Loading...
Larger font
Smaller font
Copy
Print
Contents
Ivyakozwe N'intumwa - Contents
  • Results
  • Related
  • Featured
No results found for: "".
  • Weighted Relevancy
  • Content Sequence
  • Relevancy
  • Earliest First
  • Latest First
    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents

    Ikigabane ca 16: Ubutumwa Bwiza Muri Antiyokiya

    Iki Kigabane Gishimikiye ku Vyakozwe n'lntwnwa 11:19-26; 13:1-3.

    Abigishwa bamaze kwirukanwa i Yerusalemu kubwo agahamo, ubutumwa Bwiza bwakwiragiye vuba mu turere tw'inyuma ya Palestina; maze utugwi dutoduto tw'abizera tuboneka mu bigwati binini binini. Bamwe mu bigishwa «baragenda bashika i Foyinike n'i Kupuro, n'i Antiyokiya bamamaza ubutumwa bwiza. Ibikorwa vyabo mu bisanzwe vyagarukira ku Baheburayo n'Abayuda b'Abagiriki, baba mu migwi minini muri ico gihe yaboneka hafi mu bisagara vyo kw'isi yose. Hamwe muri ivyo bisagara ubutumwa bwakiririwe neza ni muri Antiyokiya, cari igisagara rurangiranwa mu karere ka Siriya. Urudandazwa rukomeye rwahakorerwa rwari rwakweze abantu benshi muri ico kigwati, bavuye mu mahanga atari amwe. I ruhande y'ivyo, Antiyokiya yari izwi nk'icibare c'abantu bakunda ubuzima bworoshe kandi bakunda kwiryoherererwa, kubera amagara meza, ubwiza bw'ibidukikije, n'ubutunzi, imico kama riutugenegene vyaharangwa. Mu bihe bimwe vy'intumwa cari cahindutse igisagara c'ubusambanyi n'ikibi. Ubutumwa bwiza bwari bwigishijwe muri Antiyokiya ku mugaragaro n'abigishwa bavuye i Kupuro n'i Kurene, baje «bababwira Umwami Yesu.» «Ukuboko kw'Umwami kwabanye nabo,» kandi umwete wabo wazanye ivyamwa. «Abantu benshi barizeye, maze bahindukirira Umwami.» «Inkuru yabo ishika mu matwiIN 80.3

    y'ishengero ry'i Yerusalemu, batuma Barunaba ngo ashirwe ashitse muri Antiyokiya.» Ashitse muri uwo murima mushasha, Barunaba yabonye igikorwa cari camaze gukorwa ku bwo ubuntu bw'Imana «aranezerwa, arabahanura bose ngo biyemeze mu mitima kwifatanya akaramata n'Umwami Yesu,»IN 81.1

    Ibikorwa vya Barunaba i Antiyokiya vyarahezagiwe cane, maze abigishwa benshi bariyongera yo. Ubwo igikorwa cakura, niko Barunaba yumva ko akeneye ubufasha bubereye ngo atere imbere mu kwugurura imiryango y'ubushobozi bw'Imana, niko kuja i Taruso kurondera Paulo, imbere gato amaze kuva i Yerusalemu. Yari yamaze igihe akorera mu «ntara za Siriya na Sirisiya n'i Kilikiya,» «yamamaza ivyizerwa yatikiza kera.» Ab'i Galatiya 1 :21, 23. Barunaba yagize amahirwe gutora Paulo no kumwemeza gusubirana inyuma ngo bakorane. Muri ico gisagara c'i Antiyokiya, cuzuyemwo abantu, Paulo yaharonse umurima weze koko. Amashure yiwe, ubwenge n'ukwitanga vyagize ubushobozi bukomeye ku bantu baho n'abagendera muri ico gisagara gisirimutse; kandi yazanye ubufasha nyene Barunaba yari akeneye. Mu kiringo c'umwaka, abo bigishwa babiri bakoranye igikorwa mu bwizigirwa, bafasha benshi kumenya Yesu, Umunyanazareti, Umukiza w'isi. Muri Antiyokiya, niho bwabaye ubwa mbere abigishwa bitwa Abakristo.IN 81.2

    Iryo zina baribahaye kuko Kristo ariwe bashira imbere mu kwamamaza ubutumwa bwiza mu nyigisho canke mu biganiro vyabo. Bama na ntaryo bibutsa ivyabaye mu misi y'igikorwa ciwe kw'isi, igihe abigishwa bahezagirwa no kubana nawe. Baguma ubudahengeshanya ku nyigisho no ku bitangaza vyiwe vyo gukiza. Bavugana ubwoba n'amarira ivyo akababaro kiwe mu murima wa Getsemane, ingene bamuguze, urubanza rwiwe n'urupfu rwiwe, ukwihangana n'ukwicisha bugufi yihanganiranye agasuzuguro n'ihohoterwa yakorewe n'abansi biwe, n'imbabazi z'Ubumana yavuganye asengera abamutoteza. Izuka ryiwe n'iduga ryiwe mw'ijuru, n'igikorwa ciwe mw'ijuru nk'Uwusengera abantu baguye, ni vyo vyigwa banezerwa kugumako. Abapagani ntibabesha koko kubita Abakristo, kuko batangaza Kristo kandi basaba ko amasengesho yabo aja ku Mana aciye kuri We.IN 81.3

    Ni Imana yabahaye iryo zina rya Kristo. Iri ni izina rya Cami, rihabwa abo bose bifatanije na Kristo! Iri zina ni ryo Yakobo yanditse mu nyuma avuga ati, «None abatunzi si bo babatwaza amanyama, bakaba ari bo babakwega babajana mu manza ? Si bo barogota kw'izina ryiza mwitirirwa?» Yakobo 2:6, 7. Na Petero yavuze ati, «Ariko ni hagira uwuhorwa kuba Umukristo, yoye kumaramara; ariko aheshe Imana icubahiro ku bwo iryo zina.» «Iyo mututswe muhorwa izina rya Kristo, muba muhiriwe: Kuko Mpwemu w'ubwiza, ari we Mpwemu w'Imana aba kuri mwebwe.» Petero 4:16,14.IN 82.1

    Abizera b'i Antiyokiya batahuye ko Imana yashimye gukorera mu buzima bwabo, «ikabaha gukunda no gukora ibiyihimbara.» Ab'i Filipi 2:13. Uko baba hagati y'abantu basa n'abatitayeho ibintu vy'ubuzima bw'agaciro kadashira ni ko bagerageza gukwegakwega abantu b'imitima itagira uburyarya, n'ugushingira intahe nziza Uwo bakunda kandi bakorera. Mu gikorwa cabo co kwiyorosha,bize kwisunga ubushobozi bwa Mpwemu Yera kugira ngo ijambo ry'ubugingo rigire inkomezi. Mu ngendo zabo z'ubuzima zitandukanye, bashingira intahe buri musi ukwizera kwabo muri Kristo. Akarorero k'abigishwa ba Kristo b'i Antiyokiya gategerezwa gukurikizwa na buri mwizera wese aba mu bisagara binini binini vy'isi ya none. N'ubwo biri mu nteguro y'Imana ko abakozi batoranijwe bitanga kandi bafise ingabire bategerezwa gucumbika mu bigwati vyuzuyemwo abantu bakahakorera amavugabutumwa ku mugaragaro, ni umugambi wayo na none ko abanywanyi b'ishengero baba muri ivyo bisagara bakoresha ingabire Imana yabahaye mu gikorwa co gukiza imitima. Hari imihezagiro ihambaye iziganirijwe abitanga ku bwo umuhamagaro w'Imana. Ubwo abo bakozi bihatira kwungukira Yesu imitima, bazosanga ko hari abantu benshi batari gushobora gushikirwa mu bundi buryo kiretse biciye mu kigoro n'ubwenge bw'umuntu aje ku giti ciwe.IN 82.2

    Igikorwa c'Imana mw'isi uyu musi gikeneye ivyariho bizima vy'ukuri kwa Bibiliya. Abapasitori bejejwe bonyene ntibahagije kuri ico gikorwa co kuburira ibisagara binini. Imana ntiharnagara abapasitori gusa, ahubwo ihamagara n'abaganga, abaforoma, abavugisha ubutumwa ibitabo, abigisha Bibiliya, n'abandi bakorerabushake bitanga, bafise ingabire zitandukanye-bafise ubumenyi bw'ijambo ry'Imana kandi bazi ubushobozi bw'ubuntu bwayo, ngo biteho ubukene bw'ibisagara bitaraburirwa. Igihe kirihuta, kandi hari vyinshi vyo gukora. Igikoresho cose gitegerezwa kuja ku kivi, ngo uturyo twose muri iki gihe dukoreshwe mu bwenge. Ibikorwa vya Paulo afashijwe na Barunaba i Antiyokiya, vyaramukomeje mu cemezo ciwe ko Umwami yari yamuhamagariye igikorwa c'umwihariko co kubwira ubutumwa abapagani. Igihe Paulo yahinduka, Umwami yari yamubwiye ko azoba intumwa y'ababapagani, yo «kubahumura amaso kugira ngo bahindukire bave mu mwiza baje mu muco, bave no mu bubasha bwa Satani baje ku Mana, bateko baharirwe ivyaha vyabo, baraganwe n'abajejwe n'ukunyizera.» Ivyakozwe n'Intumwa 26:18. Umumarayika yiyeretse Ananiya yari yavuze kuri Paulo, ko «ari ikintu nitoranirije, ngo ajane izina ryanje imbere y'abanyamahanga n'abami, n'abana b'Isirayeli.» Ivyakozwe n'Intumwa 9:15. Na Paulo nawe inyuma mu vyamubayeko mu bukristo bwiwe, igihe yariko arasenga mu rusengero i Yerusalemu,yari yabonekewe n'umumarayika avuye mw'ijuru, yamubwiye ngo, «Genda, kuko nzogutuma kure, ku banyamahanga.» Ivyakozwe n'Intumwa 22:21.IN 82.3

    Gutyo rero Umwami yari yahaye Paulo igikorwa ciwe co kwinjira mu murima wagutse w'abanyamahanga. Mu kumutegura ku bw'ico gikorwa gihambaye kandi kigoye, Imana yaramwiyegereje kandi imwereka ubwiza butagira akagero n'ubuninahazwa bwo mw ijuru. Yahawe igikorwa co guhishura «ibanga ryahoze rihishijwe uhereye kera isi ikiremwa.» (Abaroma 16 :25), «ibanga ry'ivyo igomba» (Abanyefeso 1:9), «iryo, abana b'abantu ntibabimenyeshejwe mu bindi bihe, nk'uko muri iki gihe intumwa ziwe zera n'abavugishwa na We babihishuriwe na Mpwemu; yuko abanyamahanga basangiye natwe ibiragwa, basangiye natwe ivyasezeranywe muri Kristo Yesu ku bwo ubutumwa bwiza: Paulo ati «nacitse umukozi wabwo...Jewe, uwuri mu nyuma y'abera bose, naherewe ubwo buntu kubwira abanyamahanga ubutumwa bwiza bw'itunga rya Kristo ritagira aho riherera; no guserurira bose ico gusangira ibanga ico ari co, ryari rihishijwe, uhereye kera hose, mu Mana kugira ngo noneho abakuru n'abafise ububasha b'ahantu ho mw'ijuru bamenyere kw'ishengero ubwenge bw'Imana bw'uburyo bwinshi, nk'uko imigabo yayo iri, iyo yagabiye kera hose muri Kristo Yesu Umwami wacu.» Abanyefese 3:5-11.IN 83.1

    Imana yahezagiye cane ibikorwa vya Paulo na Barunaba mu gihe bamarana umwaka n'abizera i Antiyokiya. Ariko nta n'umwe yari bwerezwe igikorwa c'ubutumwa bwiza ku mugaragaro. Ubu rero hari hageze igihe, aho mu buzima bwabo Rukristo Imana yagira ibashinge gukora igikorwa kigoye, catuma bakenera ubufasha bwose bwashobora gutangwa n'ishengero. «Muri Antiyokiya mw'ishengero ryaho hari abavugishwa n'Imana n'abigisha: Negeru, na Lukiyosi Umunyakurene, na Manayeni, . . .na Sauli. Bariko barasenga Umwami Imana bisonzesheje, Mpwemu Yera avuga ati, Ni mundobanurire Barunaba na Sauli, bankorere igikorwa nabahamagariye.» Imbere y'uko zirungikwa, nk'abavugabutumwa mu bapagani, izi ntumwa zeguriwe Imana mu masengesho no kwisonzesha, n'ukurambikwako ibiganza. Gutyo rero bari bahawe uburenganzira n'ishengero, atari ubwo kwigisha gusa, ahubwo n'ubwo kubatiza no gutunganya amashengero, bafise ububasha bwose buvuye ku burongozi bw'ishengero.IN 83.2

    Ishengero Rukristo ry'ico gihe ryinjiye mu bihe bikomeye. Igikorwa co kwamamaza ubutumwa bwiza mu banyamahanga categerezwa gukorwa n'inkomezi nyinshi; kandi inkurikizi ni uko ishengero ryari rigiye gukomezwa n'umwimbu mwinshi w'abantu bahindukiriye Kristo. Intumwa zari zagenywe ngo zirongore iki gikorwa, zari zigiye kwikekwa, kwiyumvirwa nabi, no gusharikwa. Inyigisho zabo zerekeye ihomvorwa «ry'igihome co hagati» (Abanyefeso 2:14) cari catandukanije uhereye kera Abayuda n'abanyamahanga categerezwa gufatwa nk'inyigisho z'ibinyoma, kandi ububasha bwabo nk'abakozi b'ubutumwa bwiza bukavuguruzwa n'abarwanira idini benshi b'Abayuda.Imana yabonye imbere y'igihe ingorane abasuku bayo bazohura nazo, kandi, kugira ngo arikingire intambamyi, ibwira ishengero mw'ihishurirwa ngo rirobanure izuba ryaka abantu bajejwe kuvuga ubutumwa bwiza. Kubarobanura imbere y'abantu bose kwari ukwemeza ko batowe n'Imana ngo batware inkuru nziza ku banyamahanga.Paulo na Barunaba bari barahawe ico gikorwa n'Imana ubwayo, kandi kurambikwako ibiganza nta buntu busha canke ubushobozi busha vyabongeye, kwari ukwemeza igikorwa batorewe, n'ububasha bwo kukirangura. Kubwo uwo muhango, ikidodo c'ishengero cashizwe ku gikorwa c'Imana. Ku Bayuda, uyu muhango wari uhambaye. Igihe umuvyeyi w'Umuyuda yahezagira abana biwe yabarambikako ibiganza, n'icubahiro cinshi. Mu gihe igitungwa catangwako ikimazi, ikiganza c'uwahawe ububasha bwo kuba umuherezi carambikwa ku mutwe w'ico kimazi. Kandi igihe abavugabutumwa b'ishengero ry'abizera i Antiyokiya bashira ibiganza kuri Paulo na Barunaba, ku bwo ico gikorwa basavye Imana gusuka imigisha kuri izo ntumwa zatoranijwe, mu gikorwa c'umwihariko bari bahamagariwe. Mu bihe vyakurikiye, umuhango wo kurobanura mu kurambikako ibiganza waratituwe; bawuhaye agaciro katajanye n'ico gikorwa, nk'uko umenga abarobanuwe babanza guhabwa ubushobozi, bagaca buno nyene bashobozwa gukora igikorwa ico ari co cose kijanye no kuvuga ubutumwa. Ariko mu kurobanura izo ntumwa zibiri, nta nahamwe herekana ko bahawe ubushobozi runaka kubwo kurambikwako ibiganza gusa. Handitswe gusa kurambikwako ibiganza n'ico vyamaze ku gikorwa cabo muri kazoza.IN 84.1

    Ibijanye no kurobanurwa kwa Paulo na Barunaba kwakozwe na Mpwemu Yera kubwo igikorwa c'umwihariko, vyerekana ko Umwami akorera mu bo yashinze mw'ishengero ryiwe ritunganijwe. Mu myaka yaheze, igihe Umukiza ubwiwe yamuhishurira umugambi w'Imana, Paulo yaciye ajanwa mu Bakristo b'ishengero risha ry'i Damasiko. Ikigeretseko, ishengero ry'aho hantu ntiryarekewe igihe kirekire mu mwiza ku bijanye n'ivyashikiye uwo Mufarisayo yahindutse. Ubu naho, igihe igikorwa Imana yabahaye categerezwa gukorwa ku buryo bwuzuye, Mpwemu Yera atanga kandi igishingantahe kijanye na Paulo nk'igikoresho catoranijwe co gutwara ubutumwa bwiza mu bapagani, aha ishengero igikorwa co kumurobanura, we n'uwo vyakorana. Ubwo abarongozi b'ishengero muri Antiyokiya «basenga Umwami, kandi bakisonzesha, Mpwemu Yera yarobanuye Barunaba na Sauli kubwo igikorwa nabahamagariye.»IN 84.2

    Imana yagize ishengero kw'isi umuringoti w'umuco, kandi muri wo ishikiriza imigambi yayo n'ubugombe bwayo. Ntiha umwe mu basuku bayo ibintu imwihereranije ku giti ciwe canke ibiteye kubiri n'ivyo. iha ishengero. Mbere ntimenyesha umuntu umwe ivyo yifuriza ishengero ryayo ryose, maze ngo irekere ishengero -umubiri wa Kristo- mu mwiza. Mu burongozi bwayo, ihuza abasuku bayo n'ishengero ryayo, kugira biyizigire gake ubwabo, ahubwo bizigire abandi, abo iriko irarongora ngo bateze imbere igikorwa cayo. Hamye haba mw'ishengero abantu bagoramiye kuba ba nyamwigendako. Basa nk'abatabona ko ka gatima ko kwigendako gashobora gutuma umuntu ashira ivyizigiro vyinshi muri we ubwiwe, akizigira ivyiyumviro vyiwe aho kwubaha impanuro n'ugushira hejuru ivyiyumviro vya bene Se, na cane cane abo yatoye ngo barongore ubwoko bwayo. Imana yahaye ishengero ububasha budasanzwe, n'ubushobozi ata n'umwe yemerewe gukengera canke gusuzugura, kuko uwokora gutyo yoba asuzuguye ijwi ry'Imana.IN 85.1

    Abo bahengamiye kubona ko ivyiyumviro vyabo biri hejuru y'ibindi vyose bari mu kaga gakomeye. Satani akora uko ashoboye kwose ngo atandukanye abo bantu bari imiringoti y'umuco, abo Imana yagenye ngo bubake kandi bagure igikorwa cayo kw'isi. Gufata minenerwe canke gukengera abo Imana yatoye ngo babe abarongozi mu bijanye no guteza imbere ukuri, ni ukwanka uburyo yatoranije bwo gufasha, gufata mu mugongo no gukomeza abantu bayo.Umukozi wo mu gikorwa c Imana yirengagije abo bantu, akibaza ko ata yindi nzira uwo muco wonyuramwo kiretse kuza uvuye ku Mana ubwayo, aba yishize ahantu ashobora guhendwa n'umwansi. Umwami mu bwenge bwiwe yatunganije ko mu nzira y'ubumwe butegerezwa kuba hagati y'abizera bose, Umukristo azohuzwa n'Umukristo, n'ishengero rigahuzwa n'ishengero. Gutyo, igikoresho c'umuntu kizoshobozwa gukorana n'Imana. Umukozi wese azokwisunga Mpwemu Yera, maze abizera bose bahuzwe mu kigoro gatunganijwe kandi kayobowe neza ngo isi ironke inkuru nziza y'ubuntu bw'Imana.IN 85.2

    Paulo yaboneyeho akaryo ko kurobanurwa ku mugaragaro, nk'ikimenyetso c'itanguriro ry'igihe gisha kandi gihambaye mu buzima bw'igikorwa ciwe. Uhereye ico gihe niho mu nyuma yashingiye igenekerezo ry'itanguriro. ry'igikorwa ciwe nk'intumwa mw'ishengero Rukristo. Uwo umuco w'ubutumwa bwiza wakayangana muri Antiyokiya, igikorwwa gikomeye cabandanije gikorwa n'intumwa zari zagumye i Yerusalemu. Buri mwaka mu gihe c'isabukuru, Abayuda benshi bo mu mihingo yose baza i Yerusalemu gusengera mu rusengero. Bamwe muri izo ngenzi bari abagabo bubaha cane Imana kandi biga cane ivyavuzwe n'abavugishwa n'Imana. Bari biteze barindiriye Mesiya yasezeranywe, vyizigiro vy'Isirayeli. Igihe Yerusalemu yari yuzuye abo bashitsi, intumwa zamamaje Kristo n'ubushizi bw'amanga budasanzwe, naho zari zizi ko ziriko zirigerezako. Mpwemu w'Imana yashize ikidodo ku bikorwa vyabo; abantu benshi barizera; maze abo, basubiye mu bihande vy'isi bavuyemwo, bakwiragiza imbuto z'ukuri mu bihugu vyose no mu bantu b'ivyiciro vyose.IN 85.3

    Mu bari imbere muri ico gikorwa harimwo Petero, Yakobo, na Yohana, biyumvamwo ko Imana yabatoranije ngo batangaze Kristo mu bo igihugu cabo. Bakoranye ubwenge n'ubwizigirwa, bashingira intahe ivyo babonye n'ivyo bumvise vyose, bisunga «ijambo ryavugishijwe, ryakomejwe kurushiriza.» 2 Petero 1:19, bagerageza kwemeza «inzu ya Isirayeli. . . ko Imana yagize Yesu Umwami na Kristo, uwo Abayuda babamvye.» Ivyakozwe n'Intumwa 2:36.IN 86.1

    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents