Loading...
Larger font
Smaller font
Copy
Print
Contents
Ivyakozwe N'intumwa - Contents
  • Results
  • Related
  • Featured
No results found for: "".
  • Weighted Relevancy
  • Content Sequence
  • Relevancy
  • Earliest First
  • Latest First
    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents

    Ikigabane ca 32: Ishengero Ritanga

    Mw'ikete ryiwe rya mbere ku Bakorinto, Paulo yahaye abizera inyigisho zijanye n'ingingo ngenderwako rusangi zerekeye gushigikira igikorwa c'Imana mw'isi. Igihe yandika avuga ivy'ibikorwa vyiwe yabakoreye nk'intumwa, yabajije ati: «Ninde yigeze kwitunga ari umusoda? Ni nde yotera uruzabibu ntarye inzabibu zarwo? Canke ni nde yoragira ubusho, ntabunywe? Mbega ivyo mdabivuze mu buryo bw'abantu, canke ivyagezwe vyo ntibivuga bityo? Kuko handitswe mu vyagezwe vya Mose, ngo ntimuze murumye umunwa w inka iriko irasekura ingano. Mbega inka ni zo Imana ibabaye? Canke se yabivuze ku bwacu? Egome, vyanditswe ku bwacu; kuko umurimyi akwiye kurima afise ivyizigiro, kandi umusekuzi akwiye gusekura yizigiye ko azohabwako. «Mbega ko twababivyemwo ivyo impwemu, none ni ibikomeye ko twokwimbura ivyanyu vy'umubiri? Abandi namba baravyemerewe kuri mwebwe, mbega ntitubaruta cane? Ariko ntitwarwaniye ivyo twemerewe, yamara twihanganira vyose, kugira ntituzane icotera inzitizi ubutumwa bwiza bwa Kristo. Ntimuzi ko abakora ibikorwa vy'ivyera barya ivyo urusengero, kandi ko abakora ivyo igicaniro basangira n'igicaniro? Kandi n'Umwami wacu ni ko yategetse ko abavuga ubutumwa bwiza batungwa n'ubutumwa.» 1 Ab'i Korinto 9:7-14.IN 174.3

    Hano, iyo ntumwa yavuga ivyo integuro y'Umwami yo kubungabunga abaherezi bakora mu rusengero. Abari bararobanuwe ku bwo iki gikorwa babeshwaho n'abavandimwe, abo bakorera ngo bahezagirwe mu vyo impwemu. «Kandi mu bana ba Lewi, ivyagezwe bitegeka yuko abahawe ubuherezi batangisha abantu ikigiracumi.» Abaheburayo 7:5. Umuryango wa Lewi watowe n'Uhoraho ngo bakore ibikorwa vyera bijanye n'urusengero n'ubuherezi. Ku baherezi handitswe ngo «Uhoraho Imana yanyu yamutoranije... ngo baze bahore bakora igikorwa c'ubuherezi mw'izina ryiwe.» (Gusubira mu Vyagezwe 18:5.) Ikigiracumi c'inyungu zose Uhoraho yakigize inyegu yayo, kandi kugumya ikigiracumi vyaharurwa n'Imana nk'ubusuma. Uyu mugambi wo gushigikira ivugabutumwa ni wo Paulo yisunze igihe yavuga, ati «Kandi n'Umwami wacu niko yategetse ko abavuga ubutumwa bwiza batungwa n'ubutumwa.» Kandi munyuma yandikira Timoteyo, iyo ntumwa yavuze iti «Umukozi akwiye ingero yiwe.» 1 Timoteyo 5:18. Kuriha ikigiracumi yari integuro y'Imana yo gushigikira igikorwa cayo. Ingabire n'amashikanwa vyagenywe n'Imana. Mu gihe c'Abayuda abantu bigishijwe kwijukira umutima wo gutanga, haba mu gushigikira igikorwa c'Imana canke mu gufasha abakene. Mu bihe bidasanzwe harabaho amashikanwa umuntu yatanga nk'uko avyiyumvamwo. Mu gihe co kwimbura n'ukwenga, imishuzo y'umurima , ingano, vino, n'amavuta, vyaratangwa nk'ishikanwa ry'Uhoraho. Ivyasigaye mu murima mw'iyimbura, no mu mfuruka z'umurima vyaheberwa aboro. Imishuzo y'ubwoya igihe intama zamobwa, intete igihe ingano zagenywa, vyegukira Imana. Ni ko vyari no ku mfura z'ibitungwa vyose, kandi amahera y'impongano yaratangwa ku bwo abana b'imfura b'abahungu. Imishuzo yashikanwa imbere y'Uhoraho mw'ihema ryera kandi yarihariwe abaherezi.IN 175.1

    Muri iyi nteguro yo gutanga, Uhoraho yashaka kwigisha isirayeli ko muri vyose ategerezwa kuba nyambere. Gutyo bibutswa ko Imana ari yo Segaba w'imirima yabo, amasho yabo mato na manini; ko ari We abarungikira izuba n'imvura bikuza kandi bikeza imirima. Ko ico bari bafise cose cari iciwe; bari abazezwabintu b'ivyiwe. Si umugambi w'Imana ko Abakristo, bagiriwe amahirwe aruta ayo Abayuda, batanga bike kuruta ivyo Abayuda batanga. Umukiza yavuze ati «Uwahawe vyinshi wese azobazwa vyinshi.» Luka 12:48. Ugutanga kwasabwa ku Baheburayo kwagirira akamaro kanini igihugu cabo; uyu musi igikorwa c'Imana gikwiye kw'isi yose. Kristo yashize mu maboko y'abigishwa biwe ubutunzi bw'ubutumwa bwiza, kandi ni bo yahaye igikorwa co gushikiriza amahanga yose inkuru nziza y'agakiza. Nta nkeka, dusabwa vyinshi kuruta ivyasabwa Isirayeli ya kera.Ubwo igikorwa c'Imana caguka, imihamagaro yo gufasha igikorwa c'Imana izoza kenshi kenshi. Kugira ngo iyi mihamagaro yumvirwe, Abakristo bategerezwa kwumvira rya tegeko, «Muzane mu bubiko ibigiracumi bishitse, kugira ngo inzu yanje ibemwo ivyo kurya.» Malaki 3:10. Iyaba abivuga ko ari Abakristo bozaniye Imana ibigiracumi n'amashikanwa yabo, ububiko bwayo bwokwuzuye. Ntivyobaye ngombwa ngo baronde ibihe vyo kwinezereza, imikino y'itombora canke imisi mikuru y'ukwiryoherererwa kugira ngo bayikoreshe mu kurondera amahera yo gushigikira ubutumwa bwiza.IN 175.2

    Abantu bakwegakwegerwa gukoresha ubutunzi bwabo mu kwikunda, mu gushimisha inda zabo, kwambara, canke gutaka amazu yabo. Ku bwo ivyo bintu, abanywanyi benshi b'ishengero ntibatinya gusohora amahera, mbere no gusesagura. Ariko iyo basabwe kuzana mu bubiko bw'Uhoraho, ngo bateze imbere igikorwa ciwe mw'isi, barondera urwitwazo. Kumbure babonye ata kundi bogira, bazana udufaranga tw'inticantikize, turi musi cane y'ivyo benshi basesagura ku bidakenewe. Ntiberekana vy'ukuri urukundo bakunda igikorwa ca kristo, ntibitayeho gukiza imitima. Nta gitangaje kuri abo bantu kubona ubuzima bwabo ari ibikuri! Umuntu umutima wiwe wuzuye urukundo rwa kristo, ntazobona gusa ko gutanga ari ibwirizwa, ahubwo azobikora anezerewe, ngo afashe iterambere ry'igikorwa kiruta vyose, cera rwose cahawe umuntu- igikorwa co kwereka isi ubutunzi bw'urukundo, imbabazi n'ukuri.IN 176.1

    Umutima wo kwifuza ni wo uyobora abantu kwikwegerako ivyegukira Imana, kandi uyu mutima urasesema Imana uyu musi, nk'uko wayisesema igihe yavugira mu wo yavugisha yiyamiriza ubwoko bwayo iti, «Mbega umuntu yogunga Imana? Ariko mwebwe mwarangunze. Yamara muravuga, muti Twakugunze ibiki? Mwangunze ikigiracum: n'amashikanwa. Wa muvumo murawuvumwe: Kuko ihanga ryosc uko mungana mwarangunze.» Malaki 3:8,9.IN 176.2

    Umutima wo gutanga ni umutima w'ijuru. Uyu mutima wigaragaje cane ku kimazi ca Kristo ku musaraba. Ku bwacu Data yatanze Umwana wiwe w'ikinege; kandi Kristo, amaze gutanga ivyo afise vyose, yitanze ubwiwe, ngo umuntu arokoke. Umusaraba w'i Kaluvari utegerezwa guhamagarira umwigishwa w'Umukiza wese gutanga. Itegeko riri aha ni gutanga, gutanga, Uwuvuga ko ahora muri We, akwiye kugenda nk'uko uwo yagenda.» 1 Yohana 2:6IN 176.3

    Ku rundi ruhande, umutima wo kwikunda ni umutima wa Satani. Itegeko ryigaragaza mu buzima bw'abakunda isi ni kuronka, kuronka. Gutyo, bibwira ko bazoronka umunezero no kudibama, ariko icamwa c'imbuto babivye ni ubutindi n'urupfu. Bazoturura kugumya uruhara Imana yiharije umusi Imana izorambirwa guhezagira abana bayo, niho bazogondozwa bagaheba kwigarurira umugabane Imana yiharije. Ntibategerezwa gusa gusubiza Uhoraho uruhara rumwegukira, ahubwo bari bakwive kuzana mu bubiko bwiwe amashikanwa yo gushima atubutse. Bakwiye guhebera Umuremyi imishuzo y'ivyimburrwa vyabo- vyiza vyo mu butunzi bwabo, ibikorwa vyabo vyiza vyeranda. Gutyo, bazokwunguka imihezagiro myinshi. Imana ubwayo izohindura imitima yabo nk'umurima uvomerewe, amazi yawo adakama. Kandi isarura ni ryagera, imikama bazoshobora kuzanira Umwami izoba impera y'italanto zabo bakoresheje ata kwikunda.IN 177.1

    Intumwa zatoranijwe n'Imana, ziri ku kivi, ntizitegerezwa kugoberwa kuja mu rugamba ku mufuko wabo, badafashijwe na bene Data bafise umutima w'impuhwe no gushigikira. Ni uruhara rw'abanywanyi b'ishengero gutanga batitangiriye itama ngo bashigikire abo bantu baretse ibikorwa vyabo ngo bihebere igikorwa co kwamamaza ubutumwa. Iyo abavugabutumwa b'Imana bashigikiwe, igikorwa cayo gitera imbere cane. Ariko, iyo, bivuye ku kwikunda kw'abantu, banse gushigikira, ibiganza vyabo bicika goyigoyi, kandi kenshi ntibaba bagifashije igikorwa. Uburake bw'Imana buziriringira abantu biyita abigishwa bayo, ariko bagatuma abakozi bihebeye ubutumwa guterwa n'ubukene kandi bari mu gikorwa cayo. Abantu bikunda bazosabwa kwisobanura, atari gusa ku buryo bakoresheje nabi amahera y'Uhoraho, ahubwo no ku gahinda n'ukuvunika umutima bateje abasuku biwe b'intungane. Abahamagarirwa igikorwa c'ivugabutumwa, maze bagaheba vyose ngo binjire mu gikorwa c'Imana, bategerezwa, ku bwo ukwitanga kwabo kuronka ibibafasha n'ibifasha imiryango yabo.IN 177.2

    Mu bisata bitari bimwe vy'ibikorwa bisanzwe, abakozi bashobora gukoresha ubwenge n'amaboko yabo bakaronka imishahara myiza. Mbega igikorwa co gukwiragiza ukuri, n'ukuyobora imitima kuri Kristo, ntigihambaye kuruta igikorwa gisanzwe ico ari co cose? Duharura agaciro k'ibikorwa vy'umubiri, tukabona kwerekana agaciro k'ivyo mw'ijuru tugereranije n'ivyo isi. Kugira ngo mu bubiko habeho ivyo gushigikira ivugabutumwa mw'isi hose, birakenewe ko abantu b'Imana batanga banezerewe kandi bagatanga amashikanwa atubutse. Ni umutwaro w'abavugabutumwa kwama na ntaryo bereka amashengero ibikenewe mu gikorwa c'Imana, no kubigisha gutanga amashikanwa atubutse. Iyo ibi bifashwe minenerwe, n'amashengero ntatange ivyo gufasha abandi, si igikorwa c'Uhoraho gisinzikara gusa, ahubwo n'imigisha yoje ku bizera ica iburizwayo. N'aboro bose na bo nyene bategerezwa gushikanira Imana. Bategerezwa gusabikanya ubuntu bwa Kristo mu kwiyanka kugira ngo bafashe abari mu bukene buruta ubwabo. Ishikanwa ry'umworo, rivuye mu kwiyanka, riduga imbere y'Imana nk'umubavu umota neza. Kandi ikintu cose umuntu akora mu kwitanga gikomeza umutima wo gutanga w'uwo muntu, kikamwegereza wa wundi, naho yari umutunzi yigize umworo ku bwacu, ngo muri We duhinduke abatunzi.IN 177.3

    Igikorwa ca wa mupfakazi yahevye amasenge abiri- Ivyo yari afise vyose- mu bubiko, canditswe ngo gitere intege abo bantu barwana n'ubukene, ariko bacifuza gufashisha igikorwa c'Imana amashikanwa yabo. Kristo yeretse abigishwa biwe uwo mugore, yari yatanze «ibimutunze vyose.» Mariko 12:44. Yaharuye ko ishikanwa ryiwe rifise agaciro kuruta ibihera vyinshi vyashikanwa n'abo gutanga kwabo kutabasavye kwiyanka. Ku murengera bari bafise bari bakuyeko agace gatoya. Kugira ngo atange ishikanwa ryiwe, uwo mupfakazi yiyambuye n'ivyomufashije kubaho, yizera ko Imana izomuha ivyo azokenera ejo. Ku bw'uwo, Umukiza yavuze, ati «Ndababwire ukuri, uyu mupfakazi w'umworo ashikanye ibirengeye ivyo bose batereye mu masandugu.» Umurongo wa 43. Gutyo rero yigishije ko agaciro k'ishikanwa kadahagaze ku gitigiri, ahubwo ko gahagaze ku co umuntu asigaranye, n'umutima wasunitse uwatanze. Intumwa Paulo mu gikorwa yakorera mu mashengero ntiyahumeka mu gushimangira mu mitima y'abizera basha icifuzo co gukora vyinshi ku bwo igikorwa c'Imana. Kenshi yarabinginga ngo bimenyereze gutanga. Igihe yabwira abarongozi b'ishengero rya Efeso ivyo ibikorwa yakoreye muri bo, yavuze ati, «Nabahaye akarorero muri vyose, yuko mu buruhe nk'ubwo, mukwiye gufasha abadakomeye, no kwibuka amajambo y'Umwami Yesu, ingene ubwiwe yavuze, ati Gutanga kuzana umugisha kuruta guhabwa.» Yandikiye Abakorinto ati, «Uwubiba nke, azokwimbura bike, uwubiba vyinshi azokwimbura vyinshi. Umuntu wese atange nk'uko abihisemwo mu mutima wiwe, kuko Imana ikunda uwutanga anezerewe.» Ivyakozwe n'Intumwa 20:35; 2 Ab'i Korinto 9:6, 7.IN 178.1

    Hafi abizera b'i Makedoniya bose bari aboro mu vy'isi, ariko imitima yabo yari yuzuye urukundo bakunda Imana n'ukuri, kandi batanze banezerewe ngo bashigikire ubutumwa bwiza. Igihe amashikanwa yegeranywa mu mashengero y'abanyamahanga yo gufasha abizera b'Abayuda, ugutanga kw'abizera b'i Makedoniya kwatanzweko akarorero ku yandi mashengero. Yandikira abizera b'i Korinto, intumwa Paulo yabahamagariye kwihweza «ubuntu bw'Imana amashengero y'i Makedoniya yagiriwe; ingene mu kugeragezwa n'amarushwa menshi, umunezero wabo w'akaburarugero, n'ubworo bwabo butagira iyo buherwa, vyarushirije kuzana ubutunzi bw'ivyo ubuntu bwabo. Ku bwabo baratanze nk'uko bashoboye, .... kandi n'ukurusha ivyo bashoboye, badusaba binginga cane kubatera iteka kugira ngo bafatanye n'abagaburira abera.» 2 Ab'i Korinto 8:1-4. Kwemera kwitanga kw'abizera b'i Makedoniya kwavuye ku mutima wo kwiyegurira Imana. Basunitswe na Mpwemu w'Imana, «babanje kwitanga biha Umwami wacu Yesu» (2 Ab’ i Korinto 8:5.), maze baboneraho gutangana umutima ubikunze ku vyabo ngo bashigikire ubutumwa bwiza. Ntivyabaye ngombwa ngo babahatire gutanga; ahubwo banezerejwe n'uwo mugisha wo kwiyima n'ibikenwe vyo kubatunga, ngo bashobore gufasha abandi bari mu bukene. Igihe intumwa yababuza gutanga, barayigobereye ngo yakire ishikanwa ryabo. Mu kwiyorosha kwabo, mu bwizigirwa bwabo, no mu rukundo bakunda bene Data, bariyimye banezerewe, maze baba akarorero ko gutanga.IN 178.2

    Igihe Paulo yarungika Tito i Korinto kuremesha abizera baho, yamusavye gukomeza iryo shengero mu buntu bwo gutanga, maze mw'ikete yandikiye abizera ashiramwo n'umuhamagaro wiwe bwite. Yabinginze ati, «Nk'uko murushiriza kugira vyose, ukwizera, n'amajambo, n'ubwenge, n'umwete mwinshi, n'urukundo mudukunda, ni murushirize no kugira ubwo buntu na bwo. Nuko none mushitse no kubikora, kugira ngo nk'uko mwakunze kuvyemera, abe ariko mubishitsa ku vyo mufise. Kuko iyo hari umutima ukunze, wemerwa ku vyo umuntu afise, si ku vyo adafise. «Kandi Imana ishobora kubasesekazako ubuntu bwose, kugira ngo murushirize gukora ivyiza vyose: . . . namwe muzotungishwa muri vyose, ngo mugire ubuntu bwose, butuma dushimisha Imana.» 2 Ab'i Korinto 8 :7,11,12; 9:8-11.IN 179.1

    Gutanga kutarimwo ukwikunda kwazaniye ishengero rya mbere umunezero utangaje; kuko abizera bari bazi ko utwigoro twabo twafasha gushikanira ubutumwa bwiza abari mu mwiza. Ugutanga kwabo kwerekana ko ubuntu bw'Imana baronse butabaye impfagusa. Uko gutanga kwari kuzana iki kiretse kubazanira ukwezwa kwa Mpwemu? Mu maso y'abizera n'abatizera, cari igitangaza c'ubuntu. Kuroranirwa mu vya Mpwemu bifitaniye isano rinini no gutanga Rukristo. Abigishwa ba Kristo bari bakwiye kunezererwa amahirwe yo kugaragaza mu buzima bwabo umutima wo gutanga w'Umukiza wabo. Ubwo bashikanira Umwami bazi neza ko ubutunzi bwabo bubatanga imbere mu birimba vyo mw'ijuru. Abantu boba bifuza kubika ubutunzi ahadata? Nibabushire mu biganza vyiremetse ibimenyetso vy'umusaraba. Boba bashaka kunezerererwa ivyabo? Nibabikoreshe mu guhezagira abakene n'abababaye. Boba bifuza kwongereza ubutunzi bwabo? Nibumvire itegeko ry'Imana, «Wubahishe Uhoraho ibintu vyawe, bo n'umushuzo w’ ivyeze vyose: Niho ibigega vyawe bizokwuzura vyongerekane, kandi n'amato yawe azosesekara imitobe.» Imigani 3:9,10. Nibagumya ubutunzi bwabo ku bwo kwikunda, bizobazanira ubuhombe bw'ibihe bidashira. Ariko nibaha Imana ubutunzi bwabo, uhereye ico gihe, buzorangwako ikidodo c'Imana. Bazoshirwako ikidodo ntayegayezwa. Imana ivuga iti, «Murahiriwe, yemwe ababiba mu biyaga vy'amazi yose, mukarekura inka n'indogoba kugenda umwagambo.» Yesaya 32: 20. Gushikanira na ntaryo Imana ku ngabire yaduhaye ngo bifashe aho bikenewe mu gikorwa c'Imana canke abakeneye ubufasha bwacu, ntibizana ubukene. «Umwe atanga isabagire, akarushiriza kwunguka, uwundi yikumirako ivyo yari akwiye gutanga, bimukwegera ubukene.» Imigani 11:24. Umubivyi yongereza imbuto yiwe mukuyisanzaza. Uku niko bimeze no kubasabikanya mu bwizigirwa ingabire z'Imana. Mu gutanga, bongereza imigisha yabo. Imana yatanze isezerano: «Mutange, namwe muzohabwa; ingero nziza, itsindagiye, inyingishe, isesekaye, niyo bazobaha mu co muteze.» Luka 6:38.IN 179.2

    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents