Loading...
Larger font
Smaller font
Copy
Print
Contents
Ivyakozwe N'intumwa - Contents
  • Results
  • Related
  • Featured
No results found for: "".
  • Weighted Relevancy
  • Content Sequence
  • Relevancy
  • Earliest First
  • Latest First
    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents

    Ikigabane ca 42: Ubwato Busabira Mu Kiyaga

    Iki Kigabaue Gishimikiye Ivyakozive 27; 28:1-10.

    Vyabaye kera Paulo afata urugendo aja i Roma. «Bamaze gushinga,» ni ko Luka yandika avuga, «ngo tujabuke tuje muri Itahya, Paulo n'izindi mbohe babaha intwazangabo itegeka abasoda ijana yitwa Yuhyo, wo mu ngabo za Augusito. Batambukira mu bwato bwavuye muri Aduramutiyo, bugira bugende bujabukiranya ahantu ho muri Asiya haherereye ku kiyaga, tuvudukayo turi kumwe na Arisitariko Umunyamakedoniya w'i Tesalonike.» Mu kinjana ca mbere c'Ibihe vya Kristo, urugendo rwo mu kiyaga rwarimwo imiruho n'akaga kadasanzwe. Abasozi bagenda bisunga izuba n'inyenyeri; kandi igihe bitabonetse mu kirere, hakaba n'ibimenyetso vy'imikuba, bene ubwato batinya ko bayogerera mu kiyaga. Mu gihe runaka c'umwaka, urugendo rwo mu mazi rwasa n'urudashoboka. Intumwa Paulo rero yasabwa kwihanganira ivyari bimurindiriye nk'imbohe muri urwo rugendo rurerure kandi ruruhije rwo kuja muri Itahya. Ikintu kimwe catumye yoroherwa- yemerewe kubana na Luka na Arisitariko. Mw'ikete yandikiye Abo i Kolosayi, mu nyuma y'aho yavuze kuri Arisitariko nk’ «uwo dusangiye umunyororo» (Ab'i Kolosayi 4:10); ariko kuba Arisitariko yasangiye imvuto na Paulo bari babiteguye batyo, ngo amufashe mu mibabaro yiwe. Urugendo rwatanguye neza. Bukeye bw'aho bafata i Sidoni. Yuhyo intwazangabo itegeka abasoda ijana, «agirira Paulo neza,» kandi amenye ko hari Abakristo muri ako karere, «amukundira kugendera abagenzi ngo bamuzimane.»Urwo ruhusha iyo ntumwa yararushimye cane kuko amagara yari yamukitse.IN 228.3

    Bavuye i Sidoni, ubwato bwahuye n'umuyaga unyuranye n'iyo baja; maze ku bwo guta inzira iramvuye, bituma ubwato bugenda buhoro buhoro. I Mura mu ntara y'i Lukiya, wa mutware w'abasoda ijana asanga ubwato bunini bw'i Alekisanderiya, buja muri Itahya, maze aca yurizamwo abanyororo biwe. Ariko umuyaga wari ukinyuranye n'inzira y'ubwato, maze ubwato bugira ingorane zo kwunguruza. Luka yandika, ati «Tumaze imisi myinshi tugenda buhoro, dushika hafi y'i Kinido bitugoye cane, maze umuyaga utubujije duca musi y'i Kirete, imbere y'i Salumone, ngo tuhikinge umuyaga; tuhashikira bitugoye cane, dushika ahantu hitwa Vyambuvyiza.»IN 229.1

    Aho i Vyambuvyiza bategetswe kuhaguma gato, barindiriye ko ikirere cotekana. Igihe c'imbeho cariko kiregereza vuba; «kujabuka kwabaye irinde;» kandi bene ubwato bataye ivyizigiro vyo gushika iyo baja igihe c'imbeho kitarashika kuko kugendera mu kiyaga vyari bigiye guhagarikwa muri uwo mwaka. Icashobora gukorwa gusa, kwari kuguma muri Vyambuvyiza, canke kuronka ahantu ho kurindirira ngo igihe c'imbeho kirangire. Iki kibazo baragihaririyeko cane, hanyuma vyatevye wa mutware w'abasoda ijana ashira umwizero wiwe muri Paulo kuko yamwubaha co kimwe n'abari mu bwato n'abasoda. Paulo yishura adakekeranya abahanura ko boguma aho bari. Avuga, ati «mbonye yuko uru rugendo rugira rubemwo ivyago n'ubuhombe bwinshi, si ivyo ubwato n'ibirimwo gusa, ariko n'amagara yacu na yo.» Ariko «uwutegeka ubwato na nyene bwo,» na benshi mu ngenzi n'abayobora ubwato, ntibemera iyo mpanuro. Kubera icambu bari bahagazemwo «kitari ciza co kwugamamwo kuhamara urushana, abenshi babagira inama yo kuvayo, ngo bishobotse bashike i Foyinike, kuba ari ho bamara urushana; hari icambu c'i Kirete hagati y'i bumanuko n'i burengerazuba, no hagati y'i buraruko n'i burengerazuba.»IN 229.2

    Uwo mukuru w'abasoda ijana ahitamwo gukurikira inama ya benshi. Nuko «umuyaga uturutse i bumanuko uhuhereye buhoro,» bava mu Vyambuvyiza, bibwira ko baronse ico bagomba. «Ariko igihe kitari kinini gishize . . . hatera umuyaga w'igihuhusi;» «ubwato bumaze gukubegwa, butagishobora gutumbera umuyaga.»Ubwato butwarwa n'imikuba, bwegera akazinga kitwa Kilawudiya, maze igihe bari bahikinze umuyaga, babona kuboha akato k'inyuma bibagoye cane; ubwo bwato bw'integakiba, inzira yari isigaye yo gukiriramwo igihe ubwato bwari kwibira, bwari bubohewe inyuma, kandi bwashobora gucika ubunywenywe igihe ico ari co cose. Igikorwa cabo ca mbere cabaye ico gukwegera ako kato mu bwo barimwo. Gutyo rero bari bategekanije gukomeza ubwato no kubutegura ngo burinde umuyaga. Ubwo buhungiro budafashe baronkeye kuri ako kazinga ntibwabakingiye igihe gihagije, kuko bidatevye baciye bongera guhangarana n'umuyaga w'akataraboneka.IN 230.1

    Ijoro ryose umuyaga warakubise, maze ubwato naho bari bagerageje kubukingira burameneka. «Bukeye bw'aho bata imitwaro rnu kiyaga ngo baremurure ubwato.» Bwongera kwira, ariko umuyaga ntiwagabanuka. Ubwato bwari bwasinzikajwe n'umuyaga, bumaze gutabagurika, bubazungagiza hirya no hino kubera ubushangashigwe bw'umuyaga. Igihe cose vyasa n'uko izo mbaho zitera akaruru zigiye gutandukana uko ubwato bwahungabana ku bwo igihuhusi. Imigaga yiyongereye vuba vuba, maze ingenzi na bene ubwato bakomeza guseha amazi bayavana mu bwato. Nta n'umwe mu bari mu bwato yahumetse. «Ku musi ugira gatatu,» ni ko Luka yanditse «dutesha amaboko yacu ibikoreshwa mu bwato. Kandi izuba n'inyenyeri bimaze imisi myinshi bitaboneka, turi mu gihuhuta cinshi gityo, twihebura rwose ko atawuzokira.»Mu misi cumi n'ine bazungagizwa musi y'ijuru ritagira izuba canke inyenyeri. Ya ntumwa naho yari ibabaye ku mubiri, yari ifise amajambo y'ivyizigiro mu gihe c'akaga gakomeye nk'ako, ikiganza co gufasha mu ngorane iyo ari yo yose. Yafashe ku bwo kwizera ukuboko kw'Ububasha butagira iherezo, kandi umutima wiwe ntiwaviririye Imana. Nti yatinya ku bwo ubuzima bwiwe; yari azi ko Imana izomuzigama ngo ashingire intahe y'ukuri kwa Kristo i Roma. Ariko umutima wiwe waterwa akagongwe n'abantu bari kumwe, abanyavyaha, bataye akaranga, batiteguriye gupfa. Ubwo yinginga Imana ngo izigame ubugingo bwabo, yahishuriwe ko isengesho ryiwe ryakiriwe. Abonye igihuhusi kigabanutse, Paulo aboneraho akaryo ko guhagarara hagati muri bo, ashira ijwi hejuru, ati «Yemwe bagabo, mwari mukwiye kunyumvira, ntimuve i Kirete, ngo mugire ibi vyago n'ubuhombe. Kandi none ndabaremesha, nimuhumure: kuko muri mwebwe hatazopfa n'umwe, atari ubwato. Kuko muri iri joro umumarayika w'Imana, ndi uwayo, kandi ni yo nkorera, yahagaze i ruhande yanje, arambwira, ati Nta co utinya, Paulo; ukwiye guhagarara imbere ya Kayisari, kandi ehe Imana ikwemereye n'abo mugendanye bose. Nuko nimuhumure, yemwe bagabo: kuko nizeye Imana, yuko bizoba nk'uko nabariwe. Ariko turashobora kunanirwa iki ikizinga .»IN 230.2

    Bumvise aya majambo, basubiza umutima mu nda. Bari mu bwato n'ababuyoboye barikangura. Ariko hari hakiri vyinshi vyo gukorwa, kandi inkomezi zabo zose bategerezwa kuzikoresha ngo birinde akaga. Ijoro ry'icumi na kane rishitse bakubegwa irya n'ino, ni ho nko «mu gicugu hagati» abagendesha ubwato bakeka ko hari igihugu begereye; bagera uburebure bw'amazi yo hasi, babona ingero mirongo ibiri: hashize umwanya muto bongera kugera, babona ingero cumi na zitanu. Luka yandika avuga ati, «kandi kuko twatinya gusukwa ahantu h'amabuye duterera mu mazi ivyuma bine vyo kuzirika ubwato tubicishije mu mutwe w'inyuma, twifuza ko buca.»Bukeye twarashobora kubona inkombe z'ikiyaga zahomaguwe n'igihuhusi ariko ntitwashobora kubona igihugu tugomba twinjiremwo. Abagendesha ubwato basa n'uko bihebuye, «barondeye ingene babuhungamwo,» bigirisha nk'abagomba «kuzirikisha ivyuma umutwe w'imbere,» bari bamaze kwururukiriza ka kato mu kiyaga, Paulo, abonye intumbero yabo, ni ko kubwira ya ntwazangabo itegeka abasoda ijana hamwe n'abasoda, ati «Aba ni bataguma mu bwato ntimushobora gukira.» Maze abasoda baca «imigozi ifashe akato, ngo bakareke gakorokere» mu kiyaga.IN 231.1

    Igihe gikomeye cari kikiri imbere. Ya ntumwa yongera kandi kubaremesha, yinginga bose ngo bafungure, abagendesha ubwato hamwe n'ababurimwo, ivuga iti «Uyu musi ni uwugira icumi na kane mukirorereye mutarya, ataco mutamira. Nuko ndabinginze, nimurabe utwo murya: kuko ari vyo vyobakiza, kandi ntahazohara agashatsi ku mitwe yanyu.» «Amaze kuvuga ivyo, afata umutsima, ashimira Imana imbere yabo bose, arawumanyagura, atangura kurya.» Nuko abo banfu basaga amajana abiri na mirongo indwi na batanu bari barushe kandi bari gutakaza ivyizigiro vyose iyo ataba Paulo, baherako na bo bararya. «Bamaze guhaga, baremurura ubwato, bata ingano mu kiyaga.» Ijoro ryari ryakeye neza, ariko ntibamenya ico gihugu. Ariko «babonye ikigobe kirimwo umusenyi, baja inama yuko boshobora gushikanaho ubwato. Bazitura imigozi ifashe ivyuma biziritse ubwato,babirekera i bwina; bariko barabikora, batenzura imigozi yari igumije ingafe zihindukiza ubwato, baduza igihuzu c'imbere kibugendesha ngo gihehwe n'umuyaga, batumbereza ku musenyi. Ariko abashitse mw'ihuriro ry'amazi, basekura ubwato ku gataka, maze umutwe wabwo w'imbere winjiramwo, urahamangira, uwo inyuma na wo utangura kumenagurwa n'inkomezi z'imipfunda.»IN 231.2

    Paulo n'abandi banyororo ubu naho batinya ikiruta isanganya ry'ubwato. Abasoda babonye ko nibegereza kw'isi bidashoboka ko borinda abanyororo bose bajejwe. Umuntu wese aja gukora ivyo ashoboye ngo anyage amagara. Ariko igihe umwe wenyene yobacika, ababacunze boca bicwa. Itegeko ry'Abaroma ni ko ryari rimeze, kandi uko ni ko vyari kugenda. Yuhyo ya ntwazangabo y'abasoda ijana yari azi ko Paulo yagize uruhara mu kurokora ubuzima bw'abari mu bwato, kandi ikigeretseko, yemera ko Umwami Imana yari kumwe nawe, atinya kumugirira nabi. Nuko «ategeka ko abazi kwoga bokwisuka mu mazi, kugira ngo babanze gushika ku nkombe: abandi na bo, bamwe bagende ku mbaho, abandi ku bisigazwa vy'ubwato. Nuko bagenza batyo, bashika ku nkombe bose, barakira.» Bahamagaye abantu basanga nta n'umwe abuze.IN 232.1

    Abakize isanganya ry'ubwato bakirwa neza n'abanyamahanga badebagura b'I Mehta. Luka yandika avuga ati, «baducanira umuriro, ku bwo imvura n'imbeho vyariho.» Paulo yari umwe mu bafasha abandi n'ukubatera intege. Amaze gusenya «umuganda w'inkwi,» «arazikomanya,» inzoka «iva mu muriro, imwizingira ku kuboko iramukomora.»Abari aho babibonye bicwa n'ubwoba; barabiye ku minyororo bamenya ko Paulo yari imbohe, maze bavugana bati, «nta nkeka uyu muntu ntabuze kuba umwicanyi, kandi naho yakize ikiyaga, Iyidaca urwa nkunzi ntimukimdiye ko abaho.» Ariko Paulo we, akunkumurira ico gikoko mu muriro, ntiyagira ico aba. Kubera bari bazi ko iyo nzoka ifise ubumara, ba bandi barereka ko avyimba, canke ko agwa bukumbi. «Ariko bamara umwanya munini babireretse, babonye ata co abaye, barahindura, bati ni Imana.»IN 232.2

    Mu mezi atatu bamaze i Melita, Paulo na bagenziwe baboneyeho akaryo ko kuvuga ubutumwa bwiza. Mu buryo butangaje Imana yarabakoresheje. Ku bwa Paulo, bari mu bwato bose bafashwe neza; ivyo bashaka vyose barabironka, kandi bavuye i Mehta bahawe ivyo bakeneye vyose mu rugendo. Bimwe mu bikuru vyabashikiye Luka abivuga mu ncamake ati:«Hafi y'aho hantu hari amatongo, y'umukuru w'ico kizinga, yitwa Pubihyo, aratwakira, atuzimana neza imisi itatu. Se wa Pubiliyo yari arwaye inyonko kandi agacibwamwo amaraso, maze Paulo yinjira i we, arasenga, amurambikako ibiganza, aramukiza. Ivyo bibaye, abandi bari n'indwara bo muri ico kizinga baraza, arazibakiza. Baduha icubahiro mu buryo bwinshi; maze mu gihe co kujabuka kwacu bashira mu bwato ivyo dukeneye.»IN 232.3

    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents