Loading...
Larger font
Smaller font
Copy
Print
Contents
Ivyakozwe N'intumwa - Contents
  • Results
  • Related
  • Featured
No results found for: "".
  • Weighted Relevancy
  • Content Sequence
  • Relevancy
  • Earliest First
  • Latest First
    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents

    Ikigabane ca 47: Umunyororo Wa Nyuma

    Igikorwa ca Paulo mu mashengero amaze kubohorwa i Roma, nticashobora kwihisha abansi biwe. Uhereye mu ntango y'agahamo ka Nero Abakristo bamye na ntaryo ahantu hose bitwa idini y'icaduka. Nyuma y'aho gato, Abayuda bahakanye Kristo biyumviriye umugambi wo kurementaniriza Paulo ngo ni we yoheje abantu iciyumviro co guturira igisagara ca Roma. Mu ntango nta n'umwe yiyumviriye ko Pauio yokwagirwa n'ico caha; ariko bari bazi ko ikirego nk'ico, gishoboye kugaragara ko ari ukuri, nta kabuza ivya Paulo bizoba birangiye. Ku bwo gukovya kwabo, Paulo yongeye gufatwa kandi bihutira kurondera inzira yo kumufunga ubwa nyuma.IN 255.1

    Mu rugendo rwiwe rwa kabiri i Roma, Paulo yaherekejwe n'abahoze bakorana na we; abandi barifuje gusangira na we iyo mibabaro, ariko yanka kubemerera ko bokwishira mu kaga. Igihe yarimwo cari kibi kuruta igihe yafungwa ubwa mbere. Agahamo ka Nero kari kagabanije cane igitigiri c'Abakristo i Roma. Ibihumbi n'ibihumbi vyari vyishwe bizira ukwizera, benshi bari bahunze ico gisagara, kandi abari basigaye baracinyizwa kandi bakabatera ubwoba. Ashitse i Roma, Paulo yaterewe mw'ibohero ry'umwiza, ngo agumeyo gushika ivyiwe birangire. Kubera yaregwa ko yakoreye igisagara n'igihugu icaha kirengeye ivyaha vyose, yacitse igicibwa mu maso y'amakungu yose. Ba bagenzi bakeyi bari basangiye na Paulo imitwaro, noneho batangura kumusiga wenyene, bamwe ku bwo kumuheba, abandi ku bwo kuja gukorera mu mashnegero atandukanye. Fugelu na Heremogene babaye aba mbere kwigendera. Hanyuma Dema, atewe ubwoba n'ingorane hamwe n'akaga kari imbere, ata iyo ntumwa iri mu gahamo. Keresikeni yarvmgitswe na Paulo i Galatiya, Tito i Dalumatiya, Tukiko i Efeso. Igihe yandikira Timoteyo, Paulo yavuze ti, «Luka gusa ni we twasigaranye.» 2 Timoteyo 4:11. Ntaho Paulo yari bwakenere ubufasha bwa bene Data nko muri ico gihe, aruhijwe n'ubusaza, imiruho y'ibikorwa, n'ubumuga, kandi yugaraniwe mu kumba gatose katagira umuco k'ibohero ry'i Roma. Ibikorwa vya Luka, umwigishwa mukundwa kandi w'intungane n'umugenzi ntahemuka, vyahumurije cane Paulo kandi bimufasha kugumya imigenderanire na bene Data n'abandi bari hanzeIN 255.2

    Muri ico gihe c'amageragezwa umutima wa Paulo wahumurijwe na Onesiforo yamugendera kenshi. Uwo Munyefeso w'umutima yakoze ibishoboka vyose ngo aremurure umutwaro w'umunyororo w'iyo ntumwa. Umwigishwa wiwe mukundwa yari mu mvuto ku bwo ukuri, ariko we yidegemvya, kandi nta co atakoze ngo Paulo ashobore kworoherwa. Mw'ikete rya nyuma Paulo yanditse, avuga atya kuri uwo mwigishwa w'umwizigirwa: «Umwami agirire abo kwa Onesiforo ikigongwe, kuko yanduhura kenshi, kandi ntiyatewe n'isoni n'umunyororo wanje; ariko, ashitse i Roma, agira umwete wo kundondera, arambona. Umwami amuhe kuzoronka imbabazi ziva ku Mwami kuri wa musi.» 2 Timoteyo 1:16-18.IN 256.1

    Icifuzo co gukundwa n'ukugirirwa impuhwe catewe mu mutima n'Imana ubwayo. Kristo, mu gihe ciwe c'akababaro katagira uko kovugwa i Getsemane, yarondeye ukuremeshwa kw'abigishwa biwe. Kartdi Paulo naho yasa n'uko atavyitayeho imiruho n'imibabaro, yari akeneye ko incuti ziwe zimuhumuriza kandi zikamuba hafi. Gushika kwa Onesiforo, kwerekanye ubwizigirwa bwiwe mu gihe c'irungu no kwigunga, kwazaniye umunezero n'akamwemwe umuntu yari yakoresheje ubuzima bwiwe akorera abandi.IN 256.2

    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents