Loading...
Larger font
Smaller font
Copy
Print
Contents
Ivyakozwe N'intumwa - Contents
  • Results
  • Related
  • Featured
No results found for: "".
  • Weighted Relevancy
  • Content Sequence
  • Relevancy
  • Earliest First
  • Latest First
    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents

    Ikigabane ca 1: Umugambi W’ Imana Kw’ Ishengero Ryayo

    Ishengero ni igikoresho Imana yatoranije ngo ikize abantu. Ryashinzwe ku bw'igikorwa, kandi ico ryashiriweho ni ugutwara inkuru nziza ku baremwe bose. Uhereye mw'itanguriro yari integuro y'Imana ko biciye mw’ ishengero ryayo izokwereka isi yose ko yuzuye kandi yikwiye. Abagize ishengero, abo yahamagaye ikabakura mu mwiza kugira ngo ibazane mu muco wayo utangaje, bahamagariwe kwerekana ubwiza bwayo Ishengero ni ububiko bw'itunga ry'ubuntu bwa Kristo; kandi ikoresheje ishengero, Imana izomenyesha ubwa nyuma «abakuru n'abafise ububasha bw'ahantu ho mw'ijuru» urukundo rwayo rwose. Abanyefeso 3:10.IN 4.1

    Mu Vyanditswe huzuye amasezerano atangaje yerekeye ishengero. «Inzu yanje izokwitwa inzu yo gusengeramwo ku bantu bose.» Yesaya 56 : 7. «Nzoziha umugisha hamwe n'uturambi duherereye ku musozi wanje; kandi nzorekura imvura mu gihe cayo; hazogwa imvura ihesha umugisha.» «Nzozimereza umurima w''akataraboneka, kandi ntizizosubira kumarwa n'inzara mu gihugu, canke guteterezwa n'abanyamahanga ukundi. Maze zizomenya yuko jewe Uhoraho Imana yazo ndi kumwe nazo, kandi yukw'ar'abantu banje, ari bo ab'inzu ya Isirayeli, Nik'Umwami Uhoraho agize. Kandi namwe ntama z'icibare canje, muri abantu, nanje ndi Imana yanyu, niko Umwami Uhoraho agize.» Ezekiyeli 34:26, 29-31.IN 4.2

    «Ni mwebwe vyabona vyanje, niko Uhoraho agize, n'abasavyi banje natoranije, kugira ngo mumenye kandi munyizere, kandi mutahure ko ndi uwo ndi we : nta Mana yigeze kubumbwa hirya yanje, kandi nta yiz.oza mu nyuma. Jewe, jewe nyene ndi Uhoraho; kandi nta wundi Mukiza atari jewe. Ni jewe nabitangaje, ni jewe nakijije, ni jewe nabimenyekanishije, kandi nta yindi Mana yariho muri mwebwe: Ni co gituma ari mwebwe vyabona vyanje.» «Jewe Uhoraho naguhamagaye mu bugororotsi: nzogufata nkuzigame, ngutange ngo ubere abantu isezerano, n'abanyamahanga ubabere umuco; ngo uhumure impumyi, ngo usohore imbohe mw'ibohereo, n'abicaye mu rnwiza ngo bave mu nzu y'imbohe.» Yesaya 43 .10-12 ; 42 :6, 7.IN 4.3

    «Mu gihe co kwemererwamwo ndakwishuye, no ku musi wo gukirizwako ndagutabaye; kandi nzogukiza, ngushireho ube isezerano ry'abantu, kugira ngo usibure igihugu, utume basubizwa mw'ishamvu yabo yabaye imisaka, kandi ubwire imbohe uti ni musohoke; n'abari mu mwiza uti Ni museruke ahabona. Bazogenda barisha umwagambo ku mayira, kandi ahari uruharabuga hejuru ku misozi hazobabera ivyanya. Ntibazokwicwa n'inzara canke n'inyota, kandi indugumba ntizobahundagaza canke izuba: kuko uwabagiriye ikigongwe azobaja imbere akabashikana no ku masoko y'amazi. Kandi imisozi yanje yose nzoyihindura inzira, n'amarango yanje yose nzoyashira hejuru.... Ririmba, mwa majuru; nezerwa wa si we; turika muririmbe, mwa misozi miremire, kuko Uhoraho amaze umubabaro abantu biwe, kandi atewe akagongwe n'abahahajwe biwe. Ariko Siyoni ho haravuga, hati Uhoraho yarampevye, Umwami Imana yaranyibagiye. Mbega umugore yokwibagira umwana akiri kw'ibere, ngo yoye kugirira akagongwe ubura bwiwe ? Ni koko, abo boshobora kwibagira, ariko jeho sinoshobora kukwibagira. Ehe ngushushanije mu biganza vyanje; inzitiro zawe ndazihozako amaso.» Yesaya 49 :8-16.IN 4.4

    Ishengero ni iboma ry'Imana, igisagara cayo c'ubuhungiro, ico Imana izigama mw'isi yagararije. Ikintu cose kigurisha ishengero kiba gihemukiye uwacunguje abantu amaraso y'Umwana wayo w'ikinege. Uhereye mbere na mbere, abantu b'intahemuka bamye bagize ishengero kw'isi. Mu runganwe urw'ari rwo rwose, Umwami yamye afise abarinzi biwe, bamye bashingira intahe uruvyaro babayemwo. Aba barinzi baratanze ubutumwa bwo kugabisha; hanyuma hageze ko bashira hasi ibirwanisho vyabo, abandi nabo bakomeje igikorwa. Imana yagiriranye amasezerano n'ivyo vyabona, gutyo ifatanya ishengero ryo mw'isi n'ishengero ryo mw'ijuru. Yararungitse abamarayika bayo gukorera ishengero ryayo, kandi amarembo y'i kuzimu ntiyashoboye kunesha abantu bayo.IN 5.1

    Mu binjana vy'agahamo, indyane n'umwiza, Imana yarashigikiye ishengero ryayo. Nta gicu na kimwe cigeze kigwa kuri ryo itaciteguriye; nta nkomezi n'imwe yigeze ihaguruka kurwanya igikorwa cayo itayibonye imbere y'igihe. Vyose vyashitse nk'uko yabivuze bitaraba. Ntiyibagiye ishengero ryayo, ahubwo yanditse ibizoshika ibicishije mu majambo y'abavugishwa nayo, kandi ivyo Mpwemu wayo yahumekeye abavugishwa nayo ngo babivuge bitaraba vyarashitse. Imigambi yayo yose izoshirwa mu ngiro. Icagezwe cayo gifatanye n'intebe yayo y'ubwami, kandi nta bushdbozi bw'ikibi bushobora kugisenyura. Ukuri guhumekwa kandi kukarindwa n'Imana ; kandi kuzotsinda ikikurwanya cose.IN 5.2

    Mu myaka y'umwiza mu vya Mpwemu ishengero ry'Imana ryabaye nk'igisagara cubatswe ku musozi. Uko ibihe vyakurikiranye, uhereye ku ruvyaro ugashika ku rundi, ukuri kutagabanije kw'ijuru kwaragaragajwe mu mbibe zaryo. Naho ryogaragara nk'irinyantegenke n'iritosekaye, ishengero ni co kintu Imana yitwararitse mu buryo budasanzwe kuruta ibindi. Muri ryo niho igaragariza ubuntu bwayo, ni naho inezererwa guhishura ububasha bwayo ngo ihindure imitima.IN 5.3

    Kristo arababaza ati «Ubwami bw'Imana tubushushanye n'iki ? Canke tubusobanurishe umugani ki ?» Mariko 4 :30. Ntiyari kuronka ico yobugereranya ko. Abami b'isi bategekesha igikenye; ariko mu bwami bwa Kristo ikirwanisho cose c'umubiri, igikoresho cose co gutwaza igitugu, nta kibanza bifise. Ubwo bwami, intumbero yabwo, ni ugushira hejuru, ugukuza, n'ukwubahiriza ikiremwa muntu. Mw'ishengero harangwa ubuzima bwera, bwuzuye ingabire zitari zimwe kandi bwuzuye Mpwemu Yera. Abanywanyi baryo bategerezwa kuronkera umunezero wabo mu munezero w'abo bafasha kandi bahezagira.IN 6.1

    Igikorwa Imana yiteguye gukorera mw'ishengero ryiwe ni igikorwa gitangaje, kugira ngo izina ryayo rihabwe icubahiro. Ingereranyo y'iki gikorwa iboneka mw'iyerekwa rya Ezekiyeli ry'uruzi ruvura : «Aya mazi atembera i Burasirazuba, azomanuka mu bugaragwa, arinde ashika mu kiyaga c'umunyu: niyashika muri ico kiyaga, azokiza amazi yo muri co. Kandi aho urwo ruzi ruzoshika hose ikintu cose kizima gikunda kunyogomba mu mazi kizobona uko kibaho :...kandi ku nkombe z'urwo ruzi, hakurya no hakuno, hazomera igiti cose cama ibiribwa; ibibabi vyavyo ntaho bizokabirana, kandi n'ivyo vyama ntaho bizobura : bizohora vyera bijana n'ukwezi uko gutashe, kukw'amazi abitunga ava ahera h'urusengero: Ivyo vyama bizoba ivyo kurya, n'ibibabi vyavyo bizoba umuti wo kuvura.» Ezekiyeli 47 :8-12.IN 6.2

    Uhereye mbere na mbere Imana yakoreye mu bantu bayo ngo izanire imihezagiro isi. Biciye mu bugororotsi bwa Yosefu, ubuzima bwa burya bwoko bwose bwararinzwe. Biciye muri Daniyeli, Imana yakijije abanyabwenge bose b'i Babuloni. Kandi uku gukizwa kwose kugendereye kutubera icirwa ; kwerekana imihezagiro mu vya Mpwemu Imana yahaye isi biciye mu migenderanire yabo n'Imana Yosefu na Daniyeli basenga. Umuntu wese umutima wa Kristo ubamwo, umuntu wese azereka isi urukundo rwiwe, ni umukozi akorana n'Imana ngo abantu bose bahezagirwe. Uko ahabwa n'Umukiza ubuntu ngo abuhe abandi, mu buzima bwiwe hose hatembamwo amasoko y'ubuzima bwa Mpwemu.IN 6.3

    Imana yatoranije Isirayeli ngw'ihishurire abantu kamere yayo. Yifuza ko baba nk'amariba y'agakiza mw'isi. Bahawe ivyavugishijwe vyo mw'ijuru, uguhishurirwa kw'ubugombe bw'Imana. Mu misi ya mbere ya Isirayeli, ibihugu vy'isi yose, bivanye n'ibikorwa vy'agatituro, vyari vyaribagiye Imana. Bari barayimenye hambere aho; ariko kubera «batayubashe nk'Imana, ntibayishimire; ahubwo bagacika abiyumvira ivy'ubusa,... umutima wabo w'imburabwenge wacuze umwiza.» Abaroma 1:21.IN 6.4

    Ariko n'aho vyabaye bityo Imana ntiyabaranduye. Yigiriye umugambi wo kubaha akandi jcaryo ko kwongera kuyimenya biciye mubwoko bwayo yatoranije. Mu buryo bw'inyigisho z'imihango yo gutanga -ibimazi, Kristo yategerezwa gushirwa hejuru imbere y'amahanga yose, kandi abo bose bamwihweje bagahabwa ubugingo. Kristo yari ishimikiro ry'imihango y'Abayuda. Ibitutu n'ingereranyo vyose vyari impfunyapfunyo y'ubuhanuzi bw'inkuru nziza, uburyo bukubiyemwo amasezerano y'agakiza.IN 7.1

    Ariko Abisirayeli baribagiye amahirwe yabo atagira akagero yo kuba ivyariho vy'Imana. Baribagiye Imana ntibarangura igikorwa cabo cera. Imihezagiro baronse ntiyabereye amahanga umuhezagiro. Inyungu zabo zose bazikwegeyeko mukwihesha icubahiro. Baritandukanije n'amahanga ngo birinde ikigeragezo. Ivyo Imana yari yababujije vyo kwifatanya n'abasenga ibigirwamana ngo bibakingire imigenzo y'abapagani, babikoresheje mu kwubaka uruhome rubatandukanya bo ubwabo, mbere n'ayandi makungu. Banse gukora igikorwa Imana yari yabasavye, bongera kandi banka kuyobora abandi mu vy'idini n'akarorero k'ubugororotsi.IN 7.2

    Abaherezi n'abarongozi biboheye mu kamenyero k'umugenzo w'imihango y'idini. Banyurwa n'idini rishingiye ku vyagezwe, hanyuma ntivyashobotse ko bageza ku bandi ukuri kuzima kw'ijuru. Bibwiye ko ubugororotsi bwabo bubahagije, kandi ntibifuza ko ikintu gisha congerwa mw'idini ryabo. Ubugombe bwiza bw'Imana ku bantu ntibabwakiriye nk'ikintu kiri hanze yabo, ahubwo babufashe nk'ikintu kibabereye kubw'ibikorwa vyabo vyiza. Ukwizera gukorera mu rukundo kandi kukoza umutima ntikwashobora kuronka ikibanza, kubwo kwifatanya n'idini ry'Abafarisayo, rigizwe n'imihango n'amategeko y'abantu.IN 7.3

    Imana yavuze kuri Isirayeli iti:«Yamara nari naguteye uri umuzabibu w'ubwoko, uri urugemwe rutoretse rwose: None se wabaye ute ko wampindukiye igiti c'umuzabibu w'ikijakija w'icaduka ?» Yeremiya 2:21. «Abisirayeli bar'umuzabibu utotahaye, wama inzabibu zawo.» Hoseya 10 :1. «None rero mwa baba i Yerusalemu, namwe bagabo b'i buyuda, ndabinginze mudutature, twe n'uruzabibu rwanje. Ico nari gukorera uruzabibu rwanje ntarukoreye ni igiki ? Ko naziga ko ruzokwama inzabibu, ni iki catumye rwama ibijabija vy'inzabibu ?IN 7.4

    «None rero reka mbereke ivyo ngira ngirire uruzabibu rwanje : ngira- nkureho ururombero rwarwo, maze rwonwe ruvumburwe; kandi nsambure uruzitiro rwarwo, rucibwe iyondoyondo; kandi ndaruririke; ntiruzotuturirwa, ariko ruzomeramwo imikere n'amahwa; kandi nzobuza ibicu vyoye kurugwisha kw'imvura. Kuko uruzabibu rw'Uhoraho Nyen'ingabo ari rwo nzu ya Isirayeli, kandi a'bagabo b'i Buyuda ari bo muzabibu wamuhimbara; kandi yazigamwo imanza zibereye ariko asangamwo uguhahaza: yabazigamwo ubugororotsi ariko abasangamwo amaborogo.» Yesaya 5 :3-7. «Iyidakomeye ntimwayisindagije, n'iyirwaye ntimwayivuye, n'iyivuniste ntimwayunze, n'iyirukanywe ntimwayigarukanye, canke ngo murondere iyazimiye; ariko mwazitwaje igitugu n'amanyama. Ezekiyeli 34 :4.IN 7.5

    Abarongozi b'Abayuda biyumvira ko bafise ubwenge bwinshi ku buryo badakeneye kwigishwa, ko bagororotse cane ku buryo batokenera agakiza, ko bafise icubahiro gikomeye ku buryo batokenera icubahiro kivuye kuri Kristo. Umukiza yabateye umugongo, abitsa abandi amahirwe bakinishije n'igikorwa bafashe minenerwe. Ubwiza bw'Imana butegerezwa guhishurwa, ijambo ryayo rigashinga imizi. Ubwami bwa Kristo butegerezwa kwimikwa mw'isi. Agakiza k'Imana gategerezwa kumenyekana mu bisagara vyo mu bugaragwa; kandi abigishwa bahamagariwe gukora igikorwa abarongozi b'Abayuda bananiwe gukora.IN 8.1

    Larger font
    Smaller font
    Copy
    Print
    Contents