Loading...
Larger font
Smaller font
Copy
Print
Contents
Ivyakozwe N'intumwa - Contents
  • Results
  • Related
  • Featured
No results found for: "".
  • Weighted Relevancy
  • Content Sequence
  • Relevancy
  • Earliest First
  • Latest First
    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents

    Ikigabane oa 30: Guhamagarirwa Gushika Ku Rugero Rwo Hejuru

    Iki Kigabane Cishimikiye kw ‘lkele rya Mbere ku Bakorinto

    Kubera yizera ko yokwumvisha abizera b'i Korinto akamaro ko gutegeka imibiri yabo, kwigerera n'ugukorera Kristo batiziganya, Paulo mw'ikete yabandikiye yatanze isano ry'agakura riri hagati y'intambara y'Umukristo n'ihiganwa ryo kwiruka n'amaguru ryahora rikorerwa hafi y'i Korinto mu bihe bimwe bimwe ntabanduka vy'umwaka. Mu nkino zose z'Abaroma n'Abagiriki, kwiruka n'amaguru ni rwo rwari urwa kera cane kandi rwashimwa kuruta izindi. Zarorerwa n'abami, abaganwa, n'abategetsi b'igihugu. Abasore rurangiranwa kandi batunze ntibazitangwamwo, kandi ntibiziganya mu gukora ibisabwa vyose kugira ngo batahane intsinzi.IN 160.2

    Amahiganwa yagengwa n'amategeko ruhasha kandi ntayegayezwa. Abipfuza kwiyandikisha muri ayo mahiganwa bategerezwa kubanza guca mu myimenyerezo ikomeye ngo bitegure. Imfungurwa zonona umubiri canke zigabanya inkomezi z ubwenge n'umubiri zari zibujijwe. Kugira ngo umuntu yizere intsinzi muri ayo mahiganwa yakenera inguvu n'ubukerebutsi, imitsi yategerezwa kuba ikomeye kandi inonotse, kandi n'udutsi twumva tukagenzurwa neza.Ico umuntu akora cose gitegerezwa kutabamwo ukwihenda, intambwe yose yihuta kandi idatirigana; inguvu z'umubiri zitegerezwa gushika ku rugero rwo hejuru.IN 160.3

    Ubwo abahinga baseruka imbere y'isinzi ry'abarorerezi, amazina yabo yaratangazwa, n'amategeko y'ihiganwa atangwa mu majambo yumvikana. Nuko rero bose bagatangurira icarimwe, amaso adakubita akagohe y'abarorerezi akabatera umwete wo kwihatira gutahana intsinzi. Abatanga amanota bicara i ruhande y'ishikiro, kugira ngo babone abiruka uhereye kw'itanguriro gushika kw'iherezo, kandi ngo bahe ingororano uwatahanye intsinzi ata kwihenda. Iyo bishitse umunmtu akaba uwa mbere ataciye mu mategeko, yataha zirayoye. Mu mahiganwa harabamwo amasanganya akomeye. Bamwe mbere ntibigera bakira izo mvune z'umubiri. Vyari ibisanzwe ko abantu batembagara bariko bariruka, bakavirirana mu kanwa canke mu mazuru, kandi rimwe na rimwe uwuhiganwa yashobora kuvamwo yapfuye kandi yari yegereje intsinzi. Ariko ingorane y'uko umuntu yocika ikimuga canke agapfa ntibabibona nk'igihambaye bagereranije n'ingororano y'icubahiro yahabwa uwatahukanye intsinzi. Ubwo umwirutsi yegereza ishikiro, isinzi ry'abarorerezi ryakoma amashi akuzura ikirere, kandi agasamiranira no ku dusozi n'imitumba ihakikije. Mu maso y'abarorerezi, umucamanza w'inkino yamuha ibimenyetso vy'intsinzi-Urugori rugizwe n'amababi y'urwatsi rutoto n'ishami ry'ikigazi yatwara mu kuboko kw'iburyo. Intsinzi yiwe yahimbazwa mu gihugu cose; abavyeyi biwe baronka uruhara rwabo rw'icubahiro; mbere n'igisagara yabamwo carubahwa cane kubera cavyaye umimonotsi akomeye.IN 161.1

    Paulo, agereranije ayo mahiganwa yo kwiruka nk'igitutu c'intambara Rukristo, yashize akatuzo ku mwiteguro ukenewe kugira ngo umuntu atahukane intsinzi mu kwiruka,imyiteguro y'ibanze, mu gutoranya imfungurwa, kwigerera gukenewe. Yavuze, ati «Umuntu wese azorushanywa yitegura muri vyose,» Abirutsi birinda ikintu cose cogabanya inkomezi, kandi bakamenyereza imibiri yabo imyimenyerezo iruhisha kandi y'urutavanako, kugira ngo ikomere kandi yihanganire gukoresha inkomezi zabo zose. Mbega Umukristo ntiyorushiriza, kubera arondera inyungu zidashira, gutegeka umubiri n'ivyifuzo vyose bigakora ubugombe bw'Imana! Nta na rimwe yosamazwa n'ibihunbaro n'ukwiryohcrcrerwa, canke ngo arondere kwiyorohereza. Ingeso n'ivyifuzo vyose bitegerezwa gutozwa indero ruhasha. Ubwenge, bumurikiwe n'inyigisho z'ijambo ry'Imana, kandi buyobowe na Mpwemu wayo, bugategeka umubiri wose.IN 161.2

    Kandi ibi bimaze gukorwa, Umukristo ategerezwa kugira utwigoro twose dushoboka kugira ngo atware intsinzi. Mu nkino z'i Korinto, intambwe nkeya za nyuma z'abahiganwa zakorerwamwo akigoro ko gupfa n'ugukira kugira ngo ntibagabanye ubunyarutsi. Niko bimeze no ku Mukristo, ubwo yegereza iherezo, azokomeza urugendo mbere akoreshe umwete mwinshi uruta uwo yakoresheje mu ntango y'urugendo rwiwe. Paulo yerekana ubudasa buri hagati y'urugori rw'ivyatsi bikabirana ruhabwa uwatsinze mu kwiruka, n'urugori rw'ubwiza budapfa ruzohabwa uwiruka mw'ihiganwa Rukristo. Avuga, ati «Bagenza batyo ngo bahabwe urugori rushira, ariko twebwe tugenza dutyo kugira ngo duhabwe urutazoshira.» Kugira baronke ingororano ishira, abirutsi b'Abagiriki ntibiziganya mu gikorwa canke mu kwibabaza. Turwanira ingororano irengeye agaciro, urugori rw'ubugingo budashira. Mbega ntitworushiriza kugira utwigoro no kwemera tukitanga kandi tukiyanka!IN 162.1

    Mw'ikete ku Baheburayo harerekana intumbero nyamukuru yogenga ihiganwa ry'Umukristo ku bwo ubugingo budashira: «Nuko natwe twiyambure ibituremera vyose, n'icaha gikunda kutwizingirako vuba, dusiganirwe ivyo twasizwe imbere twihanganye, dutumbereye Yesu wenyene, niwe nyanduruko zo kwizera, kandi niwe yagusozereye.» Abaheburayo 12:1, 2. Ishari, uburyarya, ivyiyumviro bibi, kuvuga abandi nabi, kwifuza- iyi ni imitwaro Umukristo ategerezwa kwiyambura namba ashaka gutahukana intsinzi y'ubugingo budashira. Akamenyero kose, canke ico dukora kitujana mu caha bitukisha Kristo bitegerezwa kwigizwa yo, naho vyodusaba akigoro kadashoboka. Imihezagiro y'Imana ntihabwa umuntu uwo ari we wese ahonyanga amategeko y'ubugororotsi. Icaha kimwe gusa dukuyakuya kirahagije ngo gititure kamere kandi kiyovye abandi.Umukiza yavuze, ati «Ukuboko kwawe nikwagutsitaza, uguce igikonjo; vyokubera vyiza kwinjira mu bugingo ucitse igikonjo, hako uja muri Gihenomu mu muriro utazima ufise amaboko yompi: N'ikirenge cawe nicagutsitaza, ugice; vyokubera vyiza kwinjira muri Gihenomu ucitse ikirenge, hako utererwa muri gihenomu ufise ibirenge vyompi.» Mariko 9:43-45. Namba kugira ukize umubiri urupfu ikirenge canke ikiganza vyopfuma bicibwa, canke ijisho rikanokorwa, mbega Umukristo ntiyokora uko ashoboye kwose ngo yirinde icaha, co kizanira umuntu urupfu? Abo bahiganwa mu nkino za kera, bamaze kwiyima no kwiha amategeko akomeye, nta n'ubwo bari bafise icemezo ko bazotsinda. Paulo yabajije, ati: «Ntimuzi yuko mu birori abasiganwa biruka bose, ariko uherwa akaba umwe? Naho abasiganwa bokwiruka nk'abita kw'ibuye, impera yahabwa umwe gusa. Ikiganza kimwe gusa ni co cashobora gufata rwa rugori rwifuzwa. Vyarashika umuntu akagira akigoro k'umurengera ngo aronke ingororano, ariko agira aramvure ukuboko ngo afate, uwundi mu kanya isase akaza imbere yiwe agacakira ubwo butunzi bifuza.IN 162.2

    Uku siko bimeze mu ntambara Rukristo. Nta n'umwe yemeye gukurikiza ibisabwa azobura ingororano ahejeje kwiruka. Nta n'umwe yinanase, akagumye akagumako, azobura intsinzi. Mu gusiganwa, impayamaguru sizo zisiga abandi kandi mu ntambara abanyenkomezi sibo batsinda. Umweranda w'intege nke kuruta abandi, co kimwe n'uwukomeye kuruta abandi, bashobora kwambara urugori rw'ubwiza budashira. Abo bose bagenda nk'uko kristo agomba, ku bwo ubushobozi bw'ubuntu bw'Imana, bashobora gutsinda. Gukurikiza ido n'ido amategeko y'ijambo ry'Imaria kenshi na kenshi bifatwa minenerwe- ngo ni ibintu bito ku buryo umuntu atovyitaho. Ariko ku bijanye n'ibi, nta kintu na kimwe ari gito. Ikintu cose dukora gipimwa ku munzane, ku buryo gishobora gutuma dutsinda canke tukaneshwa. Kandi ingororano ihabwa abanesha izoba ingana n'utv/igoro, n'ukwitanga twakoranye.IN 163.1

    Iyo ntumwa yigereranije n'umuntu yiruka, ashiramwo inkomezi zose ngo atahukane intsinzi. Avuga, ati «Nuko nanje ndiruka, ariko si nk'uwutazi iyo aja: nkubitana ibipfunsi, ariko si nk'uwuhusha; kandi ndwanya umubiri wanje, nkawuhindura umuja: kugira ngo kumbure maze kwigisha abandi, nanje ubwanje sinze mboneke ko ntemewe.» Kugira ngo ntaze yirukire ubusa mu kwiruka Rukristo, Paulo yitegereje imyimenyerezo ruhasha. Aya majambo «ndwanya umubiri wanje,» asobanura ngo kuwufata mu gutegeka ivyifuzo, ivyo ugambiriye gukora, n'ivyo uhahamiye. Paulo yatinya ko, amaze kwigisha abandi, we ubwiwe yokumirirwa. Yatahuye ko n'atakurikiza amategeko yizera kandi akigisha, ibikorwa yakoreye abandi vyomubera impfagusa. Ibiganiro vyiwe, ijunja ryiwe, kwanka kwumvira ivyifuzo vy'umubiri wiwe, bitegerezwa kwerekana ko idini ryiwe atari umwuga azeyemwo uburaro n'uburamuko gusa, ahubwo ko buri musi yagendana n'Imana. Intumbero imwe gusa niyo yamiza imbere yiwe, kandi akihatira kuyishikako- «Ukugororoka kuva ku Mana, kumwe kuzanwa no kwizera Kristo.» Ab'i Filipi 3:9.IN 163.2

    Paulo yari azi ko intambara yo kurwana n'ikibi itazohera igihe cose azoba akiri muzima. Yatahura na ntaryo akamaro ko kwizitirira ngo ivyifuzo vy'isi ntibitsinde umwete wiwe mu vya Mpwemu. Yakomeza kwivuna n'inkomezi ziwe zose ivyifuzo vy'umubiri. Yagumiza mu mutima wiwe intumbero azoshikako, kandi iyi ntumbero yihatira kuyishikako mu kwumvira ubugombe bw'ivyagezwe vy'Imana. Amajambo yiwe, ibikorwa vyiwe, ivyifuzo vyiwe, vyose yabitegekesha Mpwemu w'Imana. Iyi ntumbero nyamukuru yo gutsinda ihiganwa ry'ubugingo budashira niyo Paulo yifuza kubona yigaragaza mu buzima bw'abizera b'i Korinto. Yari azi ko kugira ngo ashikire urugero rwa Kristo ku bwabo, bari bafise imbere yabo urugamba rw'ubuzima bwose batazohumeka kurwana. Yabingmze kwihatira buri musi kuronderana ubutungane ukwubaha Imana n'imitima irondera gukora ibigororotse ku rwego rwo hejuru. Yabinginze gushira i ruhande umutwaro wose no kubandanya bagana ku bunengesere bwo muri Kristo.IN 163.3

    Paulo yeretse Abanyakorinto ivyabaye mu b'Isirayeli ba kera, imihezagiro bahawe ku bwo kwumvira Imana, n ibihano vyakurikiye ibigabitanyo vyabo. Yarabibukije uburyo butangaje Abaheburayo bavanywe mu Misiri bakingiwe n'igicu ku mutaga, mw'ijoro naho n'inkingi y'umuriro. Uku ni ko bayobowe mu Kiyaga Gitukura, Abanyamisiri bagerageje kujabuka bobo bagasoma nturi. Ku bwo ibi bikorwa Imana yerekanye ko Isirayeli ari ishengero ryayo. «VYose bagasangira vya vyokurya vy'impwemu, kandi bose basangira vya vyokunywa vy'impwemu: kuko banywa ku gitandara c'impwemu cabakurikira: kandi ico gitandara, cari Kristo.» Abaheburayo, mu ngendo zabo zose, bari bafise Kristo nk'umurongozi. Rwa rutare rwakubitwa rwari igitutu rwagereranya Kristo, yategerezwa kuzokomeretswa ku bwo ibigabitanyo vy'abantu, ngo umugezi w'agakiza usendere kuri bose. Hatarabwe ubuntu Imana yagiriye Abaheburayo, kwifuza ibihimbaro vy'ivyaha bashize inyuma mu Misiri, kandi kubera ivyaha n'ubugarariji bwabo, ibihano vy'Imana vyabaguyeko. Iyo ntumwa yasavye abizera b'i Korinto kwigira ku vyabaye ku b'Isirayeli. Yavuze ati: «Ivyo vyose vyatubereye akarorero kugira ngo ntitwifuze ibibi, nk'uko bamwe bo muri ba bandi bavyifuje.» Yaberetse ingene gukunda kwiyorohereza n ibinezero vyateguriye inzira ivyaha vyahamagaye uguhora kw'Imana. Mu gihe abana b'Isirayeli bicara ngo barye kandi banywe, maze bagahaguruka ngo batambe, niho bataye ukwubaha Imana, kumwe bari bafise igihe bumviriza ariko arabaha ivyagezwe; kandi bakoze ikinyana c'mka gishushanya Imana, baragisenga. Kandi igihe bari bamaze kwinezereza, benshi mu Baheburayo biroshe mu bushirasoni. Uburake bw'Imana bwaraziririnze, kandi ku bwo itegeko ryayo «abantu ibihumbi mirongo ibiri na bitatu» barimbuwe n'ikiza ku musi umwe.IN 164.1

    Iyo ntumwa yasavye abanyakorinto iti, «Nuko rero uwiyumvira ko ahagaze ni yiyubare ntagwe.» Iyo bishira hejuru kandi bakiyemera, bakanjanjwa ku kuba maso no gusenga, bari kugwa mu vyaha biteye agahinda bakihamagarira uburake bw'Imana. Ariko kandi Paulo ntiyipfuza ko bacika intege. Yabijeje ati: «Imana ni iyo kwizigirwa, ntizobakundira ko mugeragezwa n'ibiruta ivyo mushobora; ariko, hamwe n'ibibagerageza izobacira icanzo, kugira ngo mubone ingene mushobora kwihangana.»Paulo yasavye abavandunwe biwe kwibaza ico amajambo n'ibikorwa vyabo bikora ku bandi bantu, n'ukutagira ico bakora naho coba kigaragara ko ari gito, cosa nk'uko gishigikiye gusenga ibigirwamana, canke cobabaza abanyantege nke mu kwizera. «Nuko iyo murya, canke munywa, canke mukora ikindi kintu cose, mube mukorera vyose gushimisha Imana. Ntimubere Abayuda igitsitaza, canke Abagiriki, canke ishengero ry'Imana.»IN 164.2

    Amajambo y'iyo ntumwa yo kugabisha ishengero ry'i Korinto araba ibihe vyose, na cane cane igihe turimwo. Mu kuvuga gusenga ibigirwamana, ntiyashaka kuvuga gusenga ibishushanyo, ahubwo kandi yavuga n'ukwikwegerako, gukunda kwinezerereza, gukurikira ivyifuzo vy'umubiri. Kuvuga gusa ngo wizera Kristo, ukiratira kumenya ukuri, ntibihindura umuntu kuba Umukristo. Idini rirondera gusa kunezereza ijisho, ugutwi, n'ibiryohera umubiri, canke ishigikira ukwikunda, si idini rya kristo.IN 165.1

    Mu kugereranya ishengero n'umubiri, iyo ntumwa yashaka kwerekana neza imigenderanire itegerezwa kuba hagati y'abantu bose bagize ishengero rya Kristo. Yanditse ati, «Kuko muri Mpwemu umwe ari ho twese twabatirijwe ngo tabe umubiri umwe, naho boba Abayuda canke Abagiriki, naho boba abagurano canke abidegemvya; kandi twese twanyweshejwe Mpwemu umwe. Umubiri si urugingo rumwe, ariko ni nyinshi. Ikirenge covuga, kiti ko ntari ikiganza sindi uwo ku mubiri; ivyo ntivyotuma kitaba ico ku rnubiri. Kandi ugutwi kwovuga, kuti ko ntari ijisho, sindi uwo ku mubiri. Iyo umubiri wose uba ijisho, kwumva kwobaye hehe? Iyo wose uba kwumva, ukumoterwa kwobaye hehe? Ariko noneho Imana yashizeho ingingo z'umubiri, urugingo rwose aho agomvye. Kandi iyo zose ziba urugingo rumwe, umubiri wobaye hehe? Ariko noneho, ingingo ni nyinhsi, umubiri ukaba umwe.Kandi ijisho ntirishobora kubarira ikiganza, ngo Ntaco umariye; canke umutwe kubarira ibirenge, ngo ntaco umariye. . . . Imana yafatanije umubiri hamwe, urugingo rukeneye icubahiro iruha icubahiro kirushiriza, kugira ngo umubiri ntiwireme ibice, ariko ingingo zibabarane kumwe. Kandi iyo urugingo rumwe rubabaye, ingingo zose zirababazanywa na rwo; canke urugingo rumwe ruhawe icubahiro, ingingo zose zihimbaranwa na rwo. Namwe muri umubiri wa kristo, kandi umuntu wese wo muri mwebwe ni urugingo rwawo.» -IN 165.2

    Hanyuma rero, mu majambo yabereye abagabo n'abagore isoko yo kuvomamwo ivyiyumviro no kubatera intege, Paulo yavuze akamaro k'urwo rukundo abigishwa ba Kristo bategerezwa guhurumbira: «Naho novuga indimi z'abantu n'izo abamarayika, ariko ntagira urukundo, noba ncitse umuringa uvuga, canke icuma kivuzwa kigasama. Kandi naho nogira ingabire yo kuvugishwa n'Imana, nkamenya amabanga yose, n'ubwenge bwose, kandi naho nogira ukwizera kwose, ngashobora gukuraho imisozi, ntagira urukundp, noba ndi ubusa. Kandi naho notanga ivyanje vyose, ngo ndabigaburire aboro, kandi naho notanga umubiri wanje ngo nturirwe, ariko ntagira urukundo, nta co vyomarira.»IN 165.3

    Naho yovuga gute ko ari Umukristo, umuntu umutima wiwe utuzuyemwo urukundo akunda Imana n'abantu, si umwigishwa wa Kristo w'ukuri. Naho yogira ukwizera gukomeye kandi akagira n'ubushobozi bwo gukora ibitangaza, atagira urukundo, ukwizera kwiwe kwoba impfagusa. Ategerezwa kugaragaza umutima wo gutanga; ariko, abikoze ku zindi mvo atari urukundo nyakuri, akagaburira ivyiwe aboro, ico gikorwa nticoshimwa n'Imana. Mbere ashobora n'ukugira umwete udasanzwe agapfira ukwizera kwiwe, ariko atabikoze ku bwo urukundo, Imana yomuraba nk'uwuriko agira ikinamico canke indyadya irondera ico yoshikako. «Urukundo rurihangana, kandi rugira neza; urukimdo ntirugira ishari; urukundo ntirwihayagiza.» Umunezero utagira akarohe ududubiza uva mu gushirWa hasi. Abantu bahambaye kandi b'inyankamugayo bubatswe ku mushinge wo kwihangana, mu rukundo, n'ukwumvira ubugombe bw'Imana. Urukundo «ntirukora ibiteye isoni, ntirurondera ivyarwo, ntirwiciraho, ndrwiyumvira ikibi ku bandi.» Urukundo rwa kristo rushira hejuru ibikorwa vy'abandi. Ntirugaragaza amakosa yabo bidakenewe. Ntirunezerwa no kwumva ibibi bivugwa ku bandi, ariko rurondera gushira imbere ivyiza vy'abandi. Urukundo «ntirunezererwa ukugabitanya kw'abandi, ariko runezeranwa n ukuri; rurenzako muri vyose, rwizera vyose, rwizigira vyose, rwihanganira vyose.» Urwo rukundo «ntirushira.» Ntirutakaza agaciro karwo, ni ingabire yo mw'ijuru. Ni ubutunzi bw'agaciro, uwurufise azorwinjirana mu marembo y'igisagara c'Imana. «None rero hagumyeho ukwizera, n'ivyizigiro, n'urukundo, ivyo uko ari bitatu: ariko ikibiruta ni urukundo.» Mu gusubira inyuma kw'ingeso nziza mu bizera b'i Korinto, hari abari barataye ibintu ngenderwako vy'ukwizera kwabo. Bamwe bari bageze kure, gushika bihakane n'inyigisho y'izuka. Paulo yarwanije ubwo buzimire mu gutanga igishingantahe ntahinyuzwa c'izuka rya Kristo. Yavuze ati Kristo amaze gupfa, «yazutse ku musi ugira gatatu, nk'uko Ivyanditswe bivuga,» hanyuma yiyereka Kefa, maze yiyereka bamwe cumi na babiri, yongera yiyereka bamwe bene Data basaga amajana atatu, muri abo abenshi baracariho n'ubu, ariko bamwe barasmziriye. Maze yiyereka Yakobo, hanyuma yiyereka intumwa zose. Hanyuma ya bose naje aranyiyereka.» Iyo ntumwa, n'ubushobozi bwo kwemeza, yerekanye ukuri guhambaye kw'izuka. Yabatomoreye, ati «asangwa abapfuye batazuka na Kristo ntaranazuka: kandi asangwa Kristo atazutse, ivyo twigisha ni ivyo ubusa, n'ukwizera kwanyu ni uko ubusa. Natwe twoba twabonetse ko turi abashingira Imana intahe y'ikinyoma; kuko twayishingiye intahe yuko yazuye kristo, uwo itazuye, namba abapfuye batazuka. Namba abapfuye batazuka na Kristo ntarakazuka: kandi asangwa Kristo atazutse, ukwizera kwanyu ni uko ubusa; muracari mu vyaha vyanyu. Kandi asangwa bimeze bityo, n'abasmziriye muri Kristo barayogeye. Asangwa muri ubu bugingo bwonyene ari ho twizigira kristo, turusha abandi bantu bose kuba abagowe. Ariko noneho Kristo yarazutse mu bapfuye, niwe yabereye abapfuye umushuzo.»IN 166.1

    Iyo ntumwa yerekeje ubwenge bwa bene Data b'i Korinto ku gitondo c'izuka, igihe aberanda bose basinziriye bazozuka, maze bakabana n'Umwami wabo ibihe bidashira. Iyo ntumwa yavuze, iti «Ehe ndababarire akabanga: ntituzosinzira twese, ariko twese tuzohindurwa, mu kanya gato, mu kanya nk'ako gukubita urugohe, aho inzamba y'iherezo izovugira: kuko inzamba izovuga, abapfuye bakazurwaIN 167.1

    batagishobora kubora, natwe tuzohindurwa. Kuko uyu mubiri ubora ukwiye kwambara ukutabora, kandi uyu mubiri upfa ukwiye kwambara ukudapfa. Ariko uyu ubora ni wamara kwambara ukutabora, n'uwudapfa ukambara ukudapfa, niho hazoshika rya jambo ryanditswe, ngo urupfu rumizwe n'intsinzi. Wa rupfu we, intsinzi yawe iri hehe? Wa rupfu we, uruboyi rwawe ruri hehe? . . Ariko Imana ishimwe, iduha gutsinda ku bwo Umwami wacu Yesu Kristo. Intsinzi y'ubwiza irindiriye abazoba abizigirwa. Iyo ntumwa, ibonye ibindi birindiriye abizera b'i Korinto, yarondeye gushira imbere yabo ibikura umuntu ku vyo kwikunda n'ivyo umuntu akorakora, maze agashira hejuru ibishira hejuru ubuzima bw'ivyizigiro vyo kudapfa. Yabahanuye kudatirimuka ku muhamagaro uhambaye uri muri Kristo. Yabinginze ati «mukomere ntimunyiganyige, murushirize imisi yose gukora ibikorwa vy'Umwami wacu, kuko muzi yuko uburuhe bwanyu atari ubwo ubusa mu Mwami.»IN 167.2

    Gutyo, iyo ntumwa yagerageje yivuye inyuma kandi mu majambo y'inkoramutima gukosora ivyiyumviro n'ibikorwa vy'ubuzimire kandi biteye ubwoba vyari vyariraye mw'ishengero ry'i Korinto. Yavuze atarya umunwa, ariko agaragaza urukundo abakunda. Mu majambo yiwe yo kugabisha no kwihanikiza yavamwo umuco uva ku ntebe y'ubwami bw'Imana-ukayanganira kuri bo, ngo uhishure ivyaha bihishijwe vyariko birahumanya ubuzima bwabo. Mbega bazoyakira bate?IN 167.3

    Iryo kete rimaze kugabanganywa, Paulo yatinya ko kumbure ivyo yanditse bizohava bikomeretsa cane abo yifuza ko ryogirira ikimazi. Yakoresheje ubwenge bwinshi ku gutinya ko yohava avyura izindi ngorane, mbere rimwe na rimwe yashatse n'ugusubiramwo amajambo yiwe. Abumva umutwaro w'amashengero canke ibigo bakunda cane, nibo bashobora gutahura neza amadidane yiwe n'ukwicuza kwiwe. Abasuku b'Imana biremetse umutwaro w'igikorwa cayo muri iki gihe barazi ingene bigenda mu gikorwa, intambara n'imyitwarariko vyaguye kuri iyo ntumwa y'agakura. Yaremerejwe n'amacakubiri yo mw'ishengero, abantu b'intashima n'ubuguranyi bwari muri bamwe bamwe yari yitezeko impuhwe n'ubufasha, abona akaga k'amashengero akuyakuya icaha, bimusaba gukurikirana hafi ivyabo, agerageza kwihanikiriza icaha, kadi atinya ko kumbure yoba yarakabije mu majambo yiwe yanditse akankamira icaha. Yarindiriye ahinda agashitsi inkuru yovuga ingene bakiriye ubutumwa bwiwe.IN 167.4

    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents