Loading...
Larger font
Smaller font
Copy
Print
Contents
Ivyakozwe N'intumwa - Contents
  • Results
  • Related
  • Featured
No results found for: "".
  • Weighted Relevancy
  • Content Sequence
  • Relevancy
  • Earliest First
  • Latest First
    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents

    Ikigabane ca 18: Kwamamaza Ubutumwa Bwiza Mu Bapagani

    Iki Kigabane Gishimikiye ku Vyakozwe n'Intumwa 14:1-26

    Bavuye muri Antiyokiya h'i Pisidiya, Paulo na Barunaba baja muri Ikoyiniya. Muri ico kibanza, nk'uko vyagenze muri Antiyokiya, batanguriye ibikorwa vyabo mw'isinagogi y'abo mu bwoko bwabo. Baronse intsinzi ikomeye, «isinzi ry'Abayuda n'Abagiriki barizera.» Ariko muri Ikoyiniya, nk'uko vyashitse mu bindi bibanza intumwa zakoreyemwo, Abayuda banse kwumvira ivyo, bavyura urwanko mu mitima y'abanyamahanga ngo bagirire nabi bene Data.» Ariko intumwa ntizahungabanye ku gikorwa cazo, kuko benshi bakiriye ubutumwa bwiza bwa Kristo. Hagati y'ingorane, ishari, n'ukwikekwa, bakomeje igikorwa cabo “bavuga bashize amanga ku bwo Umwami Yesu.» Kandi Imana «ishingira intahe ijambo ry'ubuntu bwayo, ibaha gukora ibitangaza n'amaboko yabo.» Ibi vyemezo vy'Imana vyakoze ku mitima yari yiteguye kwakira ubutumwa, kandi abahindukiriye ubutumwa bwiza bariyongera. Kumenyekana cane kw'ubutumwa bw'intumwa kwatumye Abayuda banse kwizera buzura ishari n'inzigo, maze bigira inama yo guhagarika ibikorwa vya Paulo na Barunaba bidatevye. Bakoresheje ububeshi n'imvugo y'indenzarugero, batuma abategetsi batinya ko igisagara cose cogwa mu kaga kubera umugumuko. Bavuze ko isinzi ry'abantu ryifatanije n'intumwa kandi ko ivyo vyari ibimenyetso bihishije ibanga runaka. Kubera ivyo birego, abigishwa bakomeje kuzanwa imbere y'abategetsi; ariko amajambo bireguje yarumvikana kandi yarimwo ubwenge, mbere amajambo y'inyigisho zabo yarimwo ubwitonzi kandi yarumvikana, ku buryo yakoze cane ku bantu bakabakira neza. Naho abacamanza bari babafiseko ivyiyumviro bitari vyo kubera amajambo y'ububeshi bari babumviseko, ntibubahutse kubatsindisha. Nta kundi bategerezwa gukora kiretse kwemera ko inyigisho za Paulo na Barunaba zari zigendereye gufasha abantu kuba beza, n'abanyagihugu gukunda amategeko, kandi ko ingeso nziza n'umutekano bizokwiyongera igihe inyigisho z'intumwa zokwakirwa.IN 92.1

    Kubera intambamyi abigishwa bahuye nazo, ubutumwa bw'ukuri bwaramenyekanye cane; Abayuda babona ko inkomezi zabo zo kubuza igikorwa c'abo bigisha bashasha zatumye gusa abantu bakiriye uko kwizera gusha biyongera. «Abantu benshi bo mu gisagara birema ibice:bamwe baherera ku Bayuda, abandi ku ntumwa.»IN 93.1

    Abarongozi bo mu Bayuda bashavujwe cane n'intumbero ibintu vyafashe, ku buryo bahisemwo kubirangirisha umugumuko. Batuma abanyagihugu b'ubwenge buke basara, bavuza induru, batera intureka, maze bayishira ku gatwe k'inyigisho z'abigishwa. Mu kubeshera abigishwa, bari bizeye ko abacamanza baca baja ku ruhande rwabo. Bahiga bavuga ko intumwa zitohabwa akaryo ko kwiregura, kandi ko abanyagihugu batera amabuye Paulo na Barunaba, gutyo ibikorwa vyabo bigaca bihagarara.IN 93.2

    Abagenzi b'intumwa naho batari abizera, babavunira akagohe babagabisha ku migambi igayitse y'Abayuda, babasaba kandi kutitega ivyo birandamuke bitabaye ngombwa, bakanyaga amagara. Paulo na Barunaba baherako bava ngaho mu mpisho, baja muri Ikoyiniya, basiga abigishwa ngo babandanye igikorwa bonyene mu gihe runaka. Ariko ntibari bagiye guhera iyo, bari bafise umugambi wo kuzogaruka induru zimaze guhera, maze bagasozera igikorwa batanguye. Mu runganwe rwose, mu turere twose, intumwa z'Imana zahamagariwe guhura n'intambamyi zikomeye, ziterwa n'abahisemwo gutera umugongo umuco uva mw'ijuru. Kenshi, mu gutyoza no kubesha, abansi b'ubutumwa bwiza bagaragaye nk'abatahukanye intsinzi, mu kwugara inzugi intumwa z'Imana zocamwo mu gushikira abantu. Ariko izo nzugi ntizizokwama zugaye ibihe vyose, kandi kenshi, ubwo abasuku b'Imana bagarutse inyuma y'igihe gito kubandanya ibikorwa vyabo, Imana yabakoreye ibihambaye, ibashoboza gushinga ibimenyetso vy'urwibutso rw'icubahiro c'izina ryayo.IN 93.3

    Bamaze kwirukanwa muri Ikoniyo n'agahamo, intumwa zagiye i Lusitira n'i Derube i Lukawoniya. Ivyo bisagara ahanini vyari vyubatswemwo n'abapagani, bizera ibintazi. Ariko muri bo, harimwo abifuza kwumva n'ukwakira ubutumwa bwiza. Muri ivyo bibanza no mu micungararo yaho, intumwa zafashe ingingo yo kuhakorera, zizeye ko zokwikingira urwikeko n'agahamo k'Abayuda. Muri Lusitira nta sinagogi y'Abayuda yariho, n'ubwo harimwo Abayuda bamwe baba muri ico gisagara. Benshi mu baba i Lusitira basenga mu ngoro yitirirwa Yupiteri. Paulo na Barunaba baserutse mu gisagara, abantu b'i Lusitira barabazunguruka, nabo babasobanurira ukuri kugaragara kw'ubutumwa bwiza, benshi bifuza kuvanga izo inyigisho n'imyizerere yabo yo gusenga Zeyu. Intumwa zagerageje gushikiriza abo bantu basenga ibigirwamana kumenya Imana Rurema n'Umwana wayo, Umukiza w'abantu. Babanje kubereka ibikorwa bitangaje vy'Imana-izuba, ukwezi, n'inyenyeri, ubwiza bw'urukurikirane rw'ibihe, imisozi ikomeye yiyambitse shelegi, uduti twiza, n'ibitangaza bitandukanye vy'ibidukikije, vyerekana ubuhinga burengeye ubwenge bw'umuntu. Baciye ku bikorwa vy'Ishoboravyose, abigishwa barongora imitima y'abo bapagani kwihweza uwo Mwami ahambaye aganza ivyaremwe vyose. Intumwa zimaze kwerekana ukuri ngenderwako kw'Umuremyi, zabwiye abantu b'i Lusitira ivyo Umwana w'Imana, yaje kw'isi avuye mw'ijuru kubera yakunda abana b'abantu. Baravuze ivyo ubuzima n'igikorwa ciwe, ingene abo yaje gukiza bamwihakanye, urubanza n'ukubambwa kwiwe, izuka ryiwe n'iyurizwa ryiwe mw'ijuru, aho akorera nk'Umuvugizi w'abantu. Nuko, bakoresheje Mpwemu n'ubushobozi bw'Imana, Paulo na Barunaba bavuga ubutumwa bwiza i Lusitira.IN 93.4

    Igihe kimwe, Paulo ariko arabwira abantu igikorwa ca Kristo nk'umuganga w'abarwaye n'abari mu kababaro, abona mu bariko baramwumviriza ikimuga kimuhanze amaso cumviriza kandi cizeye amajambo yiwe. Umutima wa Paulo wuzura impuhwe kubw'uwo muntu w'akababaro, abona ko «afise ukwizera kwo gukizwa.» Mu maso y'iryo sinzi ry'abasenga ibigirwamana, Paulo ategeka ico kimuga guhaguruka. Gushika ubu ico kimuga cashobora kwicara, ariko noneho kigamburukira itegeko rya Paulo, maze gishobora guhagarara ku birenge vyaco ubwa mbere kuva kibaho. Inkomezi zazananye n'aka kigoro ko kwizera, maze umuntu yari ikimuga»arabaduka, aratambuka.» «Abantu babonye ico Paulo akoze, bavuga n'ijwi rirenga mu Kinyalukawoniya, bati Imana zitumanukiyemwo zishushanije n'abantu.» Aya majambo yari ahuye n'umugenzo n'imyizererere yabo yemeza ko rimwe na rimwe imana zigendera abantu kw'isi. Barunaba bamwita Zeyu, se w'Imana, kubera ubwiza bwayo butangaje, igihagararo cayo c'ijunja, n'ubugwaneza n'ukwitanga vyaboneka mu maso hayo. Paulo nawe biyumviye ko ari Herume, kuko ari we «yari imvuzi», afise umwete kandi abangutse, azi kuvuga agabisha kandi ahanura.IN 94.1

    Abanyalusitira, kugira ngo bagaragaze amashimwe yabo, basavye umuherezi wa Zeyu guha icubahiro intumwa, maze «azana amapfizi n'imyishwa, agira acumite ikimazi, we n'abakoraniye ngaho.» Paulo na Barunaba, bari bibajije ko baronse ahantu hitaje n'aho kuruhukira, ntibari bamenye izo nteguro. Ariko bidatevye, bakangurwa n'amajwi y'indirimbo, n'umunezero w'igishika c'amajwi y'isinzi ry'abantu bari baje mu nzu babamwo. Intumwa zimaze gutohoza zikamenya icabazanye, n'urwo rwamo rw'umunezero «bitantamurirako impuzu zabo, bitera mu bantu,» bizera ko ivyo bija kubabuza ico bagendereye. Paulo asemerera n'ijwi ryarengeye urwamo rw'abantu, abasaba kumwumviriza; buno nyene urwamo ruca rurahagarara, avuga ati: «Yemwe bagabo, ni iki gitumye mugira mutyo ? Natwe turi abantu, tumeze nka mwe, kandi tubabwira ubutumwa bwiza, ngo mureke ivyo bitagira ikimazi, muhindukirire Imana nzima, yaremye ijuru n'isi n'ikiyaga n'ibirimwo vyose, niyo yaretse -amahanga yose mu bihe vyaheze ngo bagendere mu nzira zabo. Ariko nti yabirekeye ngaho, itagira ikiyishingira intahe, kuko yama ibagirira neza, ibaha imvura iva mw'ijuru, n'ibihe vy'ivyimburo vyiza, ibahaza ivyo umunezero.» Nti bitayeho amajambo y'intumwa yabiyamirije ngo ntibabafate nk'imana, nti banitayeho utwigoro Paulo yagize arongora ubwenge bw'abo bantu ku Mana nyakuri ko ari yo yonyene ibereye gusengwa; hari hasigaye gatoya gusa ntibabe bakibuza ishengero kubacumitira ikimazi. Mu vyo ukuri bari bizeye neza ko abo bantu bari utumana koko, ku buryo bitaboroheye kwemera ko bihenze. Ivyanditswe vyera bivuga ko «habuze gato ngo banke.» Abanyalusitira biyumviriye ko biboneye n'amaso yabo ubushobozi butangaje bw'intumwa. Bari babonye ikimuga kitari carigeze gutambuka, gisimba kinezerewe cuzuye inkomezi. Hakenewe ko Paulo abumvisha, akanabasigurira igikorwa ciwe na Barunaba, nk'ivyariho vy'Imana yo mw'ijuru n'Umwana wayo, Umuganga mukuru, kugira ngo abantu bagondozwe guheba ico bari bagiye gukora.IN 94.2

    Ibikorwa vya Paulo na Banmaba i Lusitira nti vyatevye kwankirizwa n'indyadya «z'Abayuda zavuye muri Antiyokiya no muri Ikoniyo,» bamaze kwumva ingene igikorwa c'intumwa cateye imbere mu Banyalukawoniya, bafashe ingingo yo kubakurikira ngo babahame. Bashitse i Lusitira, abo Bayuda barashoboye gutera mu mitima y'abantu umutima mubi wari wabaranga ubwabo. Bakoresha amajambo y'ububeshi n'ukudodobereza ba bantu mu kanya bari bafashe Paulo na Barunaba nk'utumana, babemeza ko mu vyo ukuri intumwa zari abicanyi babi kandi ko zibereye gupfa. Ka kababaro Abanyalusitira bagira kubera ko bankiwe amahirwe yo gutangira ibimazi intumwa, kabateguye kubahindukirira n'inkomezi zingana n'izo bari bakoresheje babamamaza nk'utumana. Bohejwe n'Abayuda, bategura kubatera ku nguvu. Abayuda bababariye ko badakwiye kureka ngo intumwa zivuge, bavuga ko igihe bobareka ngo bavuge borogesha abantu amajambo yabo. Bidatevye, imigambi y'ubwicanyi y'abansi b'ubutumwa bwiza ishirwa mu ngiro. Ku bwo gukoreshwa n'umubi, Abanyalusitira bafatwa n'ishavu rya Satani, maze bafata Paulo bamutera amabuye ata mbabazi. Iyo ntumwa yibwiye ko ivyayo birangiye. Urupfu rwa Stefano, n'uruhara yabigizemwo, vyamuje mu mutima bifise inkomezi. Yuzuye ibikomere, ahungabana ku bwo ububabare, yikubita hasi, maze vya birandamuke «bimukwegera hanze y'igisagara vyibaza ko yapfuye.» Muri ico gihe c'umwiza n'amageragezwa, abizera b'Abanyalusitira, bari bizeye Yesu ku bwo igikorwa ca Paulo na Barunaba, bagumye ari abizigirwa n'abanyakuri. Ukwo kurwanywa kwuzuye ubujuju, n'ako gahamo k'ubwicanyi vy'abansi babo, ntaco vyamaze kiretse kwemeza ukwizera kwabo bavukanyi bitanze; maze, mu kaga no gushinyagurirwa, bagaragaje ubwizigirwa bwabo mu kwegera uwo bibaza ko yavuyemwo impwemu. Mbega ingene batangaye igihe babona iyo ntumwa ivura umutwe hagati y'amarira y'agahinda kabo, maze igahaguruka ininahaza Imana. Ku bizera, iri zuka ry'umusuku w'Imana batari biteze ryabaye igitangaza c'ubushobozi bw'Imana, riba nk'ikidodo co mw'ijuru co kwemeza ihinduka ryabo mu kwizera. Baranezerwa buzuye akamwemwe kadasanzwe, bahimbaza Imana bafise ukwizera gusha.IN 95.1

    Muri abo bari bakiriye ubutumwa bwiza i Lusitira kandi bari biboneye n'amaso yabo imibabaro ya Paulo, harimwo umuntu umwe yahavuye avamwo umukozi wa Kristo akomeye kandi yari yiteze gusangira n'iyo ntumwa amageragezwa, n'umunezero wo kuba uwuzotanguza igikorwa mu turere tugoye. Uwo musore yari umusore yitwa Timoteyo. Igihe Paulo yakwegerwa hanze y'igisagara, uwo mwigishwa w'umusore yari umwe mu bahagaze i ruhande y'uwo mubiri wasa n'ikiziga, kandi yamubonye yazutse, yuzuye ibikomere n'amaraso, ariko aninahaza Imana kuko yari yagiriwe amahirwe yo kubabara ku bwa Kristo.IN 96.1

    Umusi wakurikiye baraye bamuteye amabuye, intumwa zarahagurutse zija i Derube, aho igikorwa cabo cahezagiwe, maze abantu benshi bakira Kristo nk'Umukiza wabo. Ariko, «bamaze kubwira ubutumwa bwiza abantu b'ico gisagara, kandi bakigisha benshi,» yaba Paulo canke Barunaba, nta n'umwe yanezerejwe no kuja gukorera ahandi adakomeje ukwizera kw'abakiriye agakiza, abo vyari vyabaye ngombwa ngo babasige bonyene mu gihe runaka mu bibanza bari baherutse gukoreramwo. Nuko rero, ata bwoba, «basubira i Lusitira, no muri Ikoniyo na Antiyokiya, bakomeza imitima y'abizera, babinginga kuguma mu kwizera.» Benshi bari bakiriye inkuru nziza y'ubutumwa, ndetse bemera gutukwa no kurwanywa. Abo rero intumwa zategerezwa kubakomeza mu kwizera, ngo igikorwa cakozwe kibandanye. Nk'uko nyene ari ikintu gihambaye mu gukura mu vya Mpwemu ku bakiri basha mu kwizera, intumwa zitondeye cane gukingira umutekano w'ubutumwa bwiza. Amashengero yarashinzwe ku mugaragaro mu bibanza vyose muri Lukawoniya na Pisidiya ahari abizera. Abarongozi baratowe muri buri shengero, hashingwa urutonde rwiza n'inyifato yotuma abizera baroranirwa mu vya Mpwemu. Ibi vyari bijanye n'umugambi w'ubutumwa bwiza, wo gukoraniriza mu mubiri umwe abizera Kristo bose, kandi uyu mugambi Paulo yitwararitse kuwukurikiza mu gikorwa ciwe. Abakiriye Kristo nk'Umukiza mu bibanza vyinshi ku bwo igikorwa ciwe, mu gihe kibereye batunganijwe nk'ishengero. N'igihe abizera bari igitigiri gito, ivyo vyarakozwe. Abakristo rero bigishijwe gufashanya, bibuka isezerano, «Aho babiri canke batatu bazokoranira mw'izina ryanje, nzoba hagati yabo.» Matayo 18:20.IN 96.2

    Kandi Paulo ntiyibagiye amashengero yashinze. Kwitwararika ayo mashengero vyagumye mu mutima wiwe nk'umutwaro ukomeza kwiyongera. Naho kaba ari akagwi gatoya, kaguma kamuraje ishinga. Yitwararitse.udushengero duto duto n'urukundo rwa kivyeyi, atahura ko dukeneye umwitwarariko udasanzwe kugira ngo abizera bashikame mu kuri no kwigishwa kugira umwete, n'utwigoro tuzira ukwikunda ku bwo ababakikije. Mu twigoro twose bagira ku bwo igikorwa, Paulo na Barunaba bagerageza gukurikira akarorero ka Kristo ko kwitanga, bakorana umwete n'ubwizigirwa ku bwo imitima. Bama bari maso, bafise umwete, bakora badahumeka, batarondera kwiyorohereza canke kwinezereza, ahubwo basenga badahengeshanya kandi bakora, babiba imbuto y'ukuri. Kandi uko zabiba izo mbuto, intumwa zitondera guha abafashe ingingo yo guhagarara ku ruhande rw'ubutumwa bwiza inyigisho z'agaciro ntangere. Uyu mutima wo kwitanga n'ugutinya Imana, wakoze ku mitima y'abo bigishwa basha ku buryo batazibagira agaciro k'ubutumwa bwiza.IN 97.1

    Igihe abantu buzuye kazoza kandi bashoboye bahindukira Imana nk'uko vyabaye kuri Timoteyo, bagerageza kubereka akamaro ko gukora mu ruzabibu rw'Imana. Kandi igihe intumwa zabasiga zikaja mu kindi kibanza, ukwizera kw'abo bantu ntikwahungabana, ahubwo kwariyongera. Bari bigishijwe neza mu nzira y'Umwami, kandi batojwe indero yo gukora ata kwikunda, bafise umwete, bihangana, ku bwo agakiza k'abantu. Izi nyigisho z'Abakristo bashasha zabaye ngirakamaro mu ntsinzi paulo na Barunaba bagize, ubwo bavuga ubutumwa bwiza mu turere tw'abapagani. Urugendo rwa mbere rwo kuja kuvuga ubutumwa rwari rwegereje kurangira. Bamaze kuragiza Umwami ayo mashengero yari ahejeje gushingwa, intumwa zija i Pamfiliya, «kandi bamaze kuvuga ijambo ry'Imana i Peruga, bamanuka muri Ataliya, bavudukayo bari mu bwato baca bafata muri Antiyokiya.»IN 97.2

    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents