Loading...
Larger font
Smaller font
Copy
Print
Contents
Ivyakozwe N'intumwa - Contents
  • Results
  • Related
  • Featured
No results found for: "".
  • Weighted Relevancy
  • Content Sequence
  • Relevancy
  • Earliest First
  • Latest First
    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents

    Ikigabane ca 35: Agakiza Ku Bayuda

    Iki kigabane Gishimikiye kw'lkete Ryandikiwe Abarotna

    Amaze igihe yinanata ngo agende ariko bidakunda, Paulo arateba ashika i Korinto, aho yakoreye ibikorwa biruhije muri kahise kandi bikamuzanira imyitwarariko -myinshi mu gihe runaka. Yasanze abizera benshi ba mbere bakimufitiye igishika nk'uwabaye uwambere kubashikiriza umuco w'ubutumwa bwiza. Ubwo yaramutsa aba bigishwa kandi akabona ivyemezo vy'ubuyoboke n'umwete vyabo yaranezerewe kubona igikorwa ciwe muri Korinto kitabaye impfagusa. Abizera b'i Korinto, kare bihuta kwibagira umuhamagaro wabo uhambaye muri kristo, bari baratojwe inkomezi ya kamere ya Kristo. Amajambo n'inyifato vyabo vyagaragaza ubushobozi buhindura bw'Imana, kandi noneho bari n'inkomezi zihambaye zo gukora iciza muri ico gisagara c'ubupagani n'ukwizera ibintazi. Hagati y'abo bakunzi kandi bakaba n'abahindutse abizigirwa, umutima w'iyo ntumwa urushe kandi ubuze amahoro waronse uburuhukiro.IN 194.1

    Mu misi yamaze i Korinto, Paulo yaronse akaryo ko kwiyumvira ahantu hashasha kandi hagutse azokorera. Urugendo rwiwe rwokuja i Roma rwari mu vyiyumviro vyiwe kuruta ibindi vyose. Kubona Ubukristo bushinga imizi hagati y'ico gisagara kinini rurangiranwa mw'isi yose yari izwi muri ico gihe, cari kimwe mu vyifuzo vyiwe n'imigambi yiwe bimuraje ishinga. Ishengero ryari rimaze gushingwa i Roma, kandi iyo ntumwa yifuza gufashanya n'abizera baho mu gikorwa yari yimirije gukora mu Butaliyano no mu bindi bihugu. Kugira yitegurire ibikorwwa vyiwe hagati y'abo bavandimwe, benshi mbere bakaba bakiri basha kuri we, yabarungikiye ikete rimenyesha urugendo rwiwe rw’ i Roma, kandi n’ ivyizigiro vyiwe vyo gushinga ibendera ry'umusaraba muri Espanye.IN 194.2

    Mw'ikete ryiwe ku Baroma, Paulo yashinze inyigisho ngenderwako z'ubutumwa bwiza. Yavuze aho ahagaze ku bibazo vyari biraje ishinga amashengero y'Abayuda n'abanyamahanga, kandi yerekana ko ivyizigiro n'amasezerano vyari vyabanje guhabwa Abayuda ku buryo bw'umwihariko, noneho bihawe n'abanyamahanga. Iyo ntumwa yatanze inyigisho yo gutsindanishirizwa ku bwo kwizera Kristo n'ubwira n'ubushobozi bwinshi. Yizigira ko ayandi mashengeo nayo nyene yashobora gufashwa n'inyigisho yarungikiye Abakristo i Roma; ariko yashobora gute kubona aho ubushobozi bw'amajambo yiwe buzoshika! Mu myaka yose, ukuri kwerekeye gutsindanishirizwa ku bwo kwizera kwahagaze nk'urumuri rw’ ubushobozi ruyobora mu nzira y'ubugingo abanyavyaha bihanye, uru rumuri ni rwo rwasanzanje umwiza wari watwikiriye ubwenge bwa Luther, maze rumuhishurira ubushobozi bw'amaraso ya Kristo yoza icaha. Urwo rumuri nyene rwayoboye kw'Isoko y'ukuri y'imbabazi n'amahoro ibihumbi vy'abantu baremerewe n'ivyaha. Ku bwo iri kete ryandikiwe Abaroma, Umukristo wese akwiye gushima Imana.IN 194.3

    Muri iri kete Paulo yavuze ikiri ku mutima cose ku mutwaro yari yikoreye ku bwo Abayuda. Uhereye igihe yahinduka, yagerageje gufasha bene Data b'Abayuda gutahura neza ubutumwa bw'Inkuru Nziza. Yavuze ati, «Icifuzo c'umutima wanje n'ico nsaba Imana ku bwa Isirayeli ni uko bokizwa.»Nticari icifuzo gisanzwe iyo ntumwa yari ifise. Igihe cose yama asaba Imana ko yokorera Abisirayeh bari baranse kwemera Yesu, Umunyanazareti nka Mesiya yasezeranywe. Yemangiye abizera b'i Roma ati, «Ndavuga ukuri muri kristo, simbesha, ijwi ryo mu mutima wanje ribwiririkanya nanje muri Mpwemu Yera, yuko mfise intuntu nyinshi n'umubabaro udahengeshanya mu mutima. Iyaba vyashoboka, noshimye kuvumwa no kuba igicibwa kuri Kristo ku bwa bene wacu, abo tuvukana ku mubiri: ni bo Isirayeli, ivyabo n'ugucika abana b'Imana, n'ubwiza, n'amasezerano, no guhabwa ivyagezwe, no gusenga Imana, n'ivyasezeranywe; bafise ba sogokuruza ba bandi, kandi ku mubiri Kristo yamanutse kuri bo, ni we ari hejuru ya vyose, ni we Mana ikwiye gushimwa ibihe bidashira.»IN 195.1

    Abayuda bari ubwoko bw'Imana yatoranije, abo yari ifise umugambi wo guhezagira amahanga yose iciye muri bo. Muri bo Imana yari yarahagurukije abavugishwa nayo benshi. Aba bari baratanze imburi y'ukuza kw'Umucunguzi azokwankwa kandi akicwa n'abari ku ba aba mbere kumumenya nk'Uwasezeranywe. Uwavugishwa n'Imana Yesaya, aravye mu binjana bizoza kandi akabona ingene bazohakana abavugishwa umwe ku wundi kandi amaherezo bakazohakana n'Umwana w'Imana, yahumekewe kwandika ibijanye n'ingene Umucunguzi azokwakirwa n'abatigeze baharurwa mu bana b'Isirayeli. Paulo yerekeje amaso kuri iyo mburi avuga ati: «Yesaya ashira amanga cane aravuga, ati Nabonywe n'abatandondeye, Neretswe abatambaririkije. Ariko ku Bisirayeli aravuga ati: Nirirwa ntegeye amaboko ubwoko butumva butongana.»IN 195.2

    N'ubwo Isirayeh yihakanye Umwana wayo, Imana ntiyabahevye. Umve ingene Paulo abandanya iciyumviro ciwe: «Nuko ndabaza: Mbega Imana yaciye abantu bayo? Eka na mba! Kuko nanje ndi Umwisirayeh, wo mu ruvyaro rwa Aburahamu, wo mu muryango wa Benyamini. Imana ntiyataye abantu bayo yamenye kera. Canke ntimuzi uko Ivyanditswe bivuga kuri Eliya? Ko yareze Abisirayeli ku Mana, ati Mwami bishe abavugishwa nawe, basambuye ibicaniro vyawe; nanje nsigaye jenyene, kandi barangenza ngo banyice. Ariko Imana yamwishuye ngw'iki? Iti Nisigarije abantu ibihumbi indwi batapfukamiye Bayali. Nuko, ni ko biri no muri iki gihe, hari amasigarira nk'uko yatoranijwe n'ubuntu bw'Imana.» Isirayeli yari yatsitaye kandi iratemba, ariko ibi ntivyatumye bidashoboka ko bavyuka. Kuri iki kibazo, «Mbega batsitariye kugwa burundu?» Iyo ntumwa yishura iti: «Eka na mba! Yamara ukugwa kwabo kwazaniye abanyamahanga agakiza, ngo bitere Abisirayeli ishari. Ariko ko ukugwa kwabo ari ubutunzi bw'abari mw'isi, n'ukugabanuka ari ubutunzi bw'abanyamahanga, ukugwira kwabo ntikuzorushiriza cane? Ariko ndababarira mwebwe, abanyamahanga. Ndahimisha igikorwa canje, kuko ndi intumwa ku banyamahanga, kugira ngo kumbure ntere ishari abo i wacu, nkize bamwe muri bo. Ko gutabwa kwabo kwazaniye abari mw'isi kwuzura n'Imana, ukugarukanwa kwabo kuzoba gute? Mbega ntikuzoba ubugingo buzutse mu bapfuye?IN 195.3

    Wari umugambi w'Imana ko ubuntu bwayo buhishurwa mu banyamahanga co kimwe no mu b'Isirayeli. Ibi vyari vyaravuzwe mu majaiinbo y'abavugishwa n'Imana mw'Isezerano rya Kera. Iyi ntumwa ikoresha zimwe muri izo mburi mu guserura iciyumviro cayo. Irabaza iti «Mbega icabumbwe cobaza uwakibumvye, kiti ni iki catumye umbumba utya? Canke umubumvyi ntagera ibumba mu mugoma umwe kubumbamwo urwavya rumwe rwo gukoresha ivyo icubahiro, n'urundi rwo gukoresha ibiteye isoni? Mbega hari ico biriko, naho Imana yagomvye kwerekana uburake bwayo, no kumenyesha ubushobozi bwayo, namba yihanganiye imbabazi nyinshi inzavya z'ukuraka, ziteguriwe guhona: kugira ngo yerekanire ubutunzi bw'ubwiza bwayo ku nzavya z'ikigongwe, izo yiteguriye guha ubwiza kera, kuri twebwe, abo yahamagaye, si mu Bayuda bonyene ariko no mu banyamahanga? Nk'uko yavugiye mu kanwa ka Hoseya, iti Abatari abantu banje nzobita abantu banje, kandi uwutari inkundwakazi nzomwita inkundwakazi. Kandi aho hantu babwiriwe, ngo Ntimuri abantu banje, niho bazokwitirirwa abana b'imana nzima.» Raba Hoseya 1:10.IN 196.1

    Hatabaye kuraba ugutsindwa kwa Isirayeli nk'ihanga, harasigaye muri bo amasigarira yubaha Imana azokizwa. Igihe Umukiza yaza hariho abagabo n'abagore b'intungane bari bakiranye umunezero ubutumwa bwa Yohana Umubatizi, kandi bari bayobowe kwiga busha ivy'abavugishwa n'Imana bavuze kuri Mesiya. Igihe ishengero Rukristo rya kera ryashingwa, ryari rigizwe n'abo Bayuda bemeye Yesu Umunyanazareti nka wa wundi bari bararindiriye. Ni ayo masigarira Paulo yiyumvira igihe yandika ati, «Kandi ifu y'umushuzo ari iyera, n'irobe niko rimeze; kandi ko igishitsi ari icera, n'amashami ni ko ameze.»Paulo agereranya amasigarira y'Isirayeli n'igiti ca elayo bwite, cakuweko amashami amwe amwe. Agereranya abanyamahanga n'ikija ca elayo catewe nk'ingurukizi hagati mu mashami. Yandika ati «Namba amashami amwe yarahanyuwe, nawe uri ikija ca elayo bwite, ntiwihayagize kuri ayo mashami. Namba uyihayagizako si igishitsi kimeze kuri wewe, ariko ni wewe umeze ku gishitsi. Wovuga rero uti Amashami yahanyuwe kugira nterweko. Ni ko: ukutizera ni ko kwayahanyuje, nawe ukwizera ni ko kwaguhagaritse. Ntiwibone, ariko wiyubare. Kuko Imana, ko itagiriye ikigongwe amashami bwite, nawe ntuzokigirirwa. Raba rero ukugira neza kw'Imana, n'ubuhambazi bwayo: ku baguye si ubuhambazi, ariko kuri wewe ni ukugira neza kw'Imana, ni waguma muri uko kugira neza kwayo: kuko n'utagira utyo, nawe uzohanyurwa.»IN 196.2

    Kubera ukutizera n'uguhakana umugambi w'Ijuru kuri bo, Isirayeli nk'ihanga yatakaje ubumwe bwayo n'Imana. Ariko amashami yari yarahanyuwe ku gishitsi Imana yashoboye kuyunga n'igishitsi c'ukuri ca Isirayeli- amasigarira yagumye ayobokeye Imana ya ba sogokuruza. Iyo ntumwa kandi ivuga kuri ayo mashami yahanyuwe iti «Nibataguma mu kutizera, bazosubizwako nk'ingurukizi: Imana ishobora kubasubizako.» Yandikira abanyamahanga ati «Kuko, ko wahanyuwe ku giti cameze ari ikija ca elayo, ugaterwa nk'ingurukizi muri elayo nziza, mudasangiye ubwoko, ba bandi babusangiye ntibazorushiriza cane guterwa muri elayo yabo? Bene Data, singomba ko mutamenya iri banga, mwoye kwiyita abanyabwenge, ni iryo uko habaye gukomantaza imitima y'Abisirayeli, ariko si bose, gushitsa aho igitigiri c'abanyamahanga kizokwinjira mw'ishengero. «Ni vyaba bityo, Abisirayeli bose bazokizwa, nk'uko handitswe ngo I Siyoni hazova Umurokozi, azokura muri Yakobo ukutubaha Imana. Kandi ni ryo sezerano nsezeranye nabo, aho nzobakurako ivyaha. Ku vyo ubutumwa bwiza, ni abansi ku bwanyu: ariko ku vyo ugutoranya kw'Imana, ni abakundwa ku bwa basekuruza. Kuko ingabire z'Imana no guhamagara kwayo itavyicuza. Nk'uko kera mwagarariza Imana, ariko none umugararizo wabo wazaniye mwebwe kugirirwa imbabazi: niko na bo none bagararije, kugira ngo imbabazi mwagiriwe zibazanire na bo kuzigirirwa. Kuko Imana yugaraniye abantu bose mu mugararizo, kugira ngo ibagirire imbabazi bose. «Yo, uburebure bw'amaj'epfo bw'ubutunzi bw'ubwenge no kumenya vy'Imana! Imigabo yayo ntishoboka kubariritswa, n'inzira zayo ntizigira akehe! Ninde yamenye umutima w'Uhoraho? Canke ni nde yabaye umujanama wiwe? Canke ninde yabanje kumuha kandi akazokwishurwa? Kuko vyose biva muri We, kandi bizanwa na We: icubahiro kibe iciwe ibihe bidashira.»IN 197.1

    Paulo rero yerekana ko Imana ishoboye cane guhindura imitima y'Abayuda cokimwe n'iyo abanyamahanga, n'uguha uwizera kristo imihezagiro yasezeraniwe Isirayeli.’ Asubiramwo amajambo Yesaya yavuze ku bantu b'Imana. «Igitigiri c'Abisirayeli naho coba nk'umusenyi wo ku kiyaga, amasigarira ni yo azokira: kuko Uhoraho azoshitsa ijambo ryiwe mw'isi, ariringanize kandi arihimbure. Kandi nk'uko Yesaya yabivuze kera, ati Iyaba Uhoraho Nyene ingabo atadusigarije uruvyaro, tuba twarabaye nka Sodoma na Gomora.»IN 197.2

    Igihe Yerusalemu yasenyurwa n'urusengero rugasigara ari umusaka, ibihumbi vyinshi vy'Abayuda bagurishijwe mu mahanga bakora nk'abaja mu bihugu vy'abapagani. Nk'ibitandara ku nkengera y'ubugaragwa basanzaye mu mahanga. Mu myaka igihumbi n'amajana atanu Abayuda bangajwe bava mu gihugu baja mu kindi mw'isi yose, kandi nta na hamwe bigeze baharurwa nk'ihanga. Baradodoberezwa, bakankwa, bagahigwa kuva mu kinjana ukaja mu kindi ubuzima bwabo bwabaye ubwo imibabaro.Hatitaweho amajambo ateye ubwoba yavuzwe ku bizoshikira Abayuda nk'ihanga igihe bihakana Yesu Umunyanazareti, mu bihe vyose hamye haboneka abantu benshi b'intungane, Abayuda b'abagabo n'abagore bubaha Imana bababarijwe mu gacerere. Imana yararemesheje imitima yabo yari mu marushwa kandi irabana impuhwe ubuzima bugoye cane barimwo. Yumvise amasengesho y'agahinda y'abantu bayirondeye n'umutima wabo wose, ngo batahure neza ijambo ryayo. Bamwe batahuye ko uwo Munyanazareti yiyoroheje basekuruza bihakanye bakamubamba yari Mesiya nyakuri w'Isirayeli. Ubwo ubwenge bwabo bwatahuye ubusobanuro bw'ivyavuzwe n'abavugishwa n'Imana vyari vyarahishijwe n'imigenzo n'ubusobanuro butari bwo, imitima yabo yuzuye ugushima Imana ku ngabire itagira akagero yahaye umuntu wese ahisemwo kwakira Kristo nk'Umukiza wiwe bwite.IN 198.1

    Aba ni bo Yesaya avuga mu majambo yavugishijwe, ati «Amasigarira azokizwa.» Uhereye mu gihe ca Paulo gushitsa n'ubu, Imana ikoresheje Mpwemu Yera wayo, yama ihamagara Abayuda co kimwe n'abanyamahanga. Paulo avuga ati «Imana ntirobanura abantu.» Iyo ntumwa yiyumva ko «ifitiye umwenda Abagiriki, bo n'abanyamahanga badebagura,» ariko ntiyigeze yibagira amahirwe Abayuda barusha abandi, «Cane cane, kuko babikijwe ivyavuzwe n'Imana.» Avuga ati «Ubutumwa bwiza ni ubushobozi bw'Imana, buzanira uwizera wese agakiza, uhereye ku Muyuda ukageza ku Mugiriki. Kuko muri bwo ari ho ukugororoka kuva ku Mana guhishurirwa, gusheshwa n'ukwizera kukagwiza ukwizera, nk'uko vyanditswe ngo Umugororotsi azobeshwaho n'ukwizera.» N'ubu butumwa bwiza bwa Kristo, bufitiye akamaro Abayuda co kimwe n'abanyamahanga. Paulo mw'ikete yandikiye Abaroma avuga ko adaterwa n'isoni nabwo. Igihe ubu butumwa bwiza buzoshikirizwa Abayuda bwuzuye neza, benshi bazokwakira Kristo nka Mesiya. Mu bavugabutumwa b'Abakristo ni bake biyumva ko bohamagarirwa gukorera Abayuda; ariko kuri abo bashizwe i ruhande, co kimwe n'abandi bose, ubutumwa bw'imbabazi n'ivyizigiro butegerezwa kubashikira.IN 198.2

    Mu gihe co kuvuga ubutumwa bwiza ubwa nyuma, aho igikorwa kidasanzwe kizotegerezwa gukorwa ku bwo abantu nk'abo bakumiriwe, Imana yiteze ko intumwa zayo zitwararika ku buryo bw'umwihariko Abayuda baboneka mu bice vyose vy'isi. Ubwo ivyanditswe vy'Isezerano rya Kera bivanze n'ivy'Isezerano mu gusobanura umugambi w'ibihe vyose w'Imana, ibi bizobera Abayuda benshi nk'umutwenzi w'irema risha, izuba ry'umutima. Ubwo babona Kristo wo mu butumwa bwiza yerekanwa mu mpapuro z'Ivyanditswe vy'Isezerano rya Kera, kandi bagatahura neza ingene Isezerano Risha risobanura irya Kera, ubwenge bwabo bwari bwarazimiye buzokwikangura, maze batahure Kristo nk'Umukiza w'isi. Benshi, ku bwo kwizera, bazokwakira Kristo nk'Umucunguzi wabo. Kuri bo hazoshika ya majambo ngo «Ariko abamwakiriye bose yabahaye ububasha bwo gucika abana b'Imana, ni bo bizeye izina ryiwe,» Yohana 1:12. Mu Bayuda hari bamwe, nka Sauli w'i Taruso, bakomeye mu Vyanditswe Vyera, kandi abo bazokwamamaza n'ubushobozi butangaje ivyagezwe vy'Imana bidahinduka. Imana y'Isirayeli izotuma ibi biba mu gihe cacu. Ukuboko kwayo si kugufi ngo kunanirwe gukiza. Ubwo abasuku bayo bakorera mu kwizera abo bantu barenganijwe kuva kera kandi bagakengerwa, agakiza kayo kazohishurwa. «None rero Uhoraho, ariwe yacunguye Aburaha mu, uku niko avuze ku vyo inzu ya Yakobo, ati Yakobo ntazokwongera guteterwa, kandi mu maso hiwe ntihazosubira kubwerabwera. Ariko ubwiwe n'abana biwe ni babona ivyo amaboko yanje akorera hagati muri bo, bazokwemera izina ryanje ko ryera; mbere bazokwemera Uwera wa Yakobo ko nera, bahindire agashitsi Jewe Imana y'Abisirayeli. Kandi n'abazimira mu mitima bazoca ubwenge, n'abidodomba bazokwemera kwigishwa.» Yesaya 29:22-24.IN 198.3

    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents