Loading...
Larger font
Smaller font
Copy
Print
Contents
Ivyakozwe N'intumwa - Contents
  • Results
  • Related
  • Featured
No results found for: "".
  • Weighted Relevancy
  • Content Sequence
  • Relevancy
  • Earliest First
  • Latest First
    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents

    Ikigabane ca 11: Ubutumwa Bwiza I Samariya

    Iki kigabane Gishimikiye ku Vyakozwe n ‘lntumwa 8

    Inyuma y'urupfu rwa Stefano, haduka agahamo ku bizera i Yerusalemu, gakomeye cane ku buryo «bose basabagiye mu bihugu vy'i Yudaya n'i Samariya.» Sauli «yatikiza ishengero, yinjira mu mazu yose, agakuramwo abagabo n'abagore, akabashira mw'ibohero.» Mu bihe vyakurikiye yavuze ku vyerekeye ico gikorwa c'ubwicanyi, ati: «Nanje ubwanje nahora niyumvira muri jewe yuko nkwiye gukora vyinshi birwanya izina rya Yesu Umunyanazareti. Ivyo ni vyo narabikora nyene ndi i Yerusalemu: kandi ngashira abera mu mabohero... No mu masinagogi yose, nabahana kenshi, nkagerageza cane kubatukisha Yesu; kandi kuko nasazwa cane mbazira, narabatuza no gushitsa mu bisagara vy'abanyamahanga.» Kuba Stefano atari we wenyene gusa yishwe, bibonekera no mu majambo ya Sauli ubwiwe, «Kandi igihe babica, nemeranya nabo.» Ivyakozwe n'Intumwa 29:9-11.IN 53.3

    Muri ako kanya haza Nikodemu, atinya kwerekana ko yizera Umukiza yabambwe. Nikodemu yari umwe mu bari bagize Sentare Nkuru y'Abayuda, kandi we n'abandi yari yarakozwe ku mutima n'inyigisho ya Yesu. Kubera yari yarabonye ibikorwa bitangaje vya Kristo, vyari vyaramwinjiye mu bwenge ko Uwo yari Uwarungitswe n'Imana. Ku bwo icubahiro yatinya kugaragaza ko yemera uwo Mwigisha w'Umunyagalilaya, aza kuri We mu mpisho. Muri ico kiganiro Yesu yari yamuhishuriye umugambi w'agakiza n'igikorwa camuzanye mw'isi; ariko Nikodemu yari yakomeje gutinya. Yagumije ukuri mu mutima wiwe, kandi mu myaka itatu haribonekeje umwimbu muto. Ariko Nikodemu nti yari yemangiye Kristo ku mugaragaro, yari yagerageje muri Sentare Nkuru y'Abayuda kubuza abaherezi gushitsa imigambi yabo yo kumwica. Igihe noneho Kristo yamanikwa ku musaraba, Nikodemu yibutse amajambo yari yavuze muri wa mubonano wo mw'ijoro ku Musozi wa Mizeyituni, «Uko Mose yamanitse inzoka mu bugaragwa, niko Umwana w'umuntu akwiye kumanikwa,» maze abona muri Yesu Umucunguzi w'isi.IN 54.1

    Nikodemu, afatanije na Yosefu w'i Arimatiya, batanze uburyo bwose bukenewe bwo gushingura Yesu. Abigishwa bari batinye kwiyerekana ko ari abakurikiye Kristo, ariko Nikodemu na Yosefu bari baje kubafasha badatinya. Ubufasha bw'aba bagabo b'abatunzi bwari bukenwe muri ico gihe c'umwiza. Bari bakoreye Umwami wabo yapfuye, ico abo bigishwa b'abakene batari gushobora gukora; kandi ubutunzi n'ijunja ryabo vyari vyabakingiye, ku ruhande runini, ubwicanyi bw'abaherezi n'abategetsi. Igihe rero Abayuda bariko bagerageza kunigira mu menshi iryo shengero ry'uruhinja, Nikodemu yaje kurirwanira. Ubu hoho nta kwigengesera canke kubaza ibibazo, yateye intege ukwizera kw'abigishwa kandi akoresha ubutunzi bwiwe mu gushigikira ishengero i Yerusalemu, no mu guteza imbere igikorwa c'ubutumwa bwiza. Ba bandi mu yindi misi bamuha icubahiro, ubu baramutwenga kandi bakamuhama, maze ahinduka umworo mu vy'iyi si; ariko ntiyacitse intege mu kurwanira ukwizera kwiwe. Agahamo kaje kw'ishengero ry'i Yerusalemu katumye igikorwa c'ubutumwa bwiza gitera imbere. Igikorwa co kwigisha Ijambo ry'Imana cararoraniwe muri ico kibanza, kandi hari ingorane ko abigishwa banezerezwa no kuhakorera igihe kirekire, bakibagira itegeko ry'Umukiza ryo kugenda mw'isi yose. Bibagiye ko inkomezi zo kurwanya ikibi ziri mu gukora igikorwa n'ubwira bwinshi, batangura kwiyumvira ko ata gikorwa gihambaye bari bajejwe gukora, kiruta ico gukingira ishengero muri Yerusalemu ibitero vy'umwansi. Mu kiringo co kwigisha abizera basha ngo bajane ubutumwa ku batarabwumva, bari mu kaga ko guhava bafata ingendo yo kunyurwa n'igikorwa bari bakoze. Kugira ngo ivyariho vyayo bisanzare mu mahanga, aho bashobora gukorera abandi, Imana yaretse agahamo kabazako. Abigishwa birukanwa i Yerusalemu, «bagenda ahantu hose bigisha ijambo.»IN 54.2

    Muri bamwe Umukiza yari yahaye itegeko, «Ni mugende, mwigishe amahanga yose» (Matayo 28:19), hari benshi bavuye mu bantu boroheje-abagabo n'abagore bari bize gukunda Umwami wabo, kandi bahisemwo gukurikira akarorero kiwe ko gukorera abandi. Abo boroheje, hamwe n'abigishwa bari barabanye n'Umukiza mu gihe c'igikorwa ciwe kw'isi, bari bahawe ibango rikomeye. Basabwa kujana kw'isi inkuru nziza y'agakiza kaboneka muri Kristo. Igihe basanzara ku bwo agahamo bagiye buzuye umwete wo kwamamaza ubutumwa bwiza. Batahuye ico igikorwa cabo cabasaba. Bamenye ko bafise mu minwe umukate w'ubugingo wo guhembura isi yishwe n'inzara; kandi bagoberwa n'urukundo rwa Kristo ngo bagaburire uwo mukate abo bose bawukeneye. Umwami yakorera muri bo. Aho baja hose, abarwayi barakizwa kandi aboro bakigishwa ubutumwa bwiza.IN 55.1

    Filipo, umwe muri ba bakozi b'ishengero indwi, yari muri abo batujijwe i Yerusalemu. «Aramanuka, aja mu gisagara c'i Samariya, abamenyesha ivya Kristo. Maze abantu benshi bashira umutima ku vyo Filipo avuga bashize hamwe, bumvise kandi babonye ibitangaza akora. Kuko impwemu nyinshi zihumanye... zabavamwo: kandi n'abari bamugaye, n'abacumbagira benshi barakizwa. Haba umunezero mwinshi muri ico gisagara.» Ubutumwa bwa Kristo ku Musamariyakazi bavuganye kw'iriba rya Yakobo bwari bwamye ivyamwa. Amaze kwumviriza amajambo yiwe, uwo mugore yari yagiye ku bantu bari mu gisagara, ati,«Ni muze murabe umuntu ambariye ivyo nakoze vvyose: Ntiyoba ari we kristo? Bajana na we, barumviriza Yesu, baramwizera. Kubera bashaka kwumva ibindi vyinshi, bamusaba ngo agumane nabo. Amarana nabo imisi ibiri, «hizera abandi benshi baruta aba mbere kuko biyumviye ijambo ryiwe.» Yohana 4:39,41.IN 55.2

    Kandi igihe abigishwa batuzwa i Yerusalemu, bamwe baronse i Samariya ubuhungiro. Abanyasamariya bakiriye abo bantu bazanye ubutumwa bwiza, kandi abizeye bavuye mu Bayuda baronka umwimbu ukomeye muri bamwe hambere bari abansi babo kuruta abandi. Igikorwa ca Filipo i Samariya cazanye ivyamwa vyinshi, maze, bimutera intege zo guhamagaza i Yerusalemu ngo baze kumufasha. Intumwa noneho zitahura neza ubusobanuro bw'amajambo ya Kristo, «Muzoba ivyabona vyo kunshingira intahe i Yerusalemu, n'i Yudaya hose, n'i Samariya, no gushitsa ku mpera y'isi.» Ivyakozwe n'Intumwa 1:8.IN 55.3

    Igihe Fihpo yari akiri i Samariya, yarongowe n'intumwa yo mw'ijuru «kuja i bumanuko, gushika ku nzira iva i yerusalemu ikaja i Gaza... Maze ava hasi aragenda.» Ntiyabajije ikibazo ku bw'uwo muhamagaro, canke ngo ahigimange; kuko yari yarize kudatirimuka ku bugombe bw'Imana. «Haza Umunyetiyopiya, inkone y'ububasha bwinshi yakorera Kanidake, umwamikazi w'Abanyetiyopiya, niwe yazezwa itunga ryiwe ryose, yari yagiye i Yerusalemu gusenga. Yahindukiye yicaye mu mukogote wiwe ukwegwa n'amafarasi, asoma muri Yesaya yavugishwa n'Imana.»IN 55.4

    Uyu Munyetiyopiya yari umuntu w'icubahiro n'ububasha. Imana yabonye ko ni yahinduka azoshira abandi umuco yaronse, kandi ko azofasha ubutumwa bwiza kwamamara ku bw'ububasha bwiwe. Abamarayika b'Imana bari kumwe n'uwo muntu yarondera umuco, kandi yarazanywe kuri Kristo. Ku bw'igikorwa ca Mpwemu Yera, Uhoraho yamuzaniye umuntu ashobora kumuyobora ku muco. Filipo yayobowe kuri uwo Munyetiyopiya ngo amusobanurire amajambo y'uwavugishwa n'Imana yariko arasoma. Mpwemu amubarira ati, «ni wegere urya mukogote, ugendane na wo.» Filipo yegereye, abaza iyo nkone ati, «ivyo usoma urabitahuye? Nawe ati nobishobora nte, ntabonye uwubindongoramwo? Yinginga Filipo ngo yurire bicarane.» Ivyanditswe yariko arasoma zari imburi z'uwavugishwa n'Imana Yesaya zerekeye Kristo. «Nk'uko umwagazi w'intama utekerereza imbere y'uwukemura, niko atakuyeko umunwa: Hamwe yacishwa bugufi barenganye urubanza rwiwe, ab'urunganwe rwiwe ninde azoshobora kubadondora? Kuko ubugingo bwiwe bukuwe mw'isi.» Iyo nkone ibaza Filipo iti,«ndakubaza: Uwavugishwa n'Imana yavuze aya majambo kuri nde? Niwe yayivuzeko canke yavuze ku wundi?» N'uko Filipo ateranura akanwa atangurira kuri ivyo vyanditswe, «amubwira ubutumwa bwiza bwa Yesu.» Umutima w'uyo mugabo wuzuye igishika cinshi ubwo yasobanurirwa ivyanditswe; uwo mwigisha ahejeje, aba yiteguye kwakira umuco yahawe. Nti yitwaje icubahiro ciwe c'isi ngo yanke kwakira umuco. «Bakigenda mu nzira, bashika ahari amazi: iyo nkone iramubaza iti, Ehe amazi; ikimbuza kubatizwa ni iki? Filipo arayishura ati, Namba wizeye mu mutima wawe wose birashoboka. Nayo iti Nizeye Yesu Kristo ko ari Umwana w'Imana. Ivuga ko bahagarika umukogote, baramanuka baja mu mazi bompi, Filipo n'iyo nkone, arayibatiza.IN 56.1

    «Bavuye mu mazi, Mpwemu w'Umwami Imana ajana Filipo, inkone ntiyasubira kumubona, maze ishishikara kugenda inezerewe. Ariko Filipo abonekera muri Azoto: ahita avuga ubutumwa bwiza mu bisagara vyose, kugeza aho yashikiye i Kayisariya.» Iyi nkone yaserukiye umugwi munini w'abantu bakeneye kwigishwa n'abatwarabutumwa bameze nka Filipo-Abantu bazokwumva ijwi ry'Imana bakaja aho abatumye. Hari benshi bariko barasoma Ivyanditswe Vyera badashobora gutahura akamaro kavyo k'ukuri. Hose mw'isi hari abagabo n'abagcre bariko bararangamiza mw'ijuru n'inyota nyinshi. Amasengesho n'amarira n'ubushakashatsi biva mu mitima biduga mw'ijuru, birondera umuco, ubuntu, Mpwemu Yera. Benshi bari ku nkengera y'ubwami, barindiriye gusa kwinjizwa. Umumarayika yarongoye Fihpo ku muntu yarondera umuco kandi yari yiteguye kwakira ubutumwa bwiza, kandi uyu musi abamarayika bazoyobora ibirenge vy'abakozi bazemerera Mpwemu Yera kweza indimi zabo no gutunganya imitima.IN 56.2

    Uwo mumarayika yarungitswe kwa Filipo yari gukora ico gikorwa wenyene ku bw'uwo Mimyetiyopiya, ariko uku si ko Imana ikora. Umugambi wayo ni uko abantu bakorera abantu nkabo. Iragi ryahawe abigishwa bambere, abizera muri buri runganwe bararishikanye ku bandi. Umuntu wese yahawe ubutumwa bwiza yahawe ukuri kwera ngo agushikirize isi. Abantu b'Imana b'abizigirwa bamye ari abatwarabutumwa b'inshigwarimenetse, bahebera ubutunzi bwabo icubahiro c'izina ryayo, kandi bakoresha neza ingabire zabo mu gikorwa cayo. Igikorwa kitagiramwo ukwikunda Abakristo bakoze muri kahise, gitegerezwa kutubera icigwa n'ukuduha ivyiyumviro. Abagize ishengero ry'Imana basabwa kuba abahizi b'ibikorwa vyiza, bitandukanya ivyo ab'isi baharanira, kandi bakagera ikirenge mu ciwe, We yagenda hose akora ivyiza. Bategerezwa kuba buzuye imitima y'ikigongwe n'impuhwe bagafasha abakeneye ubufasha, bamenyesha abanyavyaha urukundo rw'Umukiza. Igikorwa nk'iki gikeneye abakozi bacihebera, ariko kandi kizana impembo nyishi. Abacinjiramwo bafise imitima igororotse bazobona imitima yahindukiriye Kristo, kuko ubushobozi buherekeza ico gikorwa c'Imana ntawobuhangara. Igikorwa co gutwara ubutumwa nticahawe abapasitori bashizwe i ruhande bonyene. Umuntu wese yakiriye Kristo ahamagariwe gukora ku bw'agakiza k'abandi bantu. «Mpwemu bo na wa mugeni barahamagara, bati Ngwino. Kandi uwumva n'ahamagare ati, Ngwino.» Ivyahishuriwe Yohana 22:17. Igikorwa co gutanga ubu butumire cahawe ishengero ryose. Uwo wese yumvise ubu butumire, asabwa kubwamamaza mu misozi no mu biyaya, avuga ati, «Ngwino.»IN 57.1

    Ni akaga kwiyumvira ko igikorwa co gukiza imitima kiri ku gatwe k'abapasitori gusa. Umwizera yoroheje yitanze, Nyene uruzabibu akamuremeka umutwaro w'imitima, ategerezwa gushigikirwa n'abo Umwami yashinze ibikorwa bihambaye kuruta. Abo bahagaze nk'abarongozi mw'ishengero ry'Imana bategerezwa gutahura ko Igikorwa c'Umukiza cahawe abantu bose bizeye izina ryiwe. Imana izorungika mu ruzabibu rwayo abantu benshi batashinzwe igikorwa barinze kurambikwako ibiganza.IN 57.2

    Amajana n'amajana, ego, ibihumbi n'ibihumbi, bumvise ubutumwa bw'agakiza, baracareze amaboko barindiriye uwobaha igikorwa, kandi bategerezwa kuba bariko barakora mu buryo ubwo aribwo bwose. Abo Kristo ababwira ati, «kubera iki mwicaye hano umusi wose ataco mukora ?» kandi arongera ati, «Namwe ni mungire mu ruzabibu.» Matayo 20:6,7. Kubera iki hari benshi bataritaba uwo muhamagaro? Ni kubera biyumvira ko bimiriwe kuko badahagarara ku ruhimbi? Ni batahure ko hanze y'uruhimbi hari igikorwa gihambaye ibihumbi n'ibihumbi vy'abakorerabushake bitanze bashobora gukora. Imana yararindiriye kuva kera ko umutima wo gukora winjira mw'ishengero ryose, ngo umuntu wese akore bivanye n'ingabire yiwe. Iyo abagize ishengero ry'Imana bakoze igikorwa bashinzwe mu mirima ikenye yo mu gihugu canke hakurya y'amazi, ngo bitabe umuhamagaro w'ubutumwa bwiza, isi yose izoburirwa, kandi Umwami Yesu azoca aza kuri iyi si afise ububasha n'ubwiza. «Ubu butumwa bwiza bw'ubwami buzovugwa mu mahanga yose, ngo bube ikimenyetso kibere icabona amahanga yose, maze umuhero uzoca uza.» Matayo 24:14.IN 57.3

    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents