Loading...
Larger font
Smaller font
Copy
Print
Contents
Ivyakozwe N'intumwa - Contents
  • Results
  • Related
  • Featured
No results found for: "".
  • Weighted Relevancy
  • Content Sequence
  • Relevancy
  • Earliest First
  • Latest First
    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents

    Ikigabane ca 25: Ivyete Ku Banyatesalonike

    Iki Kigabane Gishitnikiye ku Vyete Vyandikiwe Ab'i Tesalonike

    Gushika kwa Sila na Timoteyo bava i Makedoniya igihe Paulo yari i Korinto, vyashimishije cane iyo ntumwa. Bamuzaniye «inkuru nziza» «z'ukwizera n'urukundo» rw'abari barakiriye ukuri igihe abavugabutumwa bashika i Tesalonike ubwa mbere. Paulo yagiriye impuhwe abo bizera bari bagumye ari abizigirwa ku Mana, hagati y'amageragezwa n'abansi. Yifuza kubagendera ubwiwe, ariko ntivyashoboka, nico catumye abandikira. Muri uru rwandiko kw'ishengero riri i Tesalonike, iyo ntumwa ivuga ko ishima Imana ku bwo izo nkuru zihimbaye z'uko ukwizera kwabo kwiyongera. Yanditse ati, «twaremeshejwe ku bwanyu n'ukwizera kwanyu, mu mubabaro wacu wose no mu marushwa. Kuko ubu turiho, asangwa muhagaze mu Mwami.IN 133.1

    Ni ishimwe ki twoshobora kwishura Imana ku bwanyu, ku bwo umunezero wose tubanezererwa imbere y'Imana yacu;» dusenga cane ijoro n'umurango kugira ngo twibonanire namwe imbonankubone, tunonosore ivyasigaye ku kwizera kwanyu? «Mwese turabashimira Imana imisi yose uko dusenze, twibuka ubudasiba ibikorwa vyanyu biva ku kwizera, n'uburuhe buva mu rukundo, n'ukwihangana kuva ku kwizigira Umwami Yesu Kristo, imbere y'Imana yacu, ni yo Data wa twese.»IN 133.2

    Benshi mu bizera i Tesalonike bari «bahevye...ibigirwamana bakorera Imana nzima kandi y'ukuri.» Bari «bakiriye ijambo ry'Imana hagati y'imibabaro myinshi;» kandi imitima yabo yuzuye «Umunezero wa Mpwemu Yera.» Iyo ntumwa yavuze ko mu gukurikira Umwami mu bwizigirwa «babaye akarorero k'abizera bose bari i Makedoniya no muri Akaya.» Aya majambo yo kubahayagiza bari bayabereye; yanditse ati «kuko muri mwebwe humvikanye ijambo ry'Umwami waacu, kandi ntiryumvikanye i Makedoniya no muri Akaya honyene, ariko ukwizera Imana kwanyu kwaramamaye hose.»IN 133.3

    Abizera b'i Tesalonike bari abavugabutumwa nyakuri. Imitima yabo yarurumba umwete ku bwo Umukiza wabo, yari yabakijije ubwoba «bw'uburake bugiye kuza.» Biciye mu buntu bw'Umukiza, ihinduka ritangaje ryari ryabaye mu buzima bwabo, kandi ijambo ry'Umwami, ryavugwa biciye muri bo, ryarimwo ubushobozi. Imitima yaragarukiye Imana biciye mu kuri bigisha, kandi abantu benshi biyongeye ku gitigiri c'abizera. Muri uru rwandiko rwa mbere, Paulo yavuze ingene yakoze mu Banyatesalonike. Yavuze ko atarondeye guhindura abantu akoresheje ubuzimire canke ubugunge. «Nk'uko Imana yatwemeye ko turi abo kuzezwa ubutumwa, ni ko tuvuga; ntituvuga nk'abagomba kunezereza abantu, ariko nk'abagomba kunezereza Imana igerageza imitima yacu. Kuko ata na rimwe twigeze tuvuga ijambo ry'Imana dushashe akarimi, murabizi, canke ijambo ryo guhisha ukwifuza, Imana ni yo cabona c'ivyo: kandi ntitwarondera icubahiro co ku bantu, ari kuri mwebwe canke ku bandi, naho tuba twarashoboye kubaremera, kuko turi intumwa za Kristo. Ariko twaritonda hagati muri mwebwe, nk'uko umurezi abungabunga abana biwe: niko twabagirira igishika, ni co catumye duhimbarwa no kubaha, si ubutumwa bwiza bw'Imana gusa, ariko n'ubwacu bugingo na bwo, kuko mwabaye abo dukunda rwose.»IN 133.4

    Iyo ntumwa yarakomeje iti, «mwebwe muri ivyabona hamwe n'Imana vy'ingene twamerera mwebwe abizera, turi abera, tugororoka, tutariko umugayo: nk'uko muzi ingene twari tumeze ku muntu wese muri mwebwe, nk'uko se amera ku bana biwe, tubahanura, tubaremesha, dushinga intahe, kugira ngo mugende nk'uko bibereye ab'Imana ibahamagarira kuja mu bwami bwayo no mu bwiza bwayo. «Natwe igituma dushima Imana ubudasiba, ni uko hamwe mwakira ijambo ry'Imana, mutaryemeye nk'ijambo ry'abantu, ariko nk'uko riri koko, rikorera muri mwebwe abizera.» «Ivyizigiro vyacu ni iki, canke umunezero, canke igitsibo, co mu mutwe twirata? Mbega si mwebwe, imbere y'Umwami wacu Vesu aho azozira? Kuko ari mwebwe cubahiro cacu n'umunezero wacu.»Mu rwandiko rwiwe rwa mbere ku bizera b'i Tesalonike, Paulo yarondeye kubigisha ukuri ku vyerekeye abapfuye. Vavuze ko abapfuye basinziriye-nta nakimwe bazi: «Singomba ko muyoberwa ivy'abasinziriye itiro ry'urupfu, ngo ntimubabare nka ba bandi badafise ivyizigiro. Kuko, uko twizera ko Yesu yapfuye akazuka, abe ari ko twizera yuko abasinziririye muri Yesu, Imana izobazanana na We.... Kuko Umwami wacu ubwiwe azoza, amanutse avuye mw'ijuru, aranguruye n'ijwi rirenga, hamwe n'akamo k'umumarayika mukuru, n'inzamba y'Imana: maze abapfiriye muri Kristo ni bo bazobanza kuzuka: maze natwe abazoba bakiriho, dusigaye, tuzoca duteruranwa na bo mu bicu, dusanganire Umwami mu kirere: niho tuzokwama tubana n'Umwami.»IN 134.1

    Abanyatesalonike bari bipfuje cane gutahura iciyumviro c'uko Kristo azoza guhindura abizera bari bakiriho, ngo abajane kubana na We. Barindana ubwira ubuzima bwa bagenzi babo, kugira ntibapfe ngo batakaze imigisha bari biteze kuronka igihe Umwami wabo azozira. Ariko abakunzi babo bari bakurikiranye mu gusinzira, kandi Abanyatesalonike basezera.na agahinda abahisi babo, ata vyizigiro bafise vyo kuzobonana na bo mu buzima buzoza. Ubwo ishengero ryugurura urwandiko rwa Paulo, ryaranezerewe kandi rihumurizwa n'ayo majambo yahishura ingene abapfuye bamera vy'ukuri. Paulo yerekanye ko abazoba bakiriho igihe Yesu azozira batazotanga abasinziriye muri Yesu gusanganira Umukiza wabo. Akamo k'umumarayika mukuru n'inzamba y'Imana bizoshikira abasinziriye itiro ry'urupfu, kandi abapfiriye muri Kristo bazozuka uwa mbere, imbere y'uko abazima bambikwa ukudapfa.» Natwe abakiriho dusigaye tuzoca duteruranwa na bo mu bicu, dusanganire Umwami mu kirere: niho tuzokwama tubana n'Umwami. Nuko mwiruranishe ayo majambo.»IN 134.2

    Ntidushobora gutahura neza ivyizigiro rt'akanyamuneza ico cemezo cazaniye iryo shengero ry'umuyabaga ry'i Tesalonike. Barizeye kandi bashima urwandiko barungikiwe n'uwabavyaje ubutumwa bwiza, kandi mu mitima yabo baca baramukunda. Yari yarababwiye ivyo bintu; ariko muri ico gihe bariko bagerageza gutahura izo nyigisho zasa nk'uko ari nsha kandi zitumvikana, kandi ntibitangaje ko ibintu bimwe bimwe bitari vyashitse neza mu bwenge bwabo. Ariko bari banyotewe ukuri, kandi urwandiko rwa Paulo rwabazaniye ivyizigiro bisha n'inkomezi nsha, n'ukwizera kurushirije gushinga imizi, n'urukundo rwimbitse bakunze Uwabahaye ubugingo n'ukudapfa, biciye mu rupfu rwiwe. Baciye banezerezwa no kumenya ko abizera bagenzi babo bazozuka bakabaho ibihe bidashira mu bwami bw'Imana. Umwiza wahoze utwikiriye imva z'abapfuye, noneho wari uhavuye. Ukwizera Rukristo kwambitswe ugukayangana gusha, kandi babonye ukuninahazwa gushasha mu buzima, urupfu n'izuka vya Yesu. «Niko n'abasinziriye muri Yesu Imana izobazanana na We,» niko Paulo yanditse. Benshi basobanura ko uyu murongo usigura ko abasinziriye bazozanana na Kristo bava mw'ijuru; ariko Paulo yashaka kuvuga ko nk'uko Kristo yazutse mu bapfuye, niko n'Imana izohamagara aberanda bakava mu mva kandi ikabajana na We mw'ijuru. Mbega amajambo y'ihumure! Atari kw'ishengero ry'i Tesalonike gusa, ahubwo no ku Bakristo bose aho boba bari hose.IN 135.1

    Igihe yariko yandikira ab’ i Tesalonike, Paulo yari yarangije neza inyigisho ivuga ibimenyetso vy'ibihe, yerekana ibintu bizobanziriza uguhishurwa kw'Umwana w'umuntu mu bicu vy'ijuru, ku buryo atabona ko bikenewe kubandikira vyinshi kuri ico kintu. Ariko yaravuze gato kuri iyo nyigisho yigishije kera. Yavuze ati, «Ivy'iyibihe n'imisi, ntimurinda kuvyandikirwa. Kuko ubwanyu murazi neza yuko umusi w'Umwami uzoza nk'igisuma kiza mw'ijoro. Aho bazoba bavuga, bati hari amahoro nta nkomanzi; niho uguhona kuzobazako giturumbuka.»Hariho benshi mw'isi uyu musi bugara amaso yabo bakiyobagiza ivyemezo Kristo yatanze agabisha abantu ku vyo kuza kwiwe. Barondera guhumuriza abantu, kandi ibimenyetso vy'iherezo vyihuta gusohora, kandi isi yiteganye igishika igihe Umwana umuntu azohishurirwa mu bicu vy'ijuru. Paulo yigisha ko ari icaha kwirengagiza ibimenyetso bitegerezwa kubanziriza ukaruka kwa Kristo. Abagirwa n'iyi nyifato yo kwirengagiza, Paulo abita abana b'ijoro n'umwiza. Atera intege abama bagavye bakaba maso kuri aya majambo: Ariko mweho, bene Data, ntimuri mu mwiza, ngo uwo musi ububire nk'igisuma. Muri abana b'umurango: ntimuri ab'ijoro canke abo umwiza. Nuko rero ntidusinzire nk'abandi, ariko twame tugavye, twirinde ibiboreza.»Kuri iri jambo, inyigisho z'iyi ntumwa zirahambaye kw'ishengero, cane cane mu gihe cacu. Ku begereje umuhero w'isi, aya majambo ya Paulo ategerezwa kuvuganwa inkomezi: «Ariko tweho, ko turi ab'umurango, twirinde ibiboreza, twambaye icuma gikingira igikiriza c'ukwizera n'urukundo; kandi twambaye nk'inkofero ukwizigira agakiza. Kuko Imana itadushiriyeho kuturakira, ariko yadushiriyeho guheshwa agakiza n'Umwami wacu Yesu Kristo, niwe yadupfiriye kugira ngo tubeshweho nawe, twaba maso canke dusinziriye itiro ry'urupfu.»IN 135.2

    Umukristo yama agavye ni Umukristo atareze amaboko, aronderana ishaka gukora ivyo ashoboye vyose ngo ateze imbere ubutumwa bwiza. Uko urukundo akunda Umukiza rukura, niko n'urwo akunda abandi bantu rwiyongera. Aca mu mu mageragezwa akomeye, nk'uko Umwami wiwe yayaciyemwo, ariko ntiyemerera imibabaro kumutera ishavu canke ngo bimubuze amahoro y'umutima. Arazi ko iyo amageragezwa yakiriwe neza azohingurwa kandi akamutyorora, maze akamwegereza cane Kristo. Abababarana na Kristo bazosangira na We uguhozwa kandi basangire n'icubahiro. Paulo mu rwandiko rwiwe arabandanya ati, «Turabinginga bene Data, mumenye abakora muri mwebwe bakaruha, babaganza mu Mwami wacu, bakabahanura, mububahe rwose mu rukundo ku bwo igikorwa cabo. Mubane amahoro.»IN 136.1

    Abanyatesalonike bari barambiwe n'abantu babazanira ivyiyumviro n'inyigisho zo gukavya. Bamwe «basaragurika, badakora na gato... bita mu bitabakwiye.» Ishengero ryari ryaratunganijwe neza, kandi abarongozi bari baratowe ngo bakore nk'abavugabutumwa n'abarongozi b'ishengero. Ariko harimwo bamwe bigenga, batwarira hejuru, bagarariza abashizwe mu bibanza nk'abaganza mw'ishengero. Ntibavuga gusa ko bakeneye uburenganzira bwo kwigenga mu vyiyumviro, ahubwo mbere bavuga ko bafise n'uburenganzira bwo kutegeka ishengero kugendera ku vyiyumviro vyabo. Paulo abibonye, yasavye Abatesalonike kwubaha n'ukugamburukira abatowe kuba abarongozi mw'ishengero. Kubwo kwitwararika abizera b'i Tesalonike bagendera mu kwubaha Imana, iyo ntumwa yabinginze kugaragaza ubweranda mu buzima bwa misi yose. Yanditse ati, «Bene Data, turabinginga, kandi turabahanura mw'izina ry'Umwami Yesu, nk'uko mwize kuri twebwe ingene mukwiye kugenda no kunezereza Imana, murushirize kugenda mutyo. Murazi ivyagezwe twahawe n'Umwami Yesu. Ico Imana igomba, n'ukwezwa kwanyu, ko mwirinda ubusambanyi.» «Kuko Imana itaduhamagariye guhumana, ariko yaduhamagariye kwezwa.»IN 136.2

    Iyo ntumwa yumva ko ifise uruhara runini mu buzima bwiza mu vya Mpwemu bw'abahindukiriye Imana ku bwo ibikorwa vyiwe.Ico yabifuriza kwari uko bakura mu kumenya Imana y'ukuri, na Yesu Kristo Uwo yatumye. Kenshi mu gikorwa ciwe yahura n'utugwi tw'abagabo n'abagore bakunda Yesu, kandi agapfukamana nabo agasenga, asaba ko Imana ibigisha ingene boguma mu bumwe n'Imana. Kenshi yaraja inama nabo, bakiga uburyo bubereye neza bwo gushikiriza abandi umuco w'ubutumwa bwiza bw'ukuri. Kandi kenshi, iyo atandukanye n'abo yahaye ubutumwa, yinginga Imana ngo ibarinde ikibi kandi ibafashe kuba abavugabutumwa b'umwete. Kimwe mu bimenyetso yabahaye bigaragaza ko umuntu yahindutse vy'ukuri, ni ugukunda Imana n'abantu. Abakira Yesu nk'Umukiza, bakunda abandi ata buryarya, bikaba icemezo c'ukwizera nyakuri. Uku niko vyari bimeze ku Banyatesalonike. Ku vyo gikunda abene Data, iyo ntumwa yanditse iti,«ariko ivyo gukunda bene Data ntimurinda kuvyandikirwa, kuko ubwanyu mwigishijwe Imana gukundana; kandi ni ko nyene mugiriranira na bene Data bose b'i Makedoniya hose: ariko bene Data turabahanura ngo murushirize kugira urukundo rwinshi; kandi mushishikare kwiyorosha, no gukora ivyanyu, no gukoresha amaboko yanyu, nk'uko twababariye; kugira ngo mugendane ingeso nziza ku bo hanze, kandi mutagira ico mukenye.»Namwe Umwami wacu abagwirize, abasagirize urukundo mukunda abandi bose, nk'uko natwe tumeze kuri mwebwe: kugira ngo aremeshe imitima yanyu, ntigire umugayo, ibe iyera imbere y'Imana yacu, niyo Data wa twese, ize isangwe ityo aho Umwami wacu Yesu azozananira n'abera biwe bose.» «Kandi turabahanura, bene Data, muhubure abasaragurika, muremeshe abarandutse imitima, muramire abanyantege nke, mwihanganire bose. Mwirinde ntihagire umuntu yihora uwundi ikibi yamugiriye, ariko mwame mukurikira iciza mu vyo mugiriranira no mu vyo mugirira abandi bose. Munezerwe imisi yose; musenge ubudasiba; mwame mukenguruka muri vyose, kuko ico ari co Imana ibagombako muri Kristo Yesu.»IN 137.1

    Iyo ntumwa yahanuye Abanyatesalonike kudakengera ingabire y'abavugishwa n'Imana: «Ntimukazimye Mpwemu; ntimugakengere ivyo abavugishwa n'Imana; mugerageze vyose, mugumye ivyiza, mwirinde icitwa igisa n'ikibi cose;» kandi aheraheza uru rwandiko rwiwe asaba Imana ko ibeza rwose, ngo «muri mpwemu, mu bugingo no mu mubiri «bazigamwe, ngo baze basangwe batagira umugayo, aho Umwami wacu Yesu azozira. Iyabahamagaye ni iyo kwizigira,» yongerako ati, «no kubikora izobikora.»Impanuro Paulo yarungikiye Ab'i Tesalinike mu rwandiko rwiwe rwa mbere ku vyerekeye ukugaruka kwa Kristo, zari zihwanye n'inyigisho yari yarabashikirije imbere y'aho. Ariko amajambo yiwe hari bene Data bamwe b'i Tesalonike bayatahuye nabi. Batahuye ko yavuze ngo yizigiye ko azoba we ubwiwe ari muzima ngo abone ukugaruka kw'Umukiza wiwe. Uku kwizera kwongereje umunezero n'igishika cabo. Abari barigize basindabibazwa kandi bakirengagiza amabanga bajejwe, baciye batsimbatara mu vyiyumviro vyabo bigoramye.IN 137.2

    Mu rwandiko rwiwe rwa kabiri Paulo yagerageje gukosora uko gutahura kwabo kudatomoye kw'inyigisho ziwe, no kubereka aho ahagaze vy'ukuri. Yongeye kwerekana ko yizigiye ko ari abantu b'intungane, no kubakengurukira ku kwizera kwabo gukomeye, kandi ko bakundana, bagakunda n'igikorwa c'Umwami wabo. Yabamenyesheje ko yabatanzeko akarorero mu yandi mashengero, nk'abantu bafise ukwizera, bihangana, bakaba abagabo mu kwihanganira agahamo n'imibabaro, kandi yerekeza ubwenge bwabo ku gihe co kugaruka kwa Kristo, aho abantu b'Imana bazoruhuka imyitwarariko n'ingorane zabo zose. Yanditse ati, «Nico gituma ubwacu tubirata mu mashengero y'Imana, kubwo kwihangana kwanyu n'ukwizera mu guhamwa kwanyu kwose n'amagorwa mushinyiriza» ... «no kwishura mwebwe abayaterwa kuruhukana natwe, aho Umwami Yesu azohishurirwa, ava mw'ijuru, azananye n'abamarayika n'ubushobozi bwiwe».... «nico gituma tubasengera imisi yose, ngo Imana yacu ibemere ko mumeze nk'uko bibereye ihamagarwa ryanyu, kandi ishikishe ubushobozi ico munezererwa ciza cose n'igikorwa canyu cose kiva ku kwizera: kugira ngo izina ry'Umwami wacu Yesu rishimagizwe muri mwebwe, namwe mushimagizwe muri We, nk'uko ubuntu bw'Imana yacu n'ubw'Umwami Yesu Kristo buri.»IN 138.1

    Ariko imbere yo kugaruka kwa Kristo hategerezwa gushika muri iyi si ibintu bihambaye, vyabuwe n'amajambo y'abavugishwa n'Imana. Iyo ntumwa yavuze iti: «Ntimushoke munyiganyiga ngo mugwe igihumura, canke ngo muhagarike imitima, naho mwoba mubitewe n'impwemu canke amajambo canke n'urwandiko rumeze nk'uruvuye kuri twebwe, ruvuga yuko umusi w'Umwami wacu uhejeje gushika. Ntihagire umuntu abahenda mu buryo na bumwe: kuko utazoza, kwa kureka Imana kutabanje kuboneka, kandi wa muntu w'umugarariji atarahishurwa, ni we mwana wo kuranduka, umurwanizi yishira hejuru y'icitwa Imana cose canke igisengwa; nuko azokwicara mu rusengero rw'Imana, yiyerekana ngo ni Imana.» Amajambo ya Paulo ntiyategerezwa gusobanurwa ukutari kwo. Ntibashobora kwigishwa ko kubwo uguhishurirwa kudasanzwe yari yagabishije Ab'i Tesalinike ko Kristo agiye kuza muri ako kanya nyene. Iciyumviro nk'ico cari gutuma abantu bazazanirwa mu kwizera kwabo; kuko kenshi gucika intege bivyara kutizera. Iyo ntumwa rero yagabishije bene Data ngo ntibakire ubutumwa bene ubwo nk'uko bwoba buvuye iwe, maze aca ashirako akatuzo avuga ko, ubushobozi bwa Gipapa bwavuzwe neza n'uwavugishwa n'Imana Daniyeli, butari bwashike ngo burwanye abantu b'Imana. Ubwo bushobozi butarashira mu ngiro igikorwa cabwo c'ubwicanyi no kurogota ku Mana, ishengero ryoruhiye ubusa ngo ririndiriye ko Umwami agaruka. Paulo yababwiye ati, «Ntimwibuka ko nababwiye ivyo nkiri kumwe namwe? Amageragezwa ateye ubwoba yategerezwa gushikira ishengero nyakuri. No mu gihe intumwa yariko irandika, «ibanga ry'umugararizo» ryari ryaratanguye gukora. Ibizoshika mu misi iri imbere bizoshika «Satani amaze gukora n'inkomezi n'ubushobozi bwose bw'ibimenyetso, n'ibitangaza vy'ibinyoma, n'ubugunge bwose bwo kugabitanya ku bahona.»IN 138.2

    Ku buryo bw'umwihariko, iyo ntumwa yavuze amajambo ahambaye ku bantu batazokwemera «gukunda ivyo ukuri.» Yavuze ati «Ni co gituma» ku bwo abo bose bazohakana bemanze ubutumwa bw'ukuri «Imana ibarungikira ubuzimire bubakoreramwo, ngo bizere ibinyoma: kugira ngo abatizeye ukuri bose, bagahimbarirwa ukugabitanya bacirweko iteka.» Abantu ntibashobora gutera umugongo impanuro Imana mu buntu bwayo ibarungikiye ngo babure kuzobihanirwa. Abakomantaza umutima bakanka izo mburi, Imana ibakurako Mpwemu wayo, bagakurikira ibinyoma bakunda.IN 139.1

    Gutyo rero Paulo yaberetse ububi bw'ico gikorwa c'ubushobozi bw'ikibi, bwategerezwa kubandanya mu binjana vy'umwiza n'agahamo imbere yo kugaruka kwa Kristo. Abizera b'i Tesalonike bari bizeye ko bazobohorwa bidatevye; none basabwe kwihangana no gukora mu kwubaha Imana n'igikorwa kiri imbere yabo. Iyo ntumwa yabasavye kudafata minenerwe ibikorwa bajejwe canke ngo barindire bareze amaboko. Inyuma y'ico gishika bari barindiranye gutabarwa, ingorane z'ubuzima n'abansi vyari bibarindiriye vyabasaba kwongereza ukwihangana incuro zibiri. Niyo mpamvu yabahanuye ngo bashikame mu kwizera:IN 139.2

    Nuko mushikame, mugumye ivyo mwigishijwe, ari ivyo mwigishirijwe mu majambo canke mu rwandiko rwacu. Ariko, Umwami wacu Yesu Kriso ubwiwe, n'Imana Data wa twese, yadukunze, ikaduha kwirurwa imibabaro guhoraho, bo n'ivyizigiro vyiza biheshwa n'ubuntu bwayo, ibirure mu mitima yanyu, iyikomeze mu gikorwa cose ciza, n'ijambo ryose ryiza.» «Ariko Umwami ni uwo kwizigirwa, ni weIN 139.3

    azobabashinga neza abarinde wa Mubi.Kandi twizigiye Umwami ku bwanyu, yuko ivyo tugeze mubikora kandi muzokwama mubikora. Umwami arongore imitima yanyu, ayerekeze ku rukundo rw'Imana no ku kwihangana kwa Kristo.» Igikorwa c'abizera bari bagihawe n'Imana. Kubera bari bakiriye ukuri basabwa gushira abandi umuco bari barahawe. Iyo ntumwa yabinginze ngo ntibaruhe mu gukora ivyiza, kandi abaha akarorero kiwe ko kwitwararika ivyo ubu bugingo igihe yakora atiziganya mu gikorwa ca Kristo. Yihanikirije abantu bagenda basaragurika, bama bineganegera, maze abahanura ko «bokora ibikorwa batekereje, no kuryaIN 139.4

    ivyo bironkeye ubwabo.» Yasavye kandi ishengero kwitandukanya n'umuntu wese akomeza kutumvira impanuro zitangwa n'abakozi b'Imana. Yongeyeko ati «ariko ntimumwiyumvire ko ari umwansi wanyu, ariko mumuhanure nka mwene So. Uru rwandiko kandi Paulo yarurangirije asaba ko hagati y'imiruho n'amageragezwa amahoro y'Imana n'ubuntu bw'Umwami Yesu Kristo vyobirura kandi bikabashigikira.IN 140.1

    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents