. Abonye ingene igikorwa gitera imbere, Paulo yaratangaye, ati «Ibi tubikesha nde?» Ni nde yoshobora kwamamaza Kristo ku buryo abansi biwe bazobura inzira bacamwo yo gukengera intumwa canke ubutumwa itwaye? Paulo yifuza kwumvisha abizera igikorwa bajejwe ku bwo ubutumwa bwiza. Kuvuga ijambo ry'Imana nk'abizigirwa, bafise ubuzima butyoroye, butomoye, ico ni co nyene cotuma utwigoro tw'abavugabutumwa twemerwa n'Imana kandi tugirira akamaro imitima. Abavugabutumwa ba none, baremerewe n'uwo mwitwarariko w'ubwaguke bw'igikorwa, bashobora gutangara hamwe n'iyi ntumwa, bati «Ni nde dukesha ibi bintu?»IN 170.1

    Hari abantu bari bareze Paulo ko yishimagije mw'ikete ryiwe rya mbere. Iyo ntumwa rero yagize ico ibivugako mu kubaza abanywanyi b'ishengero niba bamucira urubanza ku catumye abandikira. Yabajije ati «Mbega dutanguye kwongera kwishimagiza? Canke dukeneye amakete yo kudushimagiza, mwandikiwe canke mwanditse, nk'uko bamwe bandi bagomba?»Abizera bagiye mu kibanza gishasha kenshi bitwaza amakete yo kubemeza avuye mw'ishengero bahoramwo; ariko abakozi b'abarongozi, abashinze ayo mashengero, ntabwo bakenera ayo makete. Abizera b'i korinto, bahoze basenga ibigirwamana bakakira ubutumwa bwiza, bari ubwabo ayo makete Paulo yari akeneye. Kwakira ukuri, n'uguhinduka mu buzima bwabo, vyashingira intahe ubutungane bw'ibikorwa vyiwe, n'ububasha bwiwe bwo guhanura, kwamira ikibi, n'ukuremesha nk'umukozi wa kristo.IN 170.2

    Paulo yabona bene Data b'i Korinto nk'ikete ryiwe rizomushingira intahe. Yavuze, ati «Ni mwebwe kete ryacu, ryanditswe ku mitima yacu, iyo abantu bose bamenya bagasoma. Kuko muboneka ko muri ikete Kristo yatwandikishije, nk'uko igikorwa cacu kiri; kitandikishijwe na wino, ariko candikishijwe Mpwemu w'Imana nzima; kitanditswe ku bisate vy'amabuye, ariko canditswe ku bisate, ni vyo mitima y'inyama.» Uguhindukirira Imana kw'abanyavyaha n'ukwezwa kwabo biciye mu kuri, ni co cemezo gihambaye umukozi w'Imana afise, cemeza ko Imana yamuhamagaye mu gikorwa. Icemezo c'uko ari intumwa canditse ku mitima y'abo bahindukiriye Imana, maze kikagaragazwa n'ubuzima bwabo bwahindutse. Kristo ahinguwe muri bo, We vyizigiro vy'ubwiza. Umukozi w'Imana akomezwa cane n'ibi bidodo vy'igikorwa ciwe.IN 170.3

    Uyu musi abakozi ba Kristo bategerezwa gushingirwa intahe nk'iyo ishengero ry'i Korinto ryashingiye ibikorwa vya Paulo. Ariko naho muri iki gihe hari abigisha ijambo ry'Imana benshi, abavugabutumwa babishoboye, bubaha Imana, abantu buzuye rwa rukundo rwari mu mutima wa kristo ni bake. Ubwibone, ukwiyemera, gukunda isi, kurondera amakosa mu bandi, ishavu, ishari, ni ivyamwa vyikorewe na benshi mu bavuga ko bari mw'idini rya kristo. Ubuzima bwabo, butandukanye cane n'ubuzima bw'Umukiza, kenshi butanga igishingantahe giteye agahinda ca kamere y'igikorwa c'ivugabutumwa catumye bahindukirira Imana.Nta teka umuntu ashobora kuronka rirengeye iryo kwemerwa n'Imana nk'umukozi w'ubutumwa bwiza. Ariko abo Umwami ahezagiza ubushobozi n'ukuroranirwa mu gikorwa ciwe ntibishira hejuru. Batahura ko ata co bokora batagifashijwe na We, bakamenya ko ubwabo ata bushobozi bafise. Paulo avuga ati «si uko dushobora ubwacu kwiyumvira ikintu cose nk'aho ari twebwe candurutseko, ariko dushobozwa n'Imana; niyo yadushoboje kuba abakozi b'isezerano risha.»IN 171.1

    Umukozi w'ubutumwa bwiza w'ukuri akora igikorwa c'Umwigisha wiwe. Atahura akamaro k'igikorwa ciwe, agatahura ko imigenderanire yiwe n'ishengero, n'isi itegerezwa gusa n'iyo Kristo yari afise. Akora atiziganya ngo arongore abanyavyaha ku rugero rw7ubuzima bubereye, bwo hejuru, kugira bazoronke ingororano y'uwuzonesha. Iminwa yiwe ikorwako n'ikara rizima riva ku gicaniro, kandi ashira hejuru Yesu nk'ivyizigiro vy'umunyavyaha. Abamwumva barazi ko yiyegereje Imana, asenga yinginga ashimitse. Mpwemu Yera yamumanutseko, umutima wiwe wakozweko n'inkomezi z'umuriro wo mw'ijuru. Kandi ashobora kugereranya ibintu vy'impwemu. Ahabwa ubushobozi bwo gusenyura inkomezi za Satani. Imitima irameneka igihe yerana urukundo rw'Imana, kandi benshi bituma babaza bati, «Nokora iki ngo ndonke ubugingo budashira?» «Nico gituma tutihebura, kuko dufise ubwo busuku, nk'uko twagiriwe ikigongwe. Twanse ibiteye isoni bikorerwa mu mpisho, ntitugenda mu bugunge, ntitugoreka ijambo ry'Imana, ariko kwerekana ukuri ni ko twishimagirisha mu nyonga z'Imana ku mudma w'umuntu wese. Ariko namba ubutumwa bwiza twahawe butwikirwa, butwikirwa abahona, ni bo batizera, bamwe imana y'iki gihe yahumye imitima, ngo umuco ntubakire w'ubutumwa bw'ubwiza bwa Kristo, ni we shusho y'Imana. Kuko tutigisha abantu ivyacu, ariko tubigisha ivya Kristo Yesu ko ari we Mwami, natwe yuko turi abashumba banyu ku bwa Yesu. Imana, imwe yavuze ngo umuco wake, uvuye mu mwiza, ni yo yakiye mu mitima yacu, kwerekana umuco, ni wo kumenya ubwiza bw'Imana buri mu nyonga ha Yesu Kristo.» Uko niko, iyo ntumwa yarase ubuntu n'imbabazi vy'Imana, vyerekanwa mw'iragi yashikirijwe nk'umukozi wa Kristo. Ku bwo imbabazi ntangere z'Imana, we na bene Data bari barashigikiwe mu ngorane, akababaro, n'akaga. Ntibari bashingiye ukwizera kwabo n'inyigisho ku vyifuzo vy'ababumviriza, canke ngo bahishe ukuri guhambaye kwo gukiza, kugira ngo inyigisho zabo ziryohere abantu.Bari bashikirije ukuri mu buryo bworoshe kandi bwumvikana, basengera abantu ngo bagondozwe kandi bahindukirire Imana. Kandi bari baragerageje kwigenza nk'uko bigisha, ngo ukuri bigisha gushike ku mutima w'umuntu wese.IN 171.2

    Iyo ntumwa yarabandanije, iti «Ariko dufise ubwo butunzi mu nzavya z'ibumba, ngo ubushobozi buhebuje bube ubw’ Imana, butavuye kuri twebwe.» Imana yari gushobora gukwiragiza ukuri ikoresheje abamarayika batacumuye, ariko iyi si yo nteguro yayo. Yatoranije abantu, abantu b'intege nke, ngo babe ibikoresho vyo gushira mu ngiro imigambi yayo. Ubwo butunzi bw'agaciro k'umurengera bubitswe mu nzavya z'ibumba. Imigisha yayo itegerezwa gushikira isi iciye mu bantu. Muri bo ubwiza bwayo butegerezwa gukayanganira mu mwiza w'icaha. Mu gikorwa c'urukundo, basabwa gushikira abanyavyaha, abakene, maze bakabazana ku musaraba. Kandi mu gikorwa cabo cose, bategerezwa guha ikuzo, icubahiro n'amashimwe wa wundi ari hejuru ya vyose na bose. Avuga ivyamubayeko, Paulo yerekanye ko mu guhitamwo gukorera Kristo atasunitswe n'ukwikunda, kuko ubuzima bwiwe bwaranzwe n'imibabaro n'ibigeragezo. Yanditse ati,«Dusugerezwa impande zose, ariko ntidushika mu mbambane; turazazanirwa, ariko ntituranduka umutima; turahamwa, ariko ntiduhebwa; dukubitwa hasi, ariko ntitugwaho; imisi yose tugendana mu mubiri urupfu rwa Yesu, ngo ubugingo bwa Yesu na bwo buserukire mu mubiri wacu.»IN 172.1

    Paulo yibukije bene Data ko nk'intumwa za Kristo, we n'abo basangiye igikorwa bama na ntaryo mukaga. Imibabaro baciyemwo yabasizemwo imvune. Yanditse ati «Twebwe abariho, na ntaryo dutangwa ngo dupfe baduhora Yesu, kugira ngo ubugingo bwa Yesu nabwo buserukire mu mubiri wacu uzopfa. Nuko rero urupfu rukorera muri twebwe, ariko ubugingo bukorera muri mwebwe.» Mu kubabazwa ku mubiri, mu kwiyima no gucumukura, aba bakozi ba Kristo bariko barishushanya n'urupfu rwiwe. Ariko, icazana urupfu muri bo cariko kizanira ubuzima bwa Mpwemu n'amagara meza Abakorinto; mu kwizera ukuri bagirwa abasangira ku bugingo budashira. Ku bwo ivyo, abigishwa ba Yesu bategerezwa kwiyubara, ngo ntibongereze, mu rwangara n'ukubura urukundo, imitwaro n'imibabaro y'abakozi b'Imana.IN 172.2

    Paulo yarabandanije ati «ko dufise uwo mutima wizera, uboneka mu Vyanditswe, ngo Nizeye, ni co gituma mvuga; natwe nyene turizera, ni co gituma tuvuga.» Kubera yari azi ko ukuri yahawe atari ikinyoma, nta kintu na kimwe cashobora kwosha Paulo kwigisha ikinyoma canke ngo ahishe ivyemezo vyo mu mutima wiwe. Ntiyashobora kurondera ubutunzi, icubahiro, canke ukwinezereza nk'uko ab'isi babikora. Naho na ntaryo yama ari mw'irinde ry'urupfu azira ukwizera, yari azi ko uwapfuye kandi akazuka azomuzura kandi akamushikiriza Data. Yavuze ati «Kuko ivyo vyose biba ku bwanyu kugira ngo ubuntu bw'Imana bwongeranishwe n'ukugwira kw'abantu, bugwize ishimwe, ngo ritere Imana icubahiro.» Intumwa ntizavuze ubutumwa bwiza ngo bishire hejuru ubwabo. Ivyizigiro vyo gukiza imitima ni vyo vyabateye kwihebera iki gikorwa. Kandi ni ibi vyizigiro vyabateye kudacika intege ku bwo gutinya akaga canke imibabaro y'iki gihe.IN 172.3

    Paulo yavuze ati «Nico gituma tutihebura, ariko naho umuntu wacu wo ku rukoba ariko arabora, umuntu wacu w'imbere yama ahinduka musha uko bukeye.» Paulo yaratahura ubushobozi bw'umwansi; ariko naho inkomezi ziwe z'umubiri zagenda zigabanuka, yamamaje ubutumwa bwiza bwa kristo bwizigirwa, kandi atiziganije. Yambaye ibirwanisho vyose vy'Imana, iyi ntwari y'umusaraba yabandanije urugamba. Ijwi ryayo rizana inkomezi ryamushingiye intahe ko yanesheje. Yahanze amaso ingororano y'ukwizera, ashira hejuru n'amajwi y'intsinzi, «Kuko amarushwa yacu ahwahutse y'akanya ka none yiyongeranije cane kudushikiriza ubwiza buremereye bw'ibihe bidashira; natwe ntituraba ku biboneka, ariko turaba ku bitaboneka: kuko ibiboneka ari ivyo igihe gito, ariko ibitaboneka bikaba ivyo ibihe bidashira.»Iyo ntumwa yasavye yinginga abavukanyi b'i Korinto kwongera kwihweza urukundo ntangere rw'Umukiza wabo. Yanditse ati «kuko muzi ubuntu bw'Umwami wacu yesu Kristo, yuko naho yari umutunzi, yihinduye umworo ku bwanyu, kugira ngo ubworo bwiwe bubatungishe.» Murazi uburebure yavuyeko yicisha bugufi, agakengerwe kadashoboka yihanganiye. Amaze kugendera mu nzira y'ukwiyanka n'ukwitanga, ntiyayiviririye gushika atange ubuzima bwiwe. Nta gahengwe kabaye hagati y'intebe y'ubwami n'umusaraba.IN 173.1

    Intambuko ku yindi, Paulo yararandiriye, kugira ngo abazosoma ikete ryiwe bazotahure neza ibintu bidasanzwe Umukiza yabakoreye. Yerekanye kristo, ingene yari ari igihe yangana n'Imana, kandi ahabwa icubahiro n'abamarayika, maze iyo ntumwa irakomeza yerekana inzira yaciyemwo gushika amanuke ku gakengerwe katagira uko kangana. Paulo yari azi neza ko hamwe yoshobora kubumvisha ukwitanga gutangaje kw'Umwami w'ijuru, ukwikunda kwose kwosendwa mu buzima bwabo. Yerekanye ingene Umwana w'Imana yashize i ruhande icubahiro ciwe, agahitamwo ata gahato kwishira mu kiringo ca kamere y'umuntu, kandi akiyorosha nk'umusuku, akagamburuka gushika apfe, «mbere urupfu rw'umusaraba» (Ab'i Filipi 2:8), ngo aduze umuntu yaguye amukura ku cavu akamushikana ku vyizigiro n'umunezero w'ijuru.IN 173.2

    Iyo twize kamere y'Imana twiyumvira n'umusaraba, tubona imbabazi, ubugwaneza, n'ikigongwe kivanze n'ubutungane. Tubona hagati y'intebe y'ubwami uwufise mu biganza no ku maguru no mu rubavu ibimenyetso vy'umubabaro yihanganiye ngo yuzuze umuntu n'Imana. Tubona Data, atagira itanguriro n'iherezo, yicaye mu muco utegerwa, ariko atwakira mu maboko yiwe biciye mu bikorwa vy'Umwana wayo. Igicu c'uguhora cazana gusa amagorwa n'ukwihebura, kirabiwe mu muco uva ku musaraba gihishura amajambo yanditswe n'Imana: Baho, munyavyaha, baho. Mwa mitima yihanye, mwe, ni mubeho. Naratanze indishi. Twitegereje Kristo, twicara ku musenyi w'urukundo rutagira akagero. Twifuza kuvuga urwo rukundo, tukabura amajambo twokoresha. Turazirikana ubuzima bwiwe kw'isi, ikimazi yadutangiye, igikorwa ciwe mw'ijuru nk'Umwitsa wacu, n'amazu ariko arategurira abamukunda, maze tukavuga dutangara tuti, Mbega ubuntu bwo hejuru no hasi vy'urukundo rwa Kristo? Iki ni co kirimwo urukundo, si uko twakunze Imana, ariko ni uko ariyo yadukunze, igatuma Umwana wayo kuba impongano y'ivyaha vyacu.» «Murabe urukundo uko rungana Data wa twese yatugiriye, ko twitwa abana b'Imana.» 1 Yohana 4:10; 3:1.IN 174.1

    Mu mwigishwa w'ukuri wese, uru rukundo, rwaka ku gicaniro c'umutima nk'umuriro mweranda. Kw'isi ni ho urukundo rw'Imana rwahishuriwe biciye muri kristo. Kw'isi ni ho abana bayo bategerezwa kwerekana uru rukundo mu buzima bwabo butagira agasembwa. Uku niko abanyavyaha bazoyoborwa ku musaraba ngo bitegereze Umwagazi w'intama w'Imana.IN 174.2

    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents