Loading...
Larger font
Smaller font
Copy
Print
Contents
Ivyakozwe N'intumwa - Contents
  • Results
  • Related
  • Featured
No results found for: "".
  • Weighted Relevancy
  • Content Sequence
  • Relevancy
  • Earliest First
  • Latest First
    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents

    Ikigabane ca 37: Urugendo Rwa Nyuma Rwa Paulo I Yeru Salemu

    Iki Kigabane Gisliimikiye ku Vyakozwe 20:4; 21:16.

    Paulo yifuza cane gushika i Yerusalemu imbere ya Pasika kugira ngo abonereho akaryo ko guhura n'aboza bavuye mu mihingo yose y'isi guhimbaza iyo sabukuru. Yama afise icizere ko kumbure yoshobora gukura mu bo i wabo ivyiyumviro bishizemwo bidatomoye, bakizera umuco ntangere w'ubutumwa bwiza. Yifuza kandi guhura n'ishengero ry'i Yerusalemu kandi akabashikiriza ingabire zarungitswe n'amashengero y'abanyamahanga barungikiye bene Data b'i Yudeya. Kandi muri uru rugendo yizera kunyw&nisha Abayuda n'abanyamahanga bakiriye ukwizera. Amaze kurangiza igikorwa ciwe i Korinto, yafashe buno nyene ingingo yo gufata ubwato agana kimwe mu bivuko vyo ku nkengera ya Palestina. Integuro zose zari zakozwe, kandi yari agira yurire ubwato, niko kubwirwa ko Abayuda bateguye kumwica. Muri kahise abo bansi b'ukwizera bari barateshejwe mu twigoro twabo twose two guhagarika igikorwa c'iyo ntumwa. Ukuroranirwa kwo kuvuga ubutumwa bwiza kwatumye Abayuda bongera gushavura. Mu bihande vyose vy'igisagara hava inkuru zivuga ko inyigisho nsha zakwiragiye zibuza Abayuda gukurikira imihango y'ivyagezwe kandi zigaha uburenganzira abanyamahanga amahirwe angana n'ayo Abayuda, yo kuba abana ba Aburahamu. Paulo mu nsiguro ziwe i Korinto, yigishije ibintu bisa n'ivyo yagerageje kwandika mu makete yiwe. Amajambo yiwe yashize ko akatuzo ngo «Aho ntihaba Umugiriki canke Umuyuda, uwakebwe canke uwutakebwe» (Ab'i Kolosayi 3:11), abansi biwe bayafashe nk’ ukurogota ku Mana gukabije, maze bafata ingingo ko ijwi ryiwe riherengetera.IN 202.5

    Amaze kugabishwa kuri ubwo bwicanyi, Paulo yahisemwo kuzimguruka aca mu nzira y'i Makedoniya. Integuro ziwe zo gushika i Yerusalemu igihe ca Pasika vyabaye ngombwa ko ayiheba, ariko yizera ko azohashika kuri Pentekote. Abajanye na Paulo na Luka ni «Sopatero w'i Beroya; n'abo i Tesalonike ni Arisitariko, na Sekundo, bo na Gayo w'i Derube, na Timoteyo, n'abo muri Asiya ni Tukiko na Tirofimo.» Paulo yari afise amahera menshi avuye mu mashengero y'abanyamahanga, yari ageneye gushikiriza bene Data barongoye igikorwa muri Yudeya; ku bwo ivyo yateguye ko abo bene Data baserukira ayo mashengero yatanze iyo mfashanyo bamuherekeza i Yerusalemu.IN 203.1

    I Filipi Paulo yarahatebeye ngo yubahirize Pasika. Luka wenyene ni we yasigaranye na we, abandi mu bari bamuherekeje bamutangira imbere i Tirowa bamurindiriraho. Abafilipi ni bo bari bafise urukimdo n'umutima utagira uburyarya kuruta abandi bose iyo ntumwa yigishije ubutumwa bwiza, kandi muri iyo misi umunani y'isabukuru, yashimishijwe no kubana na bo mu mahoro n'ubumwe.Bafashe ubwato bava i Filipi, Paulo na Luka bashikiriye i Tirowa bagenzi babo babaherekeje haheze inyuma y'imisi itanu, hanyuma bamarana imisi indwi n'abizera. baho. Ku mugoroba wa nyuma w'iyo misi bahamaze, abavandimwe «bakoranira kumanyagura imitsima.» Kubera umwigisha wabo mukundwa yategerezwa kugenda, vyatumye hakoranira abantu benshi kuruta uko bisanzwe. Bakoranira mu «cumba co mu nzu yo hejuru» ku gisenge ca gatatu. Kubera urukundo n'igishika yari abafitiye, Paulo yarasiguye ashitsa mu gicugu.IN 203.2

    Mw'idirisha rimwe ryari ryuguruye hari hicaye umusore yitwa Eyutuko. Aremerwa n'itiro ryinshi arasinzira, maze akorokera mu kibuga hasi. Ubwambere bose barakomye akaruru babura ayo bacira n'ayo bamira. Nya musore bamuyora yapfuye, maze abantu benshi begera ikiziga ciwe barira bitsa umutima. Ariko Paulo, aca hagati y'abo bantu batekewe n'ubwoba, aramugumbira, arasenga yinginga ngo Imana imusubize ubuzima. Imana yarumvise ugutakamba kwiwe. Hejuru y'induru y'amarira no gucura intimba bumvise ijwi ry'iyo ntumwa, rivuga ngo «Mureke gukoma induru, kuko ubugingo bwiwe bukiri muri we.» Abizera n'umunezero mwinshi bongera gukorana mu cumba co hejuru. Basubira kumanyagura umutsima, bararya, kandi Paulo «ayaga na bo igihe kirekire ashitsa mu macaca.»IN 204.1

    Ubwato Paulo n'abamuherekeje bategerezwa kugendamwo bwari bwegereje kugenda, maze abo bavandimwe bihutira kwurira. Ariko Paulo we, ahitamwo gufata inzira ya hafi urwo amaguru, hagati ya Tirowa na Aso, ahura n'abamuherekeje mu gisagara ca nyuma. Ibi vyamuhaye akanya ko kwiherera no gusenga. Ingorane n'akaga kajanye n'urwo rugendo rw'i Yerusalemu, inyifato y'amashengero kuri we n'igikorwa ciwe, hamwe n'uburyo amashengero yifashe, n'igishika abantu bafitiye igikorwa c'ubutumwa bwiza mu tundi turere, vyari ibintu biteye umwitwarariko n'ivyiyumviro, maze aboneraho ako karyo kadasanzwe ko kurondera Imana ngo imuhe inkomezi kandi imuyobore. Ubwo izo ngenzi zagana mu bumanuko ziva muri Aso, zaciye mu gisagara ca Efeso, aho iyo ntumwa yari yarakoreye. Paulo yari yarifuje cane kugendera amashengero yaho, kuko yari afise inyigisho n'impanuro zihambaye kuri bo. Ariko abiravye abona bibereye ko yokwihuta, kuko yifuza ngo «ni vyaba bishoboka umusi wa Pentekote uze ushike ari i Yerusalemu.» Ariko ari i Mileto, nko ku birometero mirongo ine na bitanu ngo ugere i Efeso, yumva ko bishoboka ko yoganira n'ishengero imbere y'uko ubwato bushika. Niko kwihuta kurungikira ubutumwa abakuru b'amashengero, abasaba kwihutira i Mileto, ngo abonane na bo imbere yo gukomeza urugendo. Inyishu ni uko baje, maze avugana na bo ashimitse. Ashirako amajambo y'impanuro n'ayo gusezera. Yavuze ati «Murazi ingene nabana namwe na ntaryo, uhereye umusi natanguriye gushika muri Asiya, nkorera Umwami wacu n'umutima wicishije bugufi, kandi ndira, nterwa n'ibingerageza ku bwo inama z'Abayuda. Kandi murazi yuko ata jambo ribereye nacishije i ruhande kubabwira canke kubigishiriza imbere y'abantu mu nzu no mu yindi, nshingira Abayuda n'Abagiriki intahe y'ukwihana mu nyonga z'Imana, n'ukwizera Umwami wacu Yesu Kristo.»IN 204.2

    Paulo na ntaryo yashize hejuru ivyagezwe vy'Imana. Yari yaraberetse ko ivyagezwe bidafise ubushobozi bwo gukiza abantu igihano c'ubugarariji. Abakora ibibi bategerezwa kwihana ivyaha vyabo kandi bakicisha bugufi imbere y'Imana, babereye uburake bwiwe kubera bahonyanze ivyagezwe vyiwe, kandi bategerezwa kwizera amaraso ya Kristo ko ari yo nzira yonyene bashobora kuronkeramwo ikigongwe. Umwana w'Imana yari yapfuye nk'ikimazi cabo kandi yari yaduze mw'ijuru guhagarara imbere ya Se nk'umuvugizi wabo. Ku bwo kwihana n'ukwizera bashobora gukira igihano c'ivyaha kandi biciye mu buntu bwa Kristo bashobora kuyoboka ivyagezwe vy'Imana.IN 205.1

    Paulo arakomeza ati «None raba, ngiye i Yerusalemu mboshwe mu mutima, ntazi ibizombako nshitseyo: atari uko Mpwemu Yera anshingira intahe mu gisagara cose yuko ingoyi n'ivyago bintegeyeyo. Ariko simbabaye ubuging;o bwanje nk'aho ari ubwo igiciro, kugira ngo ndangize urugendo rwanje, n'igikorwa nahawe n'Umwami Yesu, co gushingira intahe ubutumwa bwiza bw'ubuntu bw'Imana. Kandi none raba, ndazi yuko mutazosubira kubona mu maso hanje, abo naciyemwo mwese ndababwira ivy ubwami bw'Imana.»Paulo ntiyari yateguye gushinga iyi ntahe; ariko, igihe yariko aravuga, Mpwemu amuhumeka yamujeko, yemeza ubwoba bwiwe ko ubu bubaye ubwa nyuma bene Data b i Efeso bamubona. «Nico gituma mbashingira intahe uyu musi ncuna, yuko amaraso ya bose atazonkora. Kuko ntaciye i ruhande mbabwira ivyo Imana yagabiye vyose.»IN 205.2

    Nta gutinya kubakomeretsa, nta kwifuza ubucuti canke gushimwa, vyari kubuza Paulo kuvuga amajambo Imana yari yamuhaye ngo abahanure, abagabishe, canke abakosore. Imana isaba ko abasuku bayo uyu musi basigura ijambo ryayo badatinya kandi bashira mu ngiro amategeko yaryo.IN 205.3

    Umukozi wa Kristo ntasabwa gushikiriza abantu ukuri kubaryohera gusa, ngo areke ibindi vyoshobora kubababaza. Ategerezwa kwihweza neza ingene kamere yabo ikura. Iyo abonye mu mukuku w'Imana hari umuntu akuyakuya icaha, ategerezwa nk'umwungere w'umwizigirwa gutanga inyigisho ihwanye n uko bameze. Abaretse ngo babandanye inzira zabo atabagabishije, azobazwa imitima yabo. Umupasitori arangura ibanga rihambaye yahamagariwe ategerezwa guha abantu biwe inyigisho itomoye ku kintu cose kijanye n'akwizera Rukristo, abereka ico bategerezwa kuba n ico bategerezwa gukora ngo bahagarare batagira agasembwa ku musi w'urubanza rw'Imana. Uwabaye umwigisha w'ukuri w umwizigirwa ni we wenyene ku mpera y'igikorwa ciwe ashobora kuvuga nka Paulo ati «amaraso ya bose ntazonkora.»IN 205.4

    Iyo ntumwa yahanuye bene Data ati «Mwirinde ubwanyu, muzigame n'ubusho bwose Mpwemu Yera yabashizemwo, ngo mube abo kubuzezwa, kugira muragire ishengero ry'Imana iryo yaguze amaraso yayo.» Iyaba abakozi b'ubutumwa bwiza bokwamye batahura ko bajejwe abo Kristo yaguze amaraso yiwe, bobonye ko igikorwa cabo gihambaye cane. Bategerezwa kwirinda no kurinda ubusho bwabo. Akarorero kabo gategerezwa kuba icitegererezo no gushimangira inyigisho bigisha. Nk'abigisha b'inzira y'ubugingo ntibokora ikintu na kimwe cotuma ukuri kuvugwa nabi. Nk'ivyariho vya Kristo bategerezwa kugumiza hejuru icubahiro c'izina ryiwe. Mu kwitanga kwabo, ubuzima bwabo butagira agasembwa, ibiganiro vyabo vyubaha Imana, bategerezwa kwerekana ko babereye umuhamagaro wabo uhambaye.IN 206.1

    Akaga kazogeramira ishengero ry'i Efeso Paulo yaragahishuriwe. Yavuze ati, «Ndazi yuko ninamara kuhava, amabingira y'mkazi azobinjiramwo atababaye umukuku, kandi no muri mwebwe ubwanyu hazokwaduka abantu bavuga ibigoramye kugira ngo bakwegere abigishwa inyuma yabo.» Paulo yahinze agashitsi abonye muri kazoza ibitero ishengero rizoronka, bivuye ku bansi bo hagati canke bo hanze yaryo. Yabinginze ashimitse ngo birinde, bazigame ivyera babikijwe. Yabahaye akarorero abereka ibikorwa yakoreye muri bo adahumeka: Nuko mwame mugavye, mwibuke ko namaze imyaka itatu ntasiba guhanura umuntu wese ndira, ku murangono mw'ijoro.IN 206.2

    Yarabandanije ati «Kandi none mbaragije Imana n ijambo ry'ubuntu bwayo, rishobora kububaka no kubahera ibiragwa hamwe n'abejejwe bose. Nta co nipfuje, ari ifeza, ari izahabu, ari ivyambarwa vy'umuntu n'umwe.» Bamwe muri bene Data b'i Efeso bari batunze, ariko Paulo ntiyigeze abaronderako inyungu yiwe. Nti vyari mu nyigisho ziwe kwereka abantu ingorane ziwe. Yemanze ati «Aya maboko yanje yankenuranye ivyo nkeneye n'abo turi kumwe.» Hagati y'ibikorwa vyiwe biruhije n'ingendo ziwe nyinshi ku bwo igikorwa ca Kristo, ntiyashoboye kwikenura gusa, ahubwo yashoboye no gushira i ruhande ivyo gufashisha abo bikorana n'ukugarukira aboro nyakuri. Ibi yabishoboye ku bwo kwama na ntaryo aziganya. Vyari vyoroshe rero kwitangako akarorero avuga ati «Nabahaye akarorero muri vyose, yuko mu buruhe nk'ubwo, ariho mukwiye gufasha abadakomeye, no kwibuka amajambo y Umwami Yesu, ingene ubwiwe yavuze ati Gutanga kuzana umugisha kuruta guhabwa. «Amaze kuvuga atyo, arapfukama, asengera hamwe nabo bose. Bose bararira cane, bagwa Paulo mw'izosi, baramugumbira, cane cane bababajwe n'ijambo yababwiye ngo ntibazosubira kumubona mu maso. Maze baramuherekeza, bamugeza ku bwato,» Bavuduka i Mileto mu bwato «baramiriza baja i Kosi, bukeye bw'aho bafata i Rodo, bavayo bafata i Patara,» ku kiv.uko c'amaja epfo y'uburengero bwa Asiya ya Hafi, «basangaho ubwato bugira bujabuke buja i Foyinike, babutambukiramwo, baragenda.» I Tiro, aho bari bagabiye gukurira ibintu mu bwato, bahasanze abigishwa, basibirayo imisi indwi bari kumwe nabo. Biciye kuri Mpwemu Yera, abo bigishwa bavugishijwe ivyo akaga karindiriye Paulo i Yerusalemu, maze «babarira Paulo ngo yoye kuja i Yerusalemu.» Ariko iyo ntumwa ntiyemeye ko ubwoba bw'amakuba n'umunyororo bumubuza intumbero yiwe.IN 206.3

    Barangije iyo misi indwi bamaze i Tiro, abavandimwe bose, n'abagore n'abana babo bose, bajana na Paulo ku bwato, maze imbere y'uko burira ubwato, bapfukama ku musenyi barasenga, bamusengera nawe abasengera. Bakomeza urugendo bagana mu bumanuko, bashika i Kayisariyo, maze «binjira mu nzu ya Fihpo umuvuzi w'ubutumwa bwiza, n'umwe muri ba bandi indwi, baka indaro i we.» Aho Paulo yahamaze imisi y'umunezero n'amahoro-imisi ya nyuma y'umwidegemvyo yanezererewe igihe kirekire. Igihe Paulo yari agitevye i Kayisariyo, «haza uwuvugusihwa n'Imana yitwa Agabo. Adushikiriye, niko Luka avuga, «Yakira umukanda wa Paulo, awibohesha amaguru n'amaboko, aravuga, ati Uku ni ko Mpwemu Yera agize: nyene uyu mukanda, uku ni ko Abayuda bazomubohera i Yerusalemu, bazomushira mu maboko y'abanyamahanga.» Luka arabandanya ati «Maze twumvise ivyo, twebwe n'abantu baho turamwinginga ngo ntaduge i Yerusalemu.» Ariko Paulo ntiyava ku rizima. Vyari ngombwa ngo akurikire Kristo haba mw'ibohero canke mu rupfu. Arasemerera ati «Mukora ibiki, kundirira mundandura umutima? Siniteguye kuboherwa gusa i Yerusalemu, ariko no gupfirayo, ku bwo izina ry'Umwami Yesu.» Babonye ko bamuteye akababaro ariko batari buhindure intumbero yiwe, bene Data baramureka, gusa bavuga ngo «Ivyo Umwami agomba ni bibeho!»IN 207.1

    Igihe kirashika umwanya muto twahagaze i Kayisariyo urarangira, Paulo, aherekejwe na bamwe mu bigishwa, baja i Yerusalemu, imitima yabo yuzuye agahinda ku bwo ibibi biteze kzohura na vyo. Nta na rimwe iyo ntumwa yari bwigere yegera Yerusalemu ifise agahinda nk'ako. Yari azi ko azohura n'abagenzi bakeya n'abansi benshi. Yari yegereje igisagara cahakanye kandi kikica Umwana w'Imana kandi ubu cimirije gusukwako uburake bw'Imana. Yibutse ingene yari afitiye ivyiyumviro bitari vyo abigishwa ba Kristo, yumvise afitiye akagongwe bene wabo bazimiye. Ariko yari afise ivyizigiro bike cane vyo kubafasha! Bwa burake bw'impumyi bwarurumba mu mutima wiwe, ubu naho bwari burushirije kwaka mu mitima y'igihugu cose kimurwanya. Kandi ntiyashobora n'ukwitega impuhwe n'ubufasha bwa bene Data mu kwizera. Abayuda bahakanye ukwizera bari bamukurikiranye, ntibari bahengeshanije kumudodobereza i Yerusalemu, bo ubwabo canke mu makete, ku vyiwe n'igikorwa ciwe; kandi bamwe, no mu ntumwa n'abakurambere, bari bavyakiriye nk'ukuri, ntibagerageza kubivuguruza, ntiberekana n'icifuzo co kumushigikira. Ariko n'aho yacitse intege, iyo ntumwa ntiyihebuye. Yizera ko ijwi ryari ryavugiye mu mutima wiwe rizovugira mu mitima ya bene wabo, kandi ko Umwigisha abigishwa biwe bakunda kandi bakorera bazohuza imitima n'uwiwe mu gikorwa c'ubutumwa bwiza.IN 207.2

    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents