Loading...
Larger font
Smaller font
Copy
Print
Contents
Ivyakozwe N'intumwa - Contents
  • Results
  • Related
  • Featured
No results found for: "".
  • Weighted Relevancy
  • Content Sequence
  • Relevancy
  • Earliest First
  • Latest First
    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents

    Ikigabane ca 57: Ihishurirwa

    Mu misi y'intumwa Abakristo bari buzuye umwete n'igishika cinshi. Gutyo bakoreye Umwami wabo mu mwanya muto cane, n'ubwo hari ingorane nyinshi, ubutumwa bwiza bwumvikanye mu turere twose tw'isi turimwo abantu. Umwete abigishwa ba Yesu berekanye muri ico gihe wanditswe mw'ijambo ry'Imana ngo utere intege abizera bo mu bihe vyose.IN 302.3

    Kw'ishengero ry'i Efeso, iryo Umwami Yesu afata nk'ikimenyetso c'ishengero rya Kristo ryose mu bihe vy'intumwa, Icabona cizigirwa kandi c'ukuri yavuze ati: «Ndazi ibikorwa vyawe n'ubutame bwaweIN 303.1

    n'ukwihangana, kandi yuko udashobora kwirengagiza ababi: ariko wagenzuye abiyita intumwa kandi atari zo, usanga n'abanyabinyoma: kandi ugira ukwihangana, wirengagije ivyo ugirirwa kw'izina ryanje, ntiwacobogora.» Ivyahishuwe 2:2, 3.IN 303.2

    Mu ntango ubuzima bw'ishengero ry'i Efeso ryarangwa n'ubwitonzi n'umwete nk'uw'umwana. Abizera bagerageza bashimitse kwumvira ijambo ryose ry'Imana, kandi ubuzima bwabo bwagaragaza urukundo rwa Kristo rukomeye kandi rw'ukuri. Bahimbarwa no gukora ubugombe bw'Imana kubera Umukiza yibera mu mitima yabo. Kubera bari buzuye urukundo bakunda Umucunguzi, intumbero yabo nyamukuru yari iyo kumuzanira imitima. Ntibiyumvira kwikumirirako ubutunzi buhebuje bw'ubuntu bwa Kristo. Batahuye akamaro k'umuhamagaro wabo; kandi baremerewe n'ubu butumwa, «Mw'isi amahoro abe mu bo anezererwa,» barurumba icifuzo co gutwara inkuru nziza z'agakiza mu bibanza vy'isi vyinyegeje. Kandi amahanga yamenye ko bagendanye na Yesu. Abanyavyaha, bihanye, bababariwe, bogejwe, kandi bejejwe, banywanishijwe n'Imana biciye mu Mwana wayo.IN 303.3

    Abanywanyi b'ishengero bari basangiye umutima n'inama. Urukundo bakunda Kristo ni wo wari umunyororo w'izahabu wababumbira hamwe. Babandanya bihatira kumenya Umwami Yesu kuruta uko bamuzi, kandi mu buzima bwabo hagaragara umunezero n'amahororo ya Kristo. Baragendera impfuvyi n'abapfakazi mu kababaro kabo, kandi baririnda kwanduzwa n'isi, batahura yuko gukora ibinyuranye n'ivyo kwoba ukuvuguruza ivyo bizeye n'ukwihakana Umucunguzi wabo.IN 303.4

    Mu gisagara cose igikorwa caratera imbere.Abantu barahindukirira Imana, nabo bakumva ko bategerezwa kuvuga ivyo ubutunzi buhebuje baronse. Ntibashobora guhumeka gushika umuco wamurikiye imitima yabo ukayanganire ku bandi. Amasinzi y'abatizera yaratahuye impamvu z'ivyizigiro vy'Umukristo.Imihamagaro y'ubugwaneza yarashikirizwa abazmuye, abagizwe ibicibwa, n'abo, naho bavuga ko bazi ukuri, bakunda ibibaryohera kuruta uko bakunda Imana. Ariko inyuma y'igihe gito umwete w'abizera waragabanutse, maze urukundo bakunda Imana n'abandi ruragabanuka. Ubukonje bwaranyengetereye buhabwa indaro mw'ishengero. Bamwe baribagiye uburyo butangaje bakiriyemwo ukuri. Abari akarorero k'abatwara muco barakurikiranye mu gusezera isi. Bamwe mu bakozi bakiri bato, bari gusangira imitwaro n'abo bakurambere, gutyo bakitegurira kuba abarongozi b'ubwenge, bararuhijwe n'ukwama kuri ukwo kuri. Mu cifuzo cabo co kuronka ikintu gisha kandi kiryoheye ugutwi, bagerageje kwinjiza inyigisho nsha, ziryohera benshi, ariko zidahuye n'ingingo ngenderwako z'ubutumwa bwiza. Mu kwiyemera kwabo no mu buhumyi bwabo bwo mu vy unpwemu, ntibashoboye gutahura ko izo nyigisho zizotuma benshi bahakana kahise baciyemwo, kandi bagaherukira mu kuzazanirwa n'ukutizera.IN 303.5

    Ubwo izo nyigisho z'ibinyoma zashirwa imbere, havyutse ukutabona kumwe ibintu, kandi amaso ya benshi ntiyasubira kwitegereza Kristo nk'Uwatanguje ukwizera kwabo kandi Uwuzogushitsa kw'iherezo. Ibihari ku ngingo zihambaye z'inyigisho, n'ukwiroderera imigani iryoshe y'ibinyoma yubatswe n'abantu, itwara umwanya wokoreshejwe mu kuvuga ubutumwa. Aya masmzi y'abantu yari kwemera kandi agahindukirira Imana ku bwo ubutumwa bwiza ntibagabishijwe. Ukwubaha Imana kwazimanganye vuba vuba, kandi Satani yasa n'uko yanesheje abavuga ko ari Abigishwa ba Kristo. Ni muri ico gihe kigoye c'ubuzima bw'ishengero Yohana yaciriwe urwo kwangazwa. Ijwi ryiwe ntigigeze riba nkenerwa kw'ishengero nko muri bino bihe. Nka bose mu bo bari basangiye igikorwa bari bamaze kwicwa bazira ukwizera kwabo.IN 304.1

    Amasigarira y'abizera bariko baraca mu gahamo gakomeye. Ku vyo amaso abona, hari hasigaye gato gusa ngo abansi b'ishengero rya Kristo batahukane intsinzi. Ariko ukuboko kw'Uhoraho kwariko kurakora mu mwiza kutaboneka. Mu burongozi bw'Imana, Yohana yashizwe ahantu Kristo ashobora kumwihishurira mu buryo bwuzuye no kumuhishurira ukuri kw'Imana kuzomurikira amashengero yose.IN 304.2

    Mu kwangaza Yohana, abansi b'ukuri bari bizeye ko bazokwugara burundu ijwi ry'icabona c'Imana c'intungane; ariko kuri Patimo uwo mwigishwa yaronse ubutumwa, igikorwa cabwo kizobandanya gukomeza ishengero gushika ku muhero w'isi. Naho batakuweko inkurikizi y'igikorwa cabo kibi, abangaje Yohana babaye ibikoresho mu maboko y'Imana vyo gushitsa umugambi w'Ijuru; kandi utwigoro nyene two kuzimanganya umuco twashize ukuri mu kibanza butoreramwo akoyoko. Hari kw'Isabato uwo musi Umwami w'ubwiza abonekera iyo ntumwa yangajwe. Yohana yubahirije Isabato ari i Patimo nk'uko yayubahiriza igihe yasigurira abantu ijambo ry'Imana mu bisagara vy'i Yudeya. Yiharura nk'ayiwe, amasezerano y'agaciro yatanzwe .ajanye n'uwo musi. Yohana yandika ati, «Ku musi w'Imana nari muri Mpwemu, numva inyuma yanje ijwi rirenga nk'iry'inzamba, rivuga riti, Jewe ndi Alufa na Omega, uwa mbere n'uwanyuma. . . . Nuko mpindukira kuraba ijwi rivuganye nanje. Mpindukiye mbona ibiterekwako amatara ndwi; kandi hagati y'ivyo biterekwako mbona uwusa n'Umwana w'umuntu.» Ivyahishuwe 1:10-13.IN 304.3

    Yagiriwe amahirwe adasanzwe uwo mwigishwa mukundwa. Yari yarabonye Umwigisha wiwe i Getsemane, mu maso hiwe huzuye amaraso y'akababaro, «mu maso hiwe. . . hononekaye ntihase n'ah'umuntu, n'ishusho yiwe yononekaye ntise n'iy'abana b'abantu.» Yesaya 52:14. Yari yaramubonye mu minwe y'abasoda b'Abaroma, yambaye ikanzu y'inyambarabami n'urugori rw'amahwa. Yari yaramubonye yenena ku musaraba w'i Kaluvari, yabaye akamenyo n'agashinyaguro. Ubu Yohana yemerewe kandi kwitegereza Umwami wiwe. Ariko ntiworaba ingene yahindutse! Ntakiri umuntu w'imibabaro, akengerwa kandi agacokorwa n'abantu. Yambaye impuzu y'ugukayangana kwo mw'ijuru. «Umutwe wiwe n'umushatsi wiwe» bisa «n'ubwoya bw'intama y'umwero, canke nka shelegi; kandi inyonga ziwe . . . nk'imbeya z'umuriro; kandi ibirenge vyiwe vyasa n'umuringa w'umwakaka, utukujwe n'umuriro.» Ivyahishuwe 1:14, 15, 17. Ijwi ryiwe ryari rimeze nk'iry'amazi menshi asuma. Mu maso hiwe hakayangana nk'izuba. Mu biganza vyiwe hari inyenyeri ndwi, kandi mu kanwa kiwe havamwo inkota ikarishe y'ubugi bubiri, igereranya ubushobozi bw'ijambo ryiwe. Patimo igizwe nziza n'ubwiza bw'Umwami Yesu ahari. Yohana yandika ati, «Ndamubonye, nikubita imbere y'inyundo ziwe nk'uwupfuye. Maze anshirako ukuboko kw'i buryo, ati Ntutinye.» Umurongo wa 17.IN 305.1

    Yohana yakomejwe no kubana n'Umwami wiwe ari mu bwiza. Hanyuma imbere y'ibitangaza yeretswe hugurutse ivyiza vy'ijuru. Yemerewe kubona intebe y'Imana kandi, aravye hirya y'intambara zo mw'isi, abona isinzi ry'abakijijwe bambaye amakanzu yera. Yumvise indirimbo z'abamarayika bo mw'ijuru n'indirimbo z'intsinzi z'abatsinze ku bwo amaraso y'Umwagazi w'intama n'ijambo ryo gushinga intahe kwabo. Mu vyo yeretswe hahishuwe ido n'ido y'ibihambaye vyabaye mu buzima bw'abantu b'Imana, n'ibizoshikira ishengero gushika ku muhero w'isi. Mu bimenyesto n'ingereranyo Yohana yeretswe ibintu bihambaye, yategerezwa kwandika, ngo abantu b'Imana bazobaho mu gihe ciwe no mu bihe bizoza bazotegerezwa gutahura vyerekeye akaga n'intambara biri imbere yabo. Iri hishurirwa ryatanzwe ngo rirongore kandi riremeshe ishengero mu bihe vyose Abakristo bazoba bariho. Ariko abigisha b'amadini bavuze ko ari igitabo kimatanije kandi ko amabanga yaco adashobora gusobanurwa. Ku bw'ivyo benshi bateye umugongo Ivyanditswe Vyera, banka gufata umwanya no kwiga ibihishijwe muii vyo. Ariko Imana ntiyifuza ko abantu bayo gufata gutyo ico gitabo. Ni «uguhishura kwa Yesu Kristo, ukwo yahawe n'Imana ngo yereke abagurano biwe ibigira bibeho vuba.» «Hahirwa uwusoma,» niko Uhoraho avuga, «hahirwa n'abumva amajambo y'uku kuvugishwa n'Imana, bakitondera ivyanditswe muri yo: kuko igihe kiri hafi.» Imirongo 1, 3. «Uwumva wese amajambo yavugishijwe yo muri iki gitabo ndabishingira intahe kuri we, nti Nihagira umuntu azokwungurira kuri yo, Imana izomwunguka'ku vyago vyanditswe muri iki gitabo: kandi ni hagira umuntu akura ku majambo y'igitabo c'ibi vyavugishijwe na yo, Imana izomukura ku mugabane wa ca giti c'ubugingo no kuri wa murwa wera, vyanditswe muri iki gitabo. Uwushingira intahe ivyo, aravuga ati Ego me, ndaza vuba.» Ivyahishuwe 22:18-20.IN 305.2

    Mu Vyahishuwe handitswemwo ibintu vy'agaciro vy'Imana. Izina ubwaryo ryahawe impapuro zavyo zahumekewe, «Ihishura,» rivuguruza amajambo yemanga ko iki gitabo cairiatanijwe. Ihishura ni ikintu cashizwe ahagaragara. Umwami ubwiwe yahishuriye umusuku wayo amabanga ari muri iki gitabo, kandi yifuza ko ayo mabanga azokwugururirwa bose ngo bayige. Ukuri kwayo kubarirwa abariho mu misi ya nyuma y'ubuzima bw'iyi si, kandi akabarirwa n'abariho mu misi ya Yohana. Bimwe mu bivugwa muri aya majambo yavugishijwe biri muri kahise, ibindi biriko biraba ubu; bimwe vyerekana intambara ihambaye ya nyuma iri hagati y'ububasha bw'umwiza n'Umwami w'ijuru, ibindi na vyo bihishura intsinzi n'akanyamuneza vy'abacunguwe mw'isi yahinduwe nsha. Ntihagire abibaza ko, kubera badashobora gusobanura insiguro ya buri ngereranyo yo mu Vyahishuwe, ataco bimaze kurondera muri iki gitabo mu kigoro ko kumenya ubusobanuro bw'ukuri kuri muri co. Uwasobanuriye ayo mabanga Yohana azoha umushakashatsi aroidera ukuri, imponjo y'ivyo mw'ijuru. Abafise imitima yuguruye ngo yakire ukuri bazoshobozwa gutahura inyigisho zakwo, kandi bazohabwa imigisha yasezeraniwe abumva «amajambo y'uku kuvugishwa n'Imana kandi bakitondera ivyanditswe muri yo.»IN 306.1

    Mu Vyahishuwe ibitabo vyose vya Bibihya bihuriramwo kandi bikarangiriramwo. Aha harimwo inyunganizi ku gitabo ca Daniyeli. Kimwe ni ivyavugishijwe; ikindi ni ihishura. Igitabo camatanijwe si Ivyahishuwe, ahubwo hamatanijwe igice ca nyuma c'amajambo yavugishijwe ya Daniyeh yerekeye imisi y'imperuka. Umumarayika yategetse, ati «Nuko rero wewe Daniyeli, gumiza ayo majambo muri ntibate, umatanishe ishashara igitabo cavyo udomeko ikimenyetso, gushitsa igihe c'iherezo.» Daniyeli 12:4.IN 306.2

    Ni Kristo yategetse iyo ntumwa kwandika ivyo yeretswe biri imbere yiwe. «Ico ubona ucandike mu gitabo,» Niko Kristo yategetse, «kandi ukirungikire amashengero ndwi ari muri Asiya; muri Efeso, n'i Simuruna, n'i Perugamo, n'i Tuwatira, n'i Sarudi, n'i Filadelufiya, n'i Lawodikiya.» «Kandi ndi muzima; nari narapfuye, kandi raba ndi muzima ibihe bitazoshira. . . . Nuko wandike ivyo ubonye n'ibiriho n'ibizoza hanyuma y'ivyo; ibanga ry'inyenyeri ndwi izo umbonanye mu kuboko kwanje kw'i buryo, n'ivyo ibiterekwako amatara ndwi ni zo bamarayika b'ayo mashengero ndwi, ibiterekwako amatara ndwi na vyo ni vyo mashengero ndwi.» Ivyahishuwe’ 1:11, 18-20. Amazina y'ayo mashengero ndwi agereranya ishengero mu bihe bitandukanye vy'ikiringo c'Ubukristo. Igitigiri 7 cerekana ikintu cuzuye, kandi ni ingereranyo y'uko ubutumwa bushika ku gihe c'iherezo, naho ingereranyo zakoreshejwe zihishura uko ishengero rizoba rimeze mu bihe bitandukanye vy'ubuzima bw'isi. Kristo avugwa ko ariko aragendagenda hagati y'ibiterekwako amatara vy'izahabu. Ibi bigereranya imigenderanire yiwe n'ayo mashengero. Yama avugana n'abantu biwe ubudahengeshanya. Arazi uko bameze atihenda. Aritegereza urutonde rwabo, ukwubaha Imana kwabo, n'ukwitanga kwabo. Naho ari umuherezi mukuru n'umwitsa mw'ihema ryo mw'ijuru, agereranywa n'uwugendagenda aduga yongera amanuka hagati y'amashengero yiwe kw'isi. Yama na ntaryo ari maso kandi agavye, yihweza ngo arabe ko itara ry'abarinzi biwe rigabanya umuco canke rizima. Iyaba ibiterekwako amatara birindwa n'umuntu buntu, umuco wogabanuka kandi urubeya rukazima; ariko ni we murinzi nyakuri mu nzu y'Imana, umugenduzi nyakuri w'abarinzi b'urusengero. Uburinzi bwiwe budahengeshanya n'ubuntu bwiwe budushigikira ni isoko y'ubuzima n'umuco.IN 306.3

    Kristo agereranywa n'uwufashe inyenyeri ndwi mu kuboko kw'i buryo kwiwe. Ibi bitwizeza ko ata shengero na rimwe ryashizwe mu maboko atarekura yiwe rikwiye gutinya ko ryotaha zirayoye, kuko ata nyenyeri iri mu bwigobeko bw'Iyishobora vyose ishobora kunyagwa mu kuboko kwa Kristo. «Uwufashe inyenyeri ndwi mu kuboko kwiwe kw'i buryo aravuga ibi.» Ivyahishuwe 2:1. Aya majambo abwirwa abigisha mu mashengero-abo Imana yashinze amabanga ahambaye. Ibikorwa vyiza bitegerezwa kuba vyinshi mw'ishngero bifatanirijwe hamwe n'abavugabutumwa b'Imana, basabwa guhishura urukundo rwa Kristo. Inyenyeri z'ijuru ziri musi y'ubutegetsi bwayo. Azuzuza umuco. Araziyobora kandi akazerekeza iyo zija. Atagenjeje atyo, zohinduka inyenyeri zaguye. Uko ni ko biri no ku bavugabutumwa bayo. Ni ibikoresho gusa mu maboko yayo, kandi iciza cose bakora gikorwa mu bushobozi bwayo. Biciye muri bo umuco wayo utegerezwa kuja imbere ukayangana. Umukiza ni We ategerezwa kubabera vyose. Nibamuhanga amaso nk'uko yahanga amaso Se, bazoshobozwa gukora igikorwa ciwe. Uko bishimikiza Imana, azobaha ugukayangana kwiwe ngo bamurikire amahanga yose.IN 307.1

    Kare kare mu buzima bw'ishengcro ibanga ry'umugararizo nkuko intumwa Paulo yari yaritanzeko imburi ryatanguye igikorwa caryo c'ubugizi bwa nabi; kandi ubwo ba bigisha b'ibinyoma Petero yari yagabishije abizera ngo birinde, binjiza inyigisho zigoramye zabo, benshi batwawe n'izo nyigisho baragwa. Bamwe baracobogoye ku bwo imibabaro kandi bahakwa guta ukwizera. Mu gihe Yohana yahabwa iri hishurirwa, benshi bari bataye urukundo rwa mbere bakunda ukuri kw'ubutumwa bwiza. Ariko ku bwo imbabazi z'Imana ntibavuye mw'ishengero ngo bakomeze kuba muri iyo nyifato y'uguheba ukwizera. Mu butumwa bwuzuye urukundo rutagira akagero yabahishuriye urukundo ibafitiye n'icifuzo cayo ko bomukorera ibihe bidashira. «Niwibuke,» niko yabinginze, «aho wavuye ukagwa; wihane, ukore ibikorwa nk'ivya mbere.» Umurongo 5.IN 307.2

    Ishengero ryari ryononekaye kandi rikeneye gukankamirwa no guhanwa, kandi Yohana yahumekewe kwandika ubutumwa bwo kugabisha no gukankamira no kwinginga kuri abo, ku bwo kwibagira amategeko ngenderwako y'ubutumwa bwiza, bohavuye batakaza ivyizigiro vy'agakiza. Ariko imisi yose amajambo y'akanywafinywafi Imana ibona ko ari nkenerwa kurungika avugwa mu rukundo n'isezerano ry'amahoro ku mwizera wese yihanye. Umwami Imana avuga ati, «Ehe mpagaze ku rugi, ndaramukije. Umuntu ni yumva ijwi ryanje, akugurura urugi, ndinjira i we, dusangire.» Ivyahishuwe 3:20.IN 308.1

    Kandi ku bari mu ngorane bategerezwa kuguma bizeye Imana, uwo muvugishwa n'Imana yahawe amajambo y'ishimwe n'isezerano: «Ndazi ibikorwa vyawe: ehe nshize imbere yawe urugi rwuguruye, nta wushobora kurwugara: ufise ubushobozi buke, kandi witondeye ijambo ryanje, ntiwihakanye izina ryanje.» «Kuko witondeye ijambo ryo kwihangana kwanje, nanje nzokiuinda igihe co kugerageza, kigira kize kugerageza ababa mw'isi.» Abizera bahanuwe ngo: «Gira ube maso, ukomeze ibisigaye bigira bipfe.» «Ngira nze vuba: wumire ku co ufise, ntihagire uwugutwara igitsibo cawe.» Imirongo 8,10, 2,11.IN 308.2

    Wa wundi yivuga ubwiwe ko ari «mwene So, musangiye amarushwa» Ivyahishuwe 1:9, ni we Kristo yakoresheje mu guhishurira ishengero ibintu bategerezwa kubabazwa ku bwiwe. Akubitije amaso mu binjana vyinshi vy'umwiza n'ukwizera ibintazi, uwo mutama yangajwe yabonye amasinzi y'abantu apfa azira ukwizera ku bwo urukundo bakunda ukuri. Ariko kandi yabonye ko Uwashigikiye ivyabona vyiwe vya mbere atazokwibagira abigishwa biwe b'abizigirwa mu binjana vy'agahamo bategerezwa gucamwo imbere y'umuhero w'isi. «Umwami Yesu yavuze ati, «Ntutinye ivyo ugira ubabazwe. Ehe uwo Murwanizi agira ashire bamwe muri mwebwe mw'ibohero kugira ngo mugeragezwe, kandi muzogira amarushwa: . . . Wame uyoboka gushitsa kugupfa, nanje nzoguha igitsibo c'ubugingo.» Ivyahishuwe 2:10.IN 308.3

    Kandi ku bayoboke bariko bararwana n'ikibi, Yohana yumvise aya masezerano: «Uwunesha, nzomuha kurya ku giti c'ubugingo kiri muri Paradiso y'Imana.» «Uwunesha, azokwambikwa atyo impuzu zera, kandi sinzosibanganya izina ryiwe mu gitabo c'ubugingo na mba, kandi nzokwatura izina ryiwe imbere ya Data, n'imbere y'abamarayika biwe.» «Uwunesha, nzomuha kwicarana nanje ku ntebe yanje y'ubwami, nk'uko nanje nanesheje nkicarana na Data ku ntebe yiwe.» Imirongo 7; 3:5, 21.IN 309.1

    Yohana yabonye imbabazi, ubugwaneza, n'urukundo rw'Imana bivanze n'Ubugororotsi, ubutungane n'ubushobozi. Yabonye abanyavyaha baronka muri We Data, wa wundi ivyaha vyabo vyari vyabateye kumutinya. Kandi aravye hirya inyuma y'iyo ntambara ihambaye, yabonye kuri Siyoni, «abatabarutse banesheje . . . bahagaze kuri ico kiyaga c'ibirahuri, bafise inanga z'Imana.» kandi baririmba «indirimbo ya Mose» n'indirimbo wa mwagazi w'intama. Ivyahishuwe 15:2,3.IN 309.2

    Umukiza yaserutse imbere ya Yohana mu ngereranyo «y'Intambwe yo mu muryango wa Yuda» n'iyo «Umwagazi w'intama asa n'uwishwe.» Ivyahishuwe 5:5, 6.Izo ngereranyo zerekana ubushobozi ntangere bufatanye n'urukundo rwitangako ikimazi. Iyo Ntambwe yo mu muryango wa Yuda, iteye ubwoba ku bahakana ubimtu bwayo, izoba umwagazi w'intama w'Imana ku bagamburuka kandi bakayoboka. Inkingi y'umuriro itera ubwoba kandi yuzuye uburake ku bahonyanga ivyagezwe vy'Imana ni ikimenyetso c'umuco n'ikigongwe n'ukubohorwa ku bitondeye amabwirizwa yayo. Ukuboko gukomeye kwo kurimbura abagumutsi kuzoba ukuboko gukomeye kwo gukiza abayoboke. Umuntu wese w'umwizigirwa azokizwa. «Azotuma abamarayika biwe n'ijwi rirenga ry'inzamba, bakoranye abatoranijwe biwe, bave mu birere bine, guhera iyo ijuru ritangurira kugeza iyo riherera.» Matayo 24:31.IN 309.3

    Ubagereranije n'imiliyoni y'abantu bari mw'isi, abantu b'Imana bazoba, nk'uko bamye baba, ubusho buto; ariko nibahagararira ukuri nk'uko guhishuriwe mw'ijambo ryayo, Imana izobabera ubuhungiro. Bahagarara mu si y'inkinzo y'Iyishobora vyose. Imana ni yo Nyamwinshi. Igihe ijwi ry'inzamba ya nyuma rizokwinjira mw'ibohero ry'abapfuye, kandi abagororotsi bakazuka n'akamo k'intsinzi, basemerera, «Wa rupfu we, uruboyi rwawe ruri hehe? Wa rupfu we, intsinzi yawe iri hehe?» (1 Ab'i Korinto 15 :55.)-bagahagararana n'Imana, na Kristo, n'abamarayika, hamwe n'abayoboke n'abanyakuri bo mu myaka yose, abana b'Imana ntibazoba ari umugabane nyamwinshi.IN 309.4

    Abigishwa b'ukuri ba Kristo bamukurikira mu ngorane nyinshi, bakihanganira ukwiyanka kandi bagaca mu bibaca intege bibabaje; ariko ibi bibigisha ububi n'ibara vy'icaha, n'ukukiraba nk'igisesema. Basangira imibabaro na Kristo, bagenewe kuzosangira nawe ubwiza bwiwe. Muri iryo yerekwa ryera uwo muvugishwa n'Imana yabonye intsinzi ya nyuma y'ishengero ry'amasigarira. Yandika ati: «Mbona igisa n'ikiyaga c'ibirahuri kivanze n'umuriro: mbona n'abatabarutse banesheje... bahagaze kuri ico kiyaga c'ibirahuri, bafise inanga z'Imana. Baririmba indirimbo ya Mose umusavyi w'Imana, n indirimbo ya wa Mwagazi w intama, bavuga bati, Ibikorwa vyawe birahambaye kandi biratangaza, Mwami Mana ushobora vyose; inzira zawe ni izigororoka n'ukuri, Mukama w'amahanga.» Ivyahishuwe 15:2, 3. «Kandi mbona Umwagazi w'Intama, ahagaze ku musozi Siyoni, ahagararanye n'abantu ibihumbi ijana na mirongo ine na bine, bafise izina rya Se ryanditswe mu ruhanga rwabo.» Ivyahishuwe 14:1. Muri iyi si ivyiyumviro vyabo babihebeye Imana; bamukoreye bakoresheje ubwenge n'umutima wabo; none ubu ashobora gushira izina ryiwe «mu ruhanga rwabo.» «Kandi bazoba abami ibihe bitazoshira.» Ivyahishuwe 22:5. Ntibinjira kandi basohoka» nk'abasegerereza ikibanza. Bari mu gitigiri ca ba bandi Kristo abarira ngo, «Nimuze, abo Data yahezagiye, muragwe ubwami bwabateguriwe, uhereye ku kuremwa kw'isi.» Abaha ikaze nk'abana biwe, avuga ati, «Nimwinjire mu munezero wa shobuja.» Matayo 25:34, 21. «Abo ni bo bakurikira wa Mwagazi aho aja hose.IN 309.5

    Abo bacunguwe mu bantu, kugira ngo babe umushuzo ku Mana no kuri wa Mwagazi.» Ivyahishuwe 14:4. Ivyo Uwuvugishwa yeretswe biberekana nk'abahagaze ku Musozi Siyoni, bakenyeye ngo bakore igikorwa cera, bambaye umwambaro wera, ari bwo bugororotsi bw'abera. Ariko abakurikira Umwagazi w'Intama mw'ijuru bategerezwa kuba baramukurikiye mw'isi, batabaye abanebwe canke ba sindabibazwa, ahubwo mu bwizigirwa, urukundo, biteguye kwumvira, nk'uko ubusho bukurikira umwungere. «Numva ijwi ryari rimeze nk'iry'abacuraranzi bacuraranga inanga zabo:Baririmba indirimbo nsha imbere ya ya ntebe y'ubwami: . . .kandi nta muntu yashoboye kwiga iyo ndirimbo Atari bamwe ibihumbi ijana na mirongo ine na bine, bacunguwe ngo bakurwe mw'isi. . . . Mu kanwa kabo ntihabonetsemwo ikinyoma: nta gasembwa bagira imbere y'intebe y'ubwami y'Imana.» Imirongo 2-5.IN 310.1

    «Mbona umurwa wera, Yerusalemu musha, wururuka uva mw'ijuru ku Mana, witeguwe nk'umugeni asharizwa umugabo wiwe.» «Ugukayangana kwawo gusa n'ukw'ibuye ry'akabuyenge ry'igiciro kinini cane, nk'akabuyenge kitwa yasipi, kabonerana nk'icirore; izigujwe n'urugo runini rurerure rufise ibirimba cumi na bibiri, no mu birimba hariho abamarayika cumi na babiri, kandi hari amazina yanditsweko, ni yo y'imiryango cumi n'ibiri y'Abisirayeli.» «Kandi ibirimba, uko ari icumi na bibiri, vyari imaragarita cumi na zibiri: ikirimba kimwe cubakishijwe imaragarita imwe, bityo bityo: irango rya wa murwa ni izahabu nziza, isa n'ibirahuri bibonerana. Kandi sinabonye urusengero kuri wo, kuko Umwami Imana ishobora vyose na wa Mwagazi ari bo rusengero rwawo.» Ivyahishuwe 2.1:2, 11, 12, 21, 22. «Nta muvumo uzoba ukiriho: intebe y'Imana na wa Mwagazi izoba muri wa murwa, abagurano bayo bazokwama bashashe, bazoraba mu nyonga hayo, izina ryayo rizokwandikwa mu ruhanga rwabo. Nta joro rizoba rikiriho, kandi ntibazorinda kubonesherezwa n'itara canke kwakirwa n'izuba, kuko Umwami Imana ari yo izobakira.» Ivyahishuwe 22:3-5. «Anyereka uruzi rw'amazi y'ubugingo, rubonerana nk'icirore, ruva ku ntebe y'Imana na wa Mwagazi. Hagati y'irango rya wa murwa, hakurya no hakimo y'urwo ruzi hariho igiti c'ubugingo, cera icumi na kabiri mu mwaka, kikera rimwe- rimwe uko ukwezi gutashe: kandi ibibabi vyaco vyari ivyo kuvura amahanga.» «Hahirwa abitondera ivyagezwe vyiwe, kugira ngo babone kwegera ca giti c'ubugingo, kandi bace mu kirimba bashike kuri wa murwa.» Imirongo 1, 2,14.IN 310.2

    «Numva ijwi rirenga, rivuye mw'ijuru rivuga, riti:» Ehe ihema ry'Imana riri kumwe n'abantu, kandi izogerera muri bo, Kandi bazoba abantu bayo, kandi Imana ubwayo izobana na bo, izoba Imana yabo.» Ivyahishuwe 21:3.IN 311.1

    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents