Loading...
Larger font
Smaller font
Copy
Print
Contents
Ivyakozwe N'intumwa - Contents
  • Results
  • Related
  • Featured
No results found for: "".
  • Weighted Relevancy
  • Content Sequence
  • Relevancy
  • Earliest First
  • Latest First
    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents

    Ikigabane ca 28: Imisi Y’ Imiruho N'amageragezwa

    Iki Kigabane Gishimikiye ku Vyakozwe n'lntiimwa 19:21-41; 20:1.

    Mu myaka irenga itatu Paulo yihatiye gukorera muri Efeso. Ishengero rikomeye ryari ryarubatswe ho, maze ubutumwa bwiza bukwiragira mu ntara ya Asiya buhereye muri ico gisagara, haba mu Bayuda canke mu banyamahanga. Iyo ntumwa yari imaze igihe yiyumvira urundi rugendo rwo kuja kuvuga ubutumwa. «Yiyumvira mu mutima wiwe guca i Makedoniya no muri Akaya aja i Yerusalemu, ati Ninamara gushikayo, nkwiye kuja kuraba n'i Roma na ho.» Ku bw'ivyo «atuma abagenda bamukorera babiri, Timoteyo na Erasito;» ariko yiyumvira ko igikorwa muri Efeso kikimukeneye, ahitamwo kuguma aho gushika Pentekote irangiye. Ariko havyutse ibintu vyatumye yihutira kugenda.IN 152.1

    Rimwe mu mwaka, ibirori bidasanzwe vyakorerwa muri Efeso ku bwo kuninahaza ikigirwamanakazi, Arutemi. Ivyo birori vyakwega abantu benshi bava mu mihingo yose y'intara. Muri ico kiringo, imisi mikuru yakorwa mu buryo buhambaye kandi buteye igomwe.IN 152.2

    Ico gihe c'ibirori cari ikigeragezo ku bantu bashasha bakiriye Kristo. Umugwi w'abizera wakoranira mw'ishure rya Tirano ntiwaryoheje ivyo birori vy'indirimbo, kandi barabatwenze, barabihamza, mbere barabatuka ata camira. Ibikorwa vya Paulo vyari vyabangamiye abasenga imana za gipagani, ku buryo igitigiri c'abitavye ibirori vy'isabukuru y'igihugu cagabanutse cane, mbere n'igishika c'abasenga imana za gipagani kiragabanuka. Inyigisho ziwe zarenze imbibe z'abahindutse Abakristo. Benshi mu batari bakiriye inyigisho za Kristo ku mugaragaro baramurikiwe mu buryo badohotse ku mana zabo za gipagani.IN 152.3

    Hari n'iyindi mvo yatumye batakibinegwa. Urudandazwa rukomeye kandi ruzana inyungu rwari rwarateye imbere muri Efeso bivanye n'ugucura no kugurisha utunyabugoro n'udushushanyo, dukozwe nk'ingoro hamwe n'igishushanyo ca Arutemi. Abari barihebeye ico gikorwa basanze inyungu zabo zigenda zigabanuka, maze bose bavuga rumwe bemeza ko ibikorwa vya Paulo ari vyo vyatumye abantu batakibahurumbira.IN 152.4

    Demetiriyo, umucuzi w'ifeza yacura utunyabugoro, akoranirlza hamwe abakora ibikorwa bene ivyo, ati: «Yemwe bagabo, murazi yuko ubutunzi bwacu buva muri iki gikorwa. Murabona kandi murumva yuko atari muri Efeso honyene, ariko nko muri Asiya hose, umwe Paulo yoheje abantu benshi akabahindura, ati imana zakozwe n'intoke si zo mana: Si uko -igikorwa cacu kiri mw'irinde kigiye gukengerwa gusa, ariko kandt n'ingeso y'igitabo c'imanakazi ihambaye Arutemi yotiturwa, mbere yonakurwako icubahiro cayo gikomeye, ariyo abo muri Asiya bose n'isi yose basenga.»IN 153.1

    Ayo majambo yatumye abantu bashavura. «Barasugurirwa, barasemerera, bati Arutemi y'Abanyefeso irahambaye.» Iyo nkuru ntiyatevye gukwiragira hose. «Maze igisagara cose kiravurungana.» Baherako barondera Paulo, ariko ntibamubona. Bene Data, bari bagabishijwe, bari baciye bamutorokesha. Abamarayika b'Imana bari barungitswe kurinda iyo ntumwa; igihe ciwe co gupfa azira ukwizera nticaribwashike.IN 153.2

    Babonye babuze uwo batako ishavu «bafata Gayo na Arisitariko, Abanyamakedoniya, bagendana na Paulo,» bashwabadukira rimwe babaterera mu kibanza c'ibirori. Ikibanza Paulo yari yihishijemwo nti cari kure, kandi ntiyatevye kumenya ko bene Data bakundwa bari mu kaga. Yibagira umutekano wiwe, yifuza kubanza kuja mu kibanza c'ibirori ngo avugane n'abo bagumutsi. Ariko «abigishwa ntibamwemerera.» Gayo na Arisitariko si bo baronderwa; nta kibi gihambaye bari kubakorera. Ariko iyo birabukwa mu maso h'iyo ntumwa, ivyo birandamuke vyari kumugurukirako kandi nta buryo bwari kuboneka bwo kumurokora. Paulo n'ubu yari acifuza gushingira intahe ukuri imbere y'iryo sinzi ry'abantu, aiko yongera agabishwa n'ubundi butumwa buvuye mu kibuga c'ibirori. «Bamwe mu bakuru bo muri Asiya, kuko bari abagenzi, bamutumako bamwinginga ngo yoye kwiroha mu kibuga c'ibirori.»IN 153.3

    Urwamo mu kibuga c'ibirori rwakomeje kwiyongera. «Bamwe . ... ukwabo, abandi ukwabo: kuko iryo shengero ryavurunganye, abenshi batari bazi icatumye bakorana.» Kubera Paulo na bamwe mu bo bagendana bari Abaheburayo, vyatumye Abayuda bashaka kwerekana ku mugaragaro ko badafatanije na bo, n'igikorwa cabo. Nuko basokorora umwe mu bantu, bamwigiza imbere. Uwo bari batoye kuvuga yari Alekisandero, umwe mu bacuzi, uwo Paulo mu nyuma yahavuye avuga ko «yamugiriye inabi nyinshi.» 2 Timotyo 4:14. Alekisandero yari umuntu w'ijunja, kandi yakoresheje inkomezi ziwe zose ngo atume abanyagihugu bahagurukira Paulo gusa n'abagendanyi biwe. Ariko ishengero ribonye ko Alekisandero ari Umuyuda, bamwigizayo maze «bose basemerera icarimwe, bamara nk'amasaha abiri, bavuga bati Arutemi y'Abanyefeso irahambaye.»Bamaze kuruha, baherako baracereza, haba agacerere k'umwanya muto. Nuko umukuru w'igisagara ahoza ishengero kandi ku bwo icubahiro ciwe baramwumvira. Abafatira ku majambo yabo, abereka ko ata mpamvu bafise yo gutera induru. Abasaba gukoresha ubwenge, arababarira ati, «Bagabo b'Abanyefeso, mbega hari umuntu atazi yuko igisagara c'Abanyefeso ari co kizigama ingoro y'igitabo c'imanakazi ihambaye Arutemi, ari co gishushanyo cakorotse kiva mw'ijuru? None ko ata woshobora guhakana ivyo, mukwiye guhora, no kutagira ico mukora mutitonze. Kuko muzanye aba bagabo, bativye ivyo mu ngoro z'imana kandi batarogose ku manakazi yacu. Nuko Demetiriyo n'abacuzi bari kumwe na we, namba bafise uwo barega, imisi y'imanza iriho, kandi hariho n'ivyegera vya Kayisari, nibaregane. Ariko ni mwaba mufise ibindi murondera, bizomarirwa mu rukinja rusanzweho. Mbere turi mw'irinde, kumbure ibibaye uyu musi vyotuma turegwa ubugarariji, kuko ata nyanduruko; kandi ntituzoshobora gusobanura icakoranije iri shengero rivurunganye. Avuze ivyo acura ikoraniro.»IN 153.4

    Mw'ijambo ryiwe, Demetiriyo yari yavuze ngo, «igikorwa cacu kiri mu kaga.» Ayo majambo yahishuye impamvu nyakuri y'iyo mivurungano muri Efeso, n'icatumye agahamo kakurikiye intumwa mu gikorwa cabo. Demetiriyo n'abacuzi bagenziwe babonye ko inyigisho n'ugukwiragira kw'ubutumwa bwiza bizobangamira igikorwa cabo co gucura ibishushanyo. Inyungu z'abaherezi b'abapagani n'abahinga zari zibangamiwe, ni co gituma bahagurukiye Paulo ngo bamurwanye.IN 154.1

    Ingingo y'umukuru w'igisagara n'abandi bahambaye bo mu gisagara yari yashize Paulo imbere y'ishengero nk'uwudafise ico yagirizwa. Iyi yabaye iyindi ntsinzi y'Abakristo ku makosa no ku kwizera ibintazi. Imana yari yahagurukije umucamanza akomeye kuvugira intumwa yayo no gufata ishengero ry'abo bantu ngo ntirigire ico ryonona. Umutima wa Paulo wuzuye amashimwe ku Mana kuko yazigamye ubuzima bwiwe kandi kubera ko Ubukristo butakojejwe isoni n'abo bagumutsi muri Efeso. «Umugumuko umaze guhera, Paulo atumako abigishwa, arabahanura, arabasezera, avayo aja i Makedoniya.» Muri urwo rugendo, yaherekejwe na bene Data b'intungane bo muri Efeso, Tukiko na Tirofimo.IN 154.2

    Ibikorwa vya Paulo muri Efeso vyari birangiye. Igikorwa ciwe cari cabaye ico gucumukura ata guhemuka, c'amageragezwa menshi, n'agahinda kenshi. Yari yarigishije abantu mw'ikoraniro no mu nzu ku yindi, akorora amosozi menshi abigisha, kandi abahanura. Igihe cose yari yararwanijwe n'Abayuda, batigeze batakaza akaryo ko kumushuhurirako abanyagihugu. Kandi igihe yarwana atyo n'abamurwanya, abandanya igikorwa atiziganya, kandi yitwararika inyungu z'ishengero ryari rikiri rito mu kwizera, Paulo yari afise n'umutwaro uremereye w'imitima y'amashengero yose. Inkuru z'abahakanye ukwizera mu yashinze zamuvuna umutima. Yatinya ko utwigoro twiwe kuri bo twohava tuba impfagusa. Amajoro menshi yayararako asenga, kandi yiyumvira, ubwo yumva inzira zikoreshwa zo kurwanya igikorwa ciwe. Iyo akaryo kabonetse kandi nabo nyene bakagaragaza ingorane zabo, yarandikira amashengero, abamira, abahanura, abinginga, kandi abatera umwete. Muri ayo makete, Paulo ntarandira ku ngorane ziwe, ariko rimwe na rimwe aragacishamwo akavuga ibikorwa vyiwe n'imibabaro yaboneye mu gikorwa ca Kristo. Inkoni, gutabwa mu mabohero, imbeho, inzara n'inyota, akaga mu nzira no mu kiyaga, mu bisagara no mu bugaragwa, ivyo yaterwa n'abo mubo iwabo, abapagani, na bene Data b'ibinyoma bibi vyose yaravyihanganiye ku bwo ubutumwa bwiza.-» Yarambikwa ibara,» «agatukwa,» «yahindutse akabarore,» «akazazanirwa,» «agahamwa,» «agasagirizwa mu mpande zose,» «akaba mw'irinde igihe cose,» «imisi yose agatabarwa mu rupfu ku bwa Kristo.»IN 154.3

    Hagati y'imikuba y'urudaca y'abarwanizi, induru y'abansi, n'uguhebwa n'abagenzi, iyo ntumwa y'inshigwarimenetse yahatswe gucika intege. Ariko yarangamije inyuma i Kaluvari, maze n'inkomezi nsha arushiriza kumenyekanisha uwabambwe. Nta kundi yari kugira kiretse guca mu nzira y'amaraso Kristo yaciyemwo. Ntiyarondeye kuruhuka urugamba atarashikana ibirwanisho vyiwe ku birenge vy'Umukiza wiwe.IN 155.1

    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents