Loading...
Larger font
Smaller font
Copy
Print
Contents
Ivyakozwe N'intumwa - Contents
  • Results
  • Related
  • Featured
No results found for: "".
  • Weighted Relevancy
  • Content Sequence
  • Relevancy
  • Earliest First
  • Latest First
    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents

    Ikigabane ca 3: Igikorwa Gihambaye Cane

    Inyuma y'urupfu rwa Kristo, abigishwa babuze gato ngo batsindwe n'ugucika intege. Umwigisha wabo baramwihakanye, bamucira urubanza, mbere baramubamba. Abaherezi n'abategetsi bari bamushinyaguriye ngo «Yakijije abandi; ariko we ntashobora kwikiza. Namba ari Umwami w'Isirayeli, niyivane kumusaraba, niho tuzomwizera.» Matayo 27 :42. Izuba ry'ivyizigiro vy'abigishwa ryari ryarenze, kandi ijoro ryari ryatwikiriye imitima yabo. Kenshi barasubiyemwo aya majambo : «Twari twishimye yuko ari we azocungura Abisirayeli.» Luka 24 :21. Bari bigunze kandi barwaye mu mutima, bibuka amajambo yiwe : Ko bagirira batyo igiti kibisi, none icumye kizogirirwa gite ? Luka 23 :31.IN 12.3

    Yesu yari yagerageje kenshi kwugururira kazoza abigishwa biwe, ariko ntibari bitayeho kwibaza ku vyo yavuze. Ku bw'ivyo, urupfu rwiwe rwabashitseko giturumbuka; hanyuma, bamaze gusubiramwo kahise bakabona ingaruka y'ukutizera kwabo, buzuye agahinda. Igihe Kristo yabambwa, ntibizeye ko azozuka. Yari yaravuze yemanga ko azozuka ku musi ugira gatatu, ariko ntibitayeho kumenya ico yashaka kuvuga. Uku kudasobanukirwa kwatumye igihe co gupfa kwiwe bihebura cane. Baratakaje ivyizigiro. Ukwizera kwabo ntikwashoboye kubona inyuma y'igitutu Satani yari yatwikirije amaso yabo. Vyose kuri bo vyasa n'urwijiji n'amayobera. Iyo bizera amajambo y'Umukiza, ibaze agahinda kenshi bari kwikingira ! Kubwo kwicwa n'ugucika intege, akababaro, n'ukwihebura, abigishwa bakoraniye mu cumba co hejuru, bariyugarana, batinya ko ivyabaye ku Mwigisha wabo vyobashikira. Aha niho Umukiza, amaze kuzuka, yababonekeye.IN 13.1

    Kristo yamaze imisi mirongo ine kw'isi, ategura abigishwa ku bw'igikorwa cari kibarindiriye, yongera abasobanurira ivyo batari bashoboye gutahura hambere. Yaratanze imburi zerekeye kugaruka kwiwe, ingene Abayuda bazomwiyamiriza, hamwe n'urupfu rwiwe, yerekana ko ayo majambo y'abavugishwa n'Imana yasohoye ijambo ku rindi. Yarababwiye ko bategerezwa kuraba izo mburi zasohoye nk'ikimenyamenya c'ubushobozi buzobaherekeza mu bikorwa vyabo vya kazoza. «Maze abugurura ubwenge ngo batahure,» «ngo batahure ivyanditswe. Arababwira, ati niko vyanditswe yuko Kristo akwiye kubabazwa no kuzuka mu bapfuye ku musi ugira gatatu : kandi yuko ukwihana no guharirwa ivyaha bikwiye kuvugwa mw'izina ryiwe mu mahanga yose, uhereye i Yerusalemu.» Hanyuma yongerako ati: «Namwe muri ivyabona vyo kuvuga ivyo.» Luka 24 :45-48.IN 13.2

    Muri iyo misi Kristo yamaze ari kumwe n'abigishwa biwe, bungutse ibintu bishasha. Uko bumva Umwigisha wabo Mukundwa asobanura Ivyanditswe abigereranya n'ivyabaye vyose, ukwizera bari bafise kuri We kwashinze imizi. Barashoboye ku kugera ku rugero bashobora kuvuga bati «Ndazi Uwo nizeye.» 2 Timoteyo 1:12. Batangura gutahura ubwoko n'ubwaguke bw'igikorwa cabo, kubona ko bategerezwa kubwira isi ukuri bari barahawe. Ivyashitse mu buzima bwa Kristo, urupfu n'izuka ryiwe, imburi zidoma urutoke kuri ivyo bintu, amabanga y'umugambi w'agakiza, ubushobozi bwa Yesu bwo kubabarira ivyaha - Ibi bintu vyose bari bavyiboneye, kandi bategerezwa kubitangariza isi. Basabwa kuvuga ubutumwa bwiza bw'amahoro n'agakiza biciye mu kwihana n'ubushobozi bw'Umukiza.IN 13.3

    Imbere y'uko aduga mw'ijuru, Kristo yahaye abigishwa biwe igikorwa bajejwe. Yababwiye ko bategerezwa gushira mu ngiro amajambo y'umurage isi yashikirijwemwo ubutunzi bw'ubugingo budashira. Yarababwiye ati muri ivyabona vy'ubuzima bwanje bwo kwitanga ku bw'isi. Mwarabonye ibikorwa nakoreye Isirayeli. Kandi naho abantu banje batoza kuri Jewe ngo baronke ubugingo, naho abaherezi n'abategetsi bankoreye ibitavugwa, naho batanyakiriye, bazohabwa akandi karyo ko kwakira Umwana w'Imana. Mwarabonye ko abo bose baje kuri Jewe bakatura ivyaha vyabo nabakirije yompi. Uwuzoza kuri Jewe sinzomwirukana. Bigishwa banje, ni mwebwe ndungikanye ubu butumwa bw'imbabazi. Butegerezwa guhabwa Abayuda n'abanyamahanga- Mubanze kuri Isirayeli, hanyuma mutandukire ku mahanga yose, indimi, n'amoko. Abizera bategerewa gukoranirizwa mw'ishengero rimwe.IN 13.4

    Igikorwa c'ubutumwa bwiza ni itegeko rikomeye ry'ubwami bwa Kristo, ryo gutwara ubutumwa mw'isi yose. Abigishwa bategerezwa gukorana ubwira ku bw'imitima, bagaha bose ubutumire bw'ikigongwe. Ntibasabwa kurindira abantu ngo baze kuri bo; bategerezwa gusanga abantu, bakabashikiriza ubutumwa babafitiye.IN 14.1

    Abigishwa basabwa gukora igikorwa cabo mw'izina rya Kristo. Ico bavuga, ico bakora, vyose bitegerezwa gukwegakwegera abantu kw'izina ryiwe, kuko rifise inkomezi z'ubugingo abanyavyaha bashobora gukirizwamwo. Ukwizera kwabo kwategerezwa kwubakira muri We, We soko ry'imbabazi n'ubushobozi. Mw'izina ryiwe niho basabwa gusaba Data ivyo bakeneye, kandi bakaronka inyishu. Bategerezwa kubatiza mw'izina rya Data, n'iry'Umwana, n'irya Mpwemu Yera. Mw'izina rya Kristo niho hategerezwa kuba ijambo ngenderwako, ikimenyetso kibatandukanya n'abandi, n'isoko ryo kuroranirwa kwabo. Nta kintu na kimwe coshobora kwemerwa mu bwami bwiwe kitambaye izina ryiwe.IN 14.2

    Igihe Kristo yabwira abigishwa biwe ati, nimugende mw'izina ryanje gukoraniriza mw'ishengero abizeye bose, yababariye ku mugaragaro ko bategerezwa kuguma ari abantu biyorosha. Uko bazokwiyorosha, ntibishire imbere, niko bazorushiriza gukwegakwegera abantu gukora ivyiza. Abigishwa basabwa kuvugana ukwiyorosha gusa na kwa kundi Kristo yavugana. Bategerezwa gushimangira mu bantu babumviriza ivyigwa yari yarabigishije.IN 14.3

    Kristo ntiyabwiye abigishwa biwe ko igikorwa cabo kizoba coroshe. Bazotegerezwa kurwana «n'abakuru, n'abafise ububasha, n'abaganza iyi si y'umwiza, n'impwemu mbi z'ahantu ho mw'ijuru.» Abanyefeso 6 :12. Ariko ntibazorekwa ngo barwane bonyene. Yarababwiye ko azobana nabo; kandi ko nibabandanya kuba mu kwizera, bazokorera musi y'inkinzo y'Inshoboravyose. Yabategetse ati nimube intwari, kandi mukomere; kuko Uwukomeye kuruta abamarayika azoba ku ruhande rwabo-Umukuru w'ingabo z'ijuru. Yarategekanije ibikenewe vyose mu gikorwa cabo, kandi yiremeka umutwaro wo kugishikana ku ntsinzi. Igihe cose bari kuguma muri We, ntibari gutsindwa. Yabategetse ati nimugende mu mahanga yose. Nimugende mu gace ka kure k'umubumbe w'isi kariko abantu, kandi mwizere ko n'aho hantu nzoba ndi kumwe namwe. Mukorane ukwizera n'ivyizigiro; kuko nta na rimwe nzokwigera ndabaheba. Nzobana namwe imisi yose, ndabafasha kurangura ivyo mujejwe, ndabayobora, ndabakomeza, ndabeza, ndabashigikira, ndabaha kuroranirwa mu kuvuga amajambo azokwegakwegera abantu mw'ijuru.IN 14.4

    Ikimazi ca Kristo ku bw'abantu cari cuzuye kandi kirangiye neza. Ivyasabwa ku bw’ impongano vyari vyakozwe. Igikorwa cari camuzanye kw'isi cari carangiye. Yari yatsindiye ubwami. Yari yaburwaniye na Satani arabumunyaga, aca aba samuragwa w'ibintu vyose. Yariko aragenda agana intebe y'ubwami y'Imana, ngo ahabwe icubahiro n'ingabo zo mw'ijuru. Yambaye ubushobozi butagira imbibe, aha abigishwa biwe igikorwa cabo: «Nimugende, muhindure amahanga yose abigishwa, mubabatiza mw'izina rya Data, n'iry'Umwana, n'irya Mpwemu Yera: Mubigishe kwitondera ivyo nabageze vyose. Umve, ndi kumwe namwe imisi yose, gushitsa ku muhero w'isi.» Matayo 28 :19,20.IN 15.1

    Imbere gato y'uko atandukana n'abigishwa biwe, Kristo yarongeye arabemangira uko ubwami bwiwe bumeze. Yarabibukije ibintu yari yarabigishije hambere, bijanye nabwo. Yarababwiye neza ko ata mugambi wo gushinga muri iyi si ubwami bw'akanya gato. Ntiyagenewe kwima nk'umwami wo kw'isi ku ntebe ya Dawidi. Igihe abigishwa bamubaza ngo «Mwami, iki gihe nico ugira ugarukane ingoma y'Abisirayeli ?» Yabishuye ati: «si ivyanyu kumenya imisi canke ibihe Data yashinze n'ububasha bwiwe wenyene.» Ivyakozwe n'Intumwa 1 :6, 7. Nti vyari bikenewe ko barondera kandi kubona kure muri kazoza, uguhishurirwa yari yarabashoboje kwari guhagije. Igikorwa cabo cari ico kwamamaza ubutumwa bwiza.IN 15.2

    Hari hasigaye gato ngo abigishwa ntibongere kubona Yesu, ariko bari bagiye guhabwa ubushobozi bushasha. Bari bagiye guhabwa Mpwemu Yera ku rugero runengesereye, akabashirako ikidodo ku bw'igikorwa cabo. Umukiza yari yavuze ati: «Ehe, ngira ndabarungikire ico Data yabasezeraniye; ariko mugume mu gisagara, kugeza aho muzokwambikirwa ubushobozi buvuye mw'ijuru.» Luka 24 :49. «Kuko Yohana mu vy'ukuri yabatirisha amazi, ariko mweho, mu misi itari myinshi, muzobatizwa na Mpwemu.» «Muzohabwa ubushobozi, Mpwemu Yera ni yabazako, muzoba ivyabona vyo kunshingira intahe i Yerusalemu, n'i Yudaya hose, n'i Samariya, no gushika ku mpera y'isi.» Ivyakozwe n'Intumwa 1 :5IN 15.3

    Umukiza yari azi ko ata jambo, n'aho ryoba ritomoye neza gute, rizokworosha imitima ikomantaye canke kumena ubuzima bw'umuntu akunda isi kandi yikunda. Yari azi ko abigishwa bategerezwa kuronka ingabire yo mw'ijuru, ngo ubutumwa bwiza buroranirwe, buvuzwe gusa n'imitima isusurutse, n'iminwa yakarihijwe n'ubumenyi buzima bwa wa wundi ari inzira, ukuri, n'ubugingo. Igikorwa cahawe abigishwa cari gikeneye inkomezi nyinshi; kuko imipfunda y'ikibi yo kukirwanya yari myinshi kandi ikaze. Umurongozi adahunyiza kandi w'inshigwarimenetse niwe yarongora inkomezi z'umwiza, kandi abakurikiye Kristo bashobora kurwanira ukuri bishimikije gusa ubufasha Imana izobaha, biciye muri Mpwemu wiwe.IN 15.4

    Kristo yabwiye intumwa ziwe ko zategerezwa gutangurira igikorwa cabo i Yerusalemu. Ico gisagara cari ciboneye n'amaso yaco ingene Kristo yitanze ku bwa kiremwa muntu. Aho niho, yambaye umubiri w'umuntu, yagendagenda, akaganira n'abantu, kandi bake baratahuye ingene ijuru ryiyegereje isi. Aho niho yari yaciriwe urubanza kandi akabambwa. Muri Yerusalemu, hariho abantu bizera mu mpisho ko Yesu w'i Nazareti ari Mesiya, n'abandi benshi bari bahenzwe n'abaherezi hamwe n'abategetsi. N'abo nyene nabo bategerezwa kubwirwa ubutumwa bwiza. Bategerezwa guterwa akamo ngo bihane. Ukuri gutangaje kuvuga ko muri Kristo honyene ari ho hari ukubabarirwa ivyaha, kwategerezwa kuvugwa mu buryo butomoye. Kandi igihe Yerusalemu yose yari ikiri mu gahundwe kubera ibintu vy'agahomerabunwa vyari vyahakorewe mu misi ishize, niho inyigisho z'abigishwa zashobora gukora cane ku mitima.IN 16.1

    Mu misi Yesu yarangura igikorwa ciwe, yakomeje kubwira abigishwa biwe ko bategerezwa kuba umwe nawe mu gikorwa co gukura isi mu buja bw'icaha. Igihe yarungika bamwe Cumi na babiri, hanyuma akarungika bamwe mirongo irindwi, ngo bamamaze ubwami bw'Imana, yariko arabigisha igikorwa cabo co gushikiriza abandi ico yari yabamenyesheje. Mu gikorwa ciwe cose yakoia yariko arabigisha ingene bokora umwe umwe wese ku giti ciwe, n'uko bazokwagura igikorwa uko igitigiri cabo kizokwongerekana, mbere kumbure bagashika no mu bice vya kure vy'isi. Icigwa ca nyuma yahaye abigishwa biwe cari ko babikijwe inkuru nziza z'agakiza ngo bazishikirize isi.IN 16.2

    Igihe gishitse ngo Kristo aduge kwa Se, yajanye intumwa ziwe i Betaniya. Bahageze, yararuhutse, hanyuma baramukikuza. Aramvura amaboko arabahezagira, bizigiye ko azokomeza kubazigama, abavamwo bukebuke araduga. «Akibahezagira, atanclukanywa nabo aduzwa mw'ijuru.» Luka 24 :51. Igihe abigishwa bari bacangaje amaso mu kirere ngo babone ingene Umwami wabo aduga, yakiranywe umunezero n'abamarayika bo mw'ijuru. Uko abo bamarayika bamuherekeza mu birimba vyo mw'ijuru, bararirimvye indirimbo z'intsinzi: «Yemwe bihugu vy'abami bo mw'isi, ni muririmbire Imana; Niwe agendera kw'ijuru ryo hejuru y'amajuru yose... Mwaturire Imana ko ifise ubushobozi, ubwiza bwiwe buri hejuru y'Abisirayeli, ubushobozi bwiwe buri mu bicu.» Zaburi 68:32-34. Abigishwa bagihanze amaso mw'ijuru akigenda, «babona abagabo babiri bambaye impuzu zera bahagarara i ruhande yabo; barababaza, bati bagabo b'i Galilaya, n'iki gitumye muhagaze muraba mw'ijuru ? Uyo Yesu, abakuwemwo akaduzwa mw'ijuru, azoza atyo, nk'uko mumubonye aja mw'ijuru.» Ivyakozwe n'Intuinwa 1:10,11.IN 16.3

    Isezerano ryo kugaruka kwa Kristo ryategerezwa kuguma mu bwenge bw'abigishwa biwe. Uwo Yesu bari babonye aduga mw'ijuru, azogaruka, ngo ajane iwe abo bari mw'isi bitanga ku bw'igikorwa ciwe. Rya jwi ryari ryarababwiye ngo «Ehe ndi kumwe namwe imisi yose gushika ku muhero w'isi,» rizobaha ikaze imbere yiwe mu bwami bwo mw'ijuru. Nk'uko mu mihango y'ingereranyo umuherezi mukuru yambura impuzu ziwe z'icubahiro agakora igikorwa yambaye impuzu yera y'umuherezi asanzwe; niko Kristo yiyambuye impuzu z'ubwami, maze yambara umubiri w'umuntu, atanga ikimazi, aba umuherezi kandi aba n'ikimazi.IN 17.1

    Nk'uko umuherezi mukuru kandi, ahejeje igikorwa ciwe ahera cane, yasohoka akagaragara imbere y'abantu yambaye impuzu z'icubahiro; niko na Kristo azoza ubugira kabiri, yambaye impuzu zikayangana, zera derere, «kandi nta mumesuzi kw'isi yoshoboye kuzeza atyo.» Mariko 9 :3. Azoza mu bwiza bwiwe, no mu bwiza bwa Se, kandi ingabo zose z'abamarayika zizomuherekeza. Gutyo isezerano Kristo yasezeraniye abigishwa biwe rizoba risohoye, «Nzogaruka kubajana i wanje.» Yohana 14:3. Abamukunze kandi bakamwitegurira, azobambika ubwiza, n'icubahiro, n'ukudapfa. Abagororotsi bapfuye bazova mu mva zabo, abakiriho nabo bazoduganwa nabo gusanganira Umwami mu kirere. Bazokwumva ijwi rya Yesu, rihimbaye kuruta indirimbo iyo ari yo yose umuntu yigeze kwumva, ribabwira riti, intambara yanyu irarangiye. «Ni muze, abo Data yahezagiye, muragwe ubwami mwateguriwe, uhereyeku kuremwa kw'isi.» Matayo 25 :34. Abigishwa bari bakwiye kunezerwa ku bw'ivyizigiro vyo kugaruka k'Umwami wabo.IN 17.2

    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents